Yobu14

1Umuntu wese yavyawe n’umugore, afise ubuzima bugufi,kandi bwuzuyemwo amagorwa.2Ashurika nk’ishurwe, hanyuma akuma,arengana kurya kw’igitutu, ntaramba.3None wewe urashinga ijisho umuntu nk’uyo?Umuntu nk’uyo womushira imbere y’intahe?4Ni nde yoshobora gukura ikintu cejejwe mu gihumanye?Nta n’umwe!5Imisi y’ukubaho kw’umuntu warayiharuye,washinze imisi n’amezi azobaho,umushingira umusi atazorengana.6Ehe reka kumushinga ijisho, arabe ko yoruhuka,mukureko igitsure cawe,maze arangize ubuzima bwiwe nk’umukozi arangije akazi yahawe.
7Njanye n’igiti coco: iyo giciwe, haba hariho ivyizigiro vyo gusubira kunaga,kandi iminago yaco ntibura.8Naho imizi yaco yosazira mu kuzimu,igishitsi caco kikaborera mw’ivu,9iyo cegereye amazi kiranaga,iminago yaco ikaba nk’imivyaro yatewe.10Ariko iyo umuntu apfuye, atakaza inkomezi ziwe zose.Aracikana bikaba biheze.11Nk’uko amazi akama mu kiyaga,inzuzi zikaburamwo n’ima zikagaduka,12ni ko umuntu aryama ntiyikangure,gushika aho amajuru azokurirwaho.Ntazigera ava muri iryo tiro.
13Ese icompa ukanyegeza mu mva,ukampisha gushika uburake bwawe buheze.Icompa ukanshingira igihe,maze kigeze ukanyibuka!14Umuntu apfuye, mbega yosubira kubaho?Aho, nokwihanganiye imiruho ndimwo,nkarindira igihe canje co kwiyubura.15Wompamagaye nanje nkakwitaba,wokwiteganye igishika kumbona jewe gikorwa c’amaboko yawe.16Aho ndazi ko wokwihweje intambuko zanje,utiriwe urandika ivyaha vyanje.17Ibicumuro vyanje vyotekewe mu mufuko,ugapfuka ukugabitanya kwanje.
18Ariko nk’uko umusozi usenyuka,kandi nk’uko igitandara gikurwa aho kiri,19amazi agakorogoshora amabuye,isuri igatembana umukungugu wo kw’isi,ni ko ukuraho ivyizigiro vy’umuntu.20Ubamara inkomezi uko umusi uje, gushika bagiye ubutakigaruka.Uhinduranya mu maso habo, ukabarungika bakagenda.21Iyo abana babo bahawe icubahiro, nta vyo bamenya,iyo ababakomokako bacishijwe bugufi, nta vyo babona.22Nta kindi bumva atari imibabaro yo mu mibiri yabo,hamwe n’ikigandaro bigandarira ubwabo.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e