Yobu17
1Umutima wanje unshongeyemwo,imisi yanje irashize.Imva yiteze kunyakira.2Ni ukuri, abacokoranyi barankikuje,amaso yanje ntagoheka kubera urwanko rwabo.3Mburanira, ewe Mana yanje,kuko ata wundi ari ku ruhande rwanje.4Imitima yabo wayimye ugutahura,ku bw’ivyo ntiwemere ko bagira intsinzi.5Ko badodobereza bagenzi babo kubera inyungu zabo,abana babo bazicwa n’inzara.6Imana yangize iciro ry’imigani,mpinduka uwo abantu bose bacira amate mu maso.7Amaso yanje ahumishijwe n’intuntu,igikankara canje gisigaye kimeze nk’igitutu.8Abagororotsi bazobibona bumirwe,intungane zihagurukira abatubaha Imana.9Abagororotsi bazoguma mu nzira zabo,n’intungane zizokwama zongerezwa inkomezi.10Ariko mweho, nimugaruke musubire mugerageze;ariko ndazi ko ata munyabwenge nsanga muri mwebwe.11Imisi yanje irarangiye, imigambi yanje yose ikuweho.Ivyipfuzo vy’umutima wanje birapfuye.12Aba bagabo banyizeza ko ijoro ari umurango,umwijima uje bavuga ko umuco ugira ushike.13None ko ivyizigiro nsigaranye ari imva,nkaba niteze gusasa uburiri bwanje mu mwijima,14nkabwira ukubora nti: ‘Ni wewe Data,’urunyo nkarubwira nti ‘Ni wewe Mama, ni wewe mushikanje,’15none ivyizigiro vyanje biri hehe?Mbega hari uwobona na kimwe?16Ivyizigiro vyanje bizomanuka mu marembo y’i kuzimu.Nzojana na vyo mw’ivu.”
Biblica, Inc.