Yobu16

Yobu

1Maze Yobu asubizayo ati:2“Ibintu nk’ivyo nari maze kwumva ni vyinshi,kandi mwese muri abakene mu vyo gutera intege!3Mbega amajambo yanyu asunitswe n’umuyaga ntagira iherezo?Hari ico navuze catumye muvuga urudaca?4Erega nanje nari gushobora kuvuga nkamwe,iyo muba mwari mu kibanza canje.Nari kuvuga amajambo anoboye neza,nkabazungagiriza umutwe nitwengera.5Ariko jeho amajambo yanje yobateye intege,akanwa kanje kotumye muruhuka mu mitima yanyu.
6Ariko ubu naho nogerageza kuvuga, umubabaro wanje ungumamwo.Kandi naho nonuma, nta co biri bumfashe.7Ni ukuri, Mana urankenyaguye,umariyeko abanje bose.8Wanteye iminkanyari, kandi nsigara ku magufa gusa;ukuzingama kwanje kunyagiriza imbonankubone.9Imana yaranteye itabagura umubiri wanje.Yarangwanije indira imisaya,intobekeranisha igitsure cayo.10Abantu na bo buguruye akanwa kabo baritwengera;bankubita kw’itama bancokora,bariyegeranya kugira ngo bangwanye.11Imana yandekuriye mu maboko y’abanyavyaha,yantereye mu maboko y’abanyakibi.12Nari nimererewe neza,maze irankenyagura.Yamfashe kw’izosi, imvunagura ata kigongwe,intumberezako imyampi yayo.13Abarashi bayo banciye irya n’ino,intobekeranya mu mafyigo ata kigongwe,amara yanje asanzara hasi.14Intobagura ahantu hose,ikantera imeze nk’umugwanyi.
15Nishoneye amagunira ku mubiri,hanyuma ndihamba mu mukungugu.16Amaso yanje atukujwe n’ukurira,kandi umwijima utwikiriye ingohe zanje.17Ariko nta kibi amaboko yanje yakoze,kandi isengesho ryanje riratunganye.
18Ewe wa si we, ntumire amaraso yanje;ukurira kwanje kuzokwame kwumvikana ibihe vyose.19Mbere kugeza n’ubu icabona canje kiri mw’ijuru;uwumburanira ashizwe hejuru.20Abagenzi banje ni bo bancokora,ariko amarira yanje ndayasukira Imana.21Mbega hari umuhuza yoja hagati y’umuntu n’Imana,nka kurya umuntu aja hagati y’umuntu n’uwundi?
22Kuko imyaka y’ukubaho kwanje igiye guhera,mfate inzira y’ubutakigaruka.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e