Yobu15

Elifazi

1Elifazi w’i Temani na we arishura ati:2“Mbega umunyabwenge yokwishura n’amajambo y’ubujuju,akavuga nk’uwuzuye umuyaga wo mu buseruko?3Mbega yoburanisha amajambo atagira insiguro,canke amajambo atagira agaciro?4Mbega nturuha utinya Imanacanke ngo uhinde agashitsi imbere yayo?5Ivyaha vyawe ni vyo bisunika akanwa kawe,amajambo yawe ashingiye ku bugunge gusa.6Akanwa kawe ni ko kagutsindisha, si akanje.Iminwa yawe ni yo ikwagiriza.
7Mbega ni wewe muntu wabayeho ubwa mbere?Mbega watanze imisozi kuremwa?8Mbega warigeze wumva inama zihishijwe z’Imana?Canke ubwenge bw’Imana ni wewe ubwiharije?9Mbega uzi iki tutazi?Ugutahura ufise tudafise ni ukuhe?10Abatama bameze imvi bari ku ruhande rwacu,ndetse n’abashaje kurusha so wawe.11Mbega ntuhagijwe no kuremeshwa n’Imana,canke n’amajambo yiyoroheje yakubwiye?12Ni igiki cagutwaye ubwenge?Ni igiki gitumye udukanurira amaso,13ugahindukirira kugwanya Imana,akanwa kawe kakavuga amajambo mabi nk’ayo?
14Mbega umuntu buntu arashobora kuba uwera?Uwavyawe n’umugore arashobora kugororoka?15Nimba Imana itizigira n’abamarayika bayo,n’amajuru akaba atera imbere yayo,16ku muntu buntu, yanduye kandi yononekaye!Ku muntu akora ibibi nk’uwunywa amazi, we birarengeje!
17Nyumviriza ndagusigurire neza;ntega amatwi ndakwiganire ivyo nabonye,18ivyemejwe n’abagenze bakabona,abakurambere bavyiganiwe na ba sekuruza babo,19abahawe igihugu kera cane,ata bandi banyamahanga barakibamwo.20Umunyavyaha yama ababazwa ibihe vyose,gushika imyaka yamushiriweho yo kubabazwa ikwiye.21Amajwi y’ibiteye ubwoba yama mu matwi yiwe,abambuzi bakamutera mu gihe c’impore.22Ntiyubahuka kuja hanze mw’ijoro,kuko afise ikimenyetso c’uwicwa.23Ayerera arondera ivyokurya, avuga ati: ‘Ndabikura he?’Kuko azi ko umusi w’umwijima umwegereje.24Amagorwa n’imibabaro bimwuzuza ubwoba,bimurengera nk’umwami yitegurira kugwanya abamutera,25kuko yaforeye ingumu Imana,akigira uwuhambaye imbere y’Iyishoboravyose,26mu kwibona akaja kugwanya Imana,yikingirije inkinzo yiwe, yitwaje n’inkota.
27Naho uwo muntu atagase mu maso,akagira ibinyonyori ku mafyinga,28azoba mu bisagara vyasambutse,mu mazu yatawe,asigaje gato agahomvagurika.29Ntazokwama atunze, ubutunzi bwiwe ntibuzoramba,kandi ivyo afise ntibizokwira mu gihugu cose.30Ntazigera ava mu mwijima;iminago yiwe izobaburwa n’imbeya,kandi impwemu zo mu kanwa k’Imana zizomugurura.31Ntakibeshe mu kwizigira ibitagira ikimazi,kuko ata nyungu azobironkamwo.32Ivyo bizoba imbere yuko apfakandi amashami yiwe ntazoshurika.33Azoba nk’uruzabibu rwakuweko ibitumbwe vyarwo,canke imyelayo ihungurura amashurwe yayo yose.34Igihari c’abatubaha Imana kizoba ingumba,kandi umuriro uzotongora inzu y’abakunda ibiturire.35Basama inda z’imigumuko bakavyara ibibi;inda zabo zihingura ubugunge.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e