Yeremiya50

Ubutumwa kuri Babiloni

1Iri ni ijambo Uhoraho yavugiye mu kanwa k’uwo yavugisha Yeremiya ryerekeye Babiloni n’igihugu c’Abanyababiloni:2“Menyesha kandi wamamaze mu mahanga yose,duza ibendera kandi uvyamamaze,ntihagire ico usiga, ariko uvuge uti:‘Babiloni hazofatwa,Beli hazomaramazwa,Mariduki huzure ubwoba.Ibishushanyo vyaho bizomaramazwan’ibigirwamana vyaho bije mu gatengo.3Ihanga riturutse mu buraruko rizohaterarisige igihugu ari amatongo.Nta muntu n’umwe azoba akihaba;abantu n’ibikoko bizohahunga vyose.’
4Muri iyo misi, kandi muri ico gihe, ni ko Uhoraho avuze,abantu b’i Bwisirayeli n’abantu b’i Buyuda bose hamwebazogenda barira baja kurondera Uhoraho Imana yabo.5Bazobaririkiza inzira ija i Siyonimaze bayihindukirire bayijane.Bazoza bunamire Uhorahobari mw’isezerano ritazoshiraritazokwigera ryibagirwa.
6Abantu banje babaye intama zizimiye,abungere babo barabazimijebatuma bangarira ku misozi.Bangariye ku misozi no ku mirambibibagira uburuhukiro bwabo.7Uwababonye wese yarabashihaguye;abansi babo baravuze bati: ‘Nta caha twagirizwa,kuko bacumuye k’Uhoraho, uburuhukiro bwabo bw’ukuri,Uhoraho ivyizigiro vya ba sekuruza.’
8Nimuhunge muve i Babiloni;nimuve mu gihugu c’Abanyababiloni,maze mumere nk’impene zirongora umukuku.9Kuko nzovyura kandi ngateza Babiloniamahanga ahambaye yishize hamwe aturutse mu gihugu co mu buraruko.Bazobundira kuhatera,kandi hazofatwa n’abaturutse mu buraruko.Imyampi yabo izoba imeze nk’abahizi b’abahingabadasubira inyuma imbokoboko.10Nuko Babiloni hazonyagwa;abazobanyaga bose bazokwegeranya buzuze,ni ko Uhoraho avuze.
11Kubera ko munezerewe kandi muhimbawe,mwebwe mwanyaze ishamvu yanje,kubera ko mwikina amatavu nk’inyana mu bwatsi butotahayekandi muvuza akamo nk’amafarasi;12nyoko azoteterwa;uwakwibarutse azoterwa n’isoni.Azoba uwo hanyuma mu mahanga,ubugaragwa, igihugu cumye, n’ubweranyange.13Kubera uburake bw’Uhoraho, nta wuzoshobora kuhaba,ariko hazoba ari agahinga gusa.Abazoca i Babiloni bose bazofatwa n’ubwoba kandi bazokwitwengerakubera ibikomere vyaho.
14Nimukikuze Babiloni,yemwe mwese mufoye imiheto.Nimuharase! Ntimuziganye imyampi,kuko hacumuye k’Uhoraho.15Nimuhahe akamo ku mpande zose!Haratanze imihoho, iminara yaho iraguye,inzitiro zaho zihomvokeye hasi.Kubera ko ari uguhora kw’Uhoraho,nimuhihore;nimuhakorere nk’uko hakoreye abandi.16Nimukure i Babiloni uwubiba imbuto,n’uwukoresha umuhoro mu gihe c’iyimbura.Kubera inkota y’uwucinyizaumuntu wese nasubire mu bwoko bwiwe,umuntu wese nahungire mu gihugu ciwe.
17Isirayeli ni umukuku wasanzayeuwo intambwe zahize.Uwa mbere yawushihaguyeni umwami w’i Ashuri;uwa nyuma yawuvunaguye amagufani Nebukadineza umwami w’i Babiloni.”
18Nuko uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze:“Nzohana umwami w’i Babiloni n’igihugu ciwenk’uko nahanye umwami w’i Ashuri.19Ariko nzogarukana Isirayeli mu buragiro bwiweazorisha kuri Karumeli n’i Bashani;azoshira inzaraari ku misozi ya Efurayimu n’i Gileyadi.20Muri iyo misi, muri ico gihe,” ni ko Uhoraho avuze,“bazorondera ivyo gutsindisha Isirayeli,ariko ntihazoboneka na kimwe,barondere n’ivyaha vya Yuda,ariko nta na kimwe kizoboneka,kuko nzoharira amasigarira nzoziguriza.
21Nimutere igihugu ca Meratayimun’ababa i Pekodi.Nimubakurikire, mubice kandi mubaherengeteze,”ni ko Uhoraho avuze.Nimukore ivyo nabageze vyose.22Akaruru k’intambara kari mu gihugu,ijwi ryo gusambuka gukomeye!23Mbega ukuntu isambutse igacika ubunywenyeya nyundo yahonda isi yose!Ese ukuntu Babiloni habaye amatongomu yandi mahanga!24Naguteze umutego, yewe Babiloni,maze ufatwa utarabimenya;bagusanzeho baragufatakuko wagwanije Uhoraho.25Uhoraho yuguruye ububiko bwiwe bw’ibigwanisho,asohora ibigwanisho vy’uburake bwiwe,kuko Uhoraho Mushoboravyose afise ico ashaka gukoramu gihugu c’Abanyababiloni.26Nimuze kumugwanya muvuye kure.Nimumene ibigega vyiwe;nimuharundanye nk’ibigunguzi vy’imiganda y’ingano.Nimuhasangangurentimuhasige n’umwe w’amasigarira.27Nimwice amashuri yaho yose;nibamanuke baje ku macuniro!Baragowe! Kuko umusi wabo ushitse,igihe cabo co guhanwa.28Nimwumvirize abahunga hamwe n’impunzi zivuye i Babilonibavugira i Siyoniingene Uhoraho Imana yacu yahoye,ahora Ingoro yiwe.
29“Tumako abanyamiheto baze kugwanya Babiloni,abo bose bitwaje imiheto.Nimuhakikuze;ntihagire uwubacika.Nimuhasubirize mu nkoko ivyo hakoze;nimuhakorere nk’ivyo hakoze.Kuko hagararije Uhoraho,Uwera wa Isirayeli.30Ni co gituma, abasore baho bazogwa mu mabarabara;abasoda baho bose bazozibwa akanwa kuri uwo musi,”ni ko Uhoraho avuze.31“Ehe, ndakugwanya, wa munyabwibone we,”ni ko Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, avuze,“kuko umusi wawe ushitse,igihe cawe co guhanwa.32Uwibona azotsitara agwe hasikandi nta wuzomuvyura.Nzodomeka umuriro mu bisagara vyahouzotongora ahantu hose hahakikije.”
33Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Abisirayeli baracinyijwe,n’Abayuda ni uko nyene.Ababafashe mpiri bose barabagumije,banse kubarekura.34Ariko umucunguzi wabo arakomeye;Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.Azobagwanira bikomeyekugira ngo ahe akaruhuko igihugu cabo,ariko azobuza uburagamo ababa i Babiloni.
35Inkota ije kugwanya Abanyababiloni!”ni ko Uhoraho avuze,kugwanya ababa i Babilonino kugwanya abaganwa baho n’abanyabwenge baho!36Inkota ije kugwanya abavugishwa baho b’ibinyoma!Bazoba ibipfu.Inkota ije kugwanya abahizi baho!Bazofatwa n’ubwoba.37Inkota ije kugwanya amafarasi n’imikogote yahon’abanyamahanga bivanze na bo!Bazohinduka abanyantegenke.Inkota ije kugwanya ubutunzi bwaho!Buzonyagwa.38Uruzuba ruziye amazi yaho!Azokama.Kuko ari igihugu c’ibigirwamana,ibigirwamana bizogwara mu mutwe kubera ibiteye ubwoba.
39Ni co gituma ibikoko vyo mu bugaragwa n’imfyisi bizokwiberaho,n’ibinyoni vyitwa otirishe bizohagira inzu yavyo.Ntihazosubira kuba abantucanke ngo bahabe uhereye ku runganwe ugashika ku rundi.40Nk’uko nasambuye Sodomu na Gomorahamwe n’ibisagara vyari bihakikije,ni ko Uhoraho ivuze,ni ko ata muntu n’umwe azosubira kuhaba;nta bantu bazosubira kukibamwo.
41Raba! Ingabo ziraje zivuye mu gihugu co mu buraruko;ihanga rikomeye n’abami benshibarahagurutse bavuye ku mpera z’isi.42Bitwaje imiheto n’amacumu;bateye ubwoba kandi ni ba ruburakigongwe.Akamo kabo, bariko bariruka ku mafarasi yabo,ni nk’ukubomborana kw’ikiyaga gisuriranya.Baje kurya kw’abagabo bariko barimenyereza intambarango bagutere, yewe mukobwa w’i Babiloni.43Umwami w’i Babiloni yumvise inkuru zabo,amaboko yiwe yaciye acika inkokora.Umubabaro uramufata,umubabaro nk’urya w’umugore ariko aravyara.44Nk’uko intare iduga iva mu bibundo vya Yorodaniije gutera mu buragiro butotahaye,ni ko nzokwirukana ab’i Babiloni ndabakure mu gihugu cabo mu kanya isase.Ni nde yatoranijwe nzotuma kunkorera ivyo?Ni nde ameze nkanje kandi ni nde yompangara?Kandi ni uwuhe mwungere yoza kumpagarara imbere?
45Nuko rero, nimwumve umugambi Uhoraho yateguye wo kugwanya Babiloni,n’imigabo yagize yo kugwanya igihugu c’Abanyababiloni:Imyagazi yo mu mikuku izojanwa;uburagiro bwabo buzoherengetezwa nk’uko vyashinzwe kuri bo.46Isi niyumva urwamo rw’ugufatwa kwa Babiloni izojugumira;ijwi ry’amaborogo yaho rizosamirana mu mahanga.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e