Yobu18

Biludadi

1Biludadi w’i Shuhi na we avuga ati:2“Mbega uzogeza ryari kuvuga ayo majambo yose?Nuvuge ibiroranye nimba ugomba kwishura.3Ni iki gituma udufata nk’ibikoko,ukabona ko turi ibijuju imbere yawe?4Wewe witabagurana uburake bwawe,wibaza ko isi ica ihebwa kubera wewe?Canke ko igitandara gica gikurwa aho kiri?
5Ni ukuri itara ry’umunyakibi rizozima,n’urubeya rwiwe ruzohagarika kwaka.6Umuco wo mu nzu yiwe uzohinduka umwijima,urumuri rumanitse mu nzu yabo ruzozima7Intambuko z’inkomezi ziwe zizopfunyapfunywa,kandi imigabo yiwe ni yo izomutsinda hasi.8Ibirenge vyiwe ni vyo bimutwara mu mutego,bikamuta mu kinogo cimbwe mu nzira.9Umutego uzomufata ku gitsintsiri,ibiziriko bimubohe bimugumye.10Umugozi wo kumufata uhishijwe mw’ivu,umutego wiwe uryamye mu nzira.11Ibimutera ubwoba bizomukanga impande zose,bizomwoma ku birenge bimwiruke inyuma.12Ivyago biramwipfuza,ugutikiza kwiteze ko atsitara.13Ingwara zishishimuye umubiri wiwe,imfura z’urupfu zimuriye amaguru n’amaboko.14Azorandurwa mu rugo rwiwe yishimiye,ahonyangwe n’umwami w’ibiteye ubwoba.15Umuriro uzokwama ku nzu yiwe,n’amazuku aturira azokwama akwiragiye aho aba.16Imizi yiwe izokwumira mu kuzimu,na yo amashami yiwe yumire mu kirere.17Izina ryiwe rizokwibagirwa kw’isi,mu gihugu nta wuzomwibuka.18Azokwirukanwa mu muco ajanwe mu mwijima,azocibwa kw’isi.19Ntazobona abana canke abuzukuru mu bwoko bwiwe,nta wuzosigara aho azoba yarabaye.20Abazova mu burengero bazotangarira ibizomushikako,abo mu buseruko bibatere guhinda agashitsi.21Bazovuga bati: ‘Ni ukuri aho ni ho mu nzu y’abanyakibi,ni co kibanza c’abataye Imana.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e