Yeremiya51
1Uku ni ko Uhoraho avuze:“Raba, nzokabura impwemu y’uwuhonyango atere Babiloni n’abantu b’i Lebi Kamayi.2Nzotuma abanyamahanga kuri Babiloningo bahagosore kandi batabagure igihugu caho;bazohatera baturutse ku mpande zoseku musi w’ivyago vyaho.3Ntimureke umurashi ngo afore umuheto wiwe,canke ngo mumwemerere kwambara ibigwanisho vyiwe.Ntimuzigurize abasore baho;nimusangangure ingabo zaho.4Bazogwa basogoswe inkota i Babiloni,bazokomereka uruguma rwo kubica bari mu mabarabara yaho.5Kuko Isirayeli na Yuda batahebwen’Imana yabo, Uhoraho Mushoboravyose,naho igihugu cabo cuzuye ivyahamu nyonga z’Uwera w’Abisirayeli.6Nimuhunge muve i Babiloni!Nimwiruke mukize amagara yanyu!Ntimupfe muzize ivyaha vyaho.Ni igihe co guhora kw’Uhoraho;azohasubiriza mu nkoko ibihakwiye.7Babiloni hari hameze nk’igikombe c’inzahabu mu kiganza c’Uhoraho;haboreje isi yose.Amahanga yaborewe umuvinyu waho;ni co gituma yataye umutwe.8Babiloni hazogwa giturumbuka kandi hazomenagurika.Nimuhaborogere!Nimuharonderere umuti wo kuhatimbura;kumbure hokira.9Twari kuvura Babiloni,ariko ntihashobora kuvurwa;reka tuhave umwe wese yigire mu gihugu ciwe,kuko amateka yaho yashikiriye ibicu,kandi akaba yaduze agashikira amajuru.10Uhoraho araduhoye;nimuze tuvugire i Siyoniivyo Uhoraho Imana yacu yakoze.11Nimusongore imyampi yanyu,muhitane inkinzo zanyu!Uhoraho yakabuye abami b’Abamedi,kuko umugambi wiwe ari uwo kurandura Babiloni.Uhoraho azohora,azohorera Ingoro yiwe.12Nimuduze ibendera ryo kugwanya inzitiro z’i Babiloni!Ongereza abarinzi,shiraho abateramyi,nimutegure imitego!Uhoraho azoshitsa umugambi wiwe,ivyo yategetse ku bantu b’i Babiloni.13Wewe uba i ruhande y’amazi menshikandi ufise ubutunzi bwinshi,iherezo ryawe rirashitse,n’igihe cawe co kugesezwa.14Uhoraho Mushoboravyose yirahiye ati:Nzokwuzuzamwo ingabo zimeze kurya kw’inzige,kandi zizokwiha akamo ko kukunesha.15Yaremye isi mu bushobozi bwayo;iremesha isi ubwenge bwayo,yagura amajuru mu gutahura kwayo.16Iyo ituragaye, amazi yo hejuru aca abomborana;ituma ibicu biduga biva ku mpera z’isi.Irungika umuravyo n’imvura,igasohora umuyaga iwukuye mu bubiko bwayo.17Umuntu wese ni ikijuju nta bwenge agira,umucuzi w’inzahabu wese naterwe isoni n’ibigirwamana vyiwe.Kuko ibishushanyo vyiwe ari ibinyoma gusa;nta mpwemu y’ubuzima iri muri vyo.18Nta co bimaze, ni ivyo gukengerwa gusa;igihe c’urubanza rwavyo nicashika, bizohona.19Ariko wa wundi, we mugabane wa Yakobo, ntameze nka vyo,kuko ari Umuremyi w’ibintu vyose,harimwo n’abantu yagize inyegu yiwe.Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.20Wambereye inkota,n’ikigwanisho c’intambara,ni wewe nasanganguje amahanga,ni wewe nasambuje ubwami,21ni wewe nasanganguje ifarasi n’uwuyigenderako,ni wewe nasanganguje umukogote n’uwuwutwara;22ni wewe natabaguje umugabo n’umugore,ni wewe natabaguje umutama n’umusore,ni wewe natabaguje umusore n’inkumi,23ni wewe natabaguje umwungere n’umukuku,ni wewe natabaguje umurimyi n’inka zirima,ni wewe natabaguje abarongozi n’abatware.24Imbere y’amaso yanyu nzosubiriza mu nkoko Babiloni n’ababa mu Bukaludaya bose ibibi bakoze i Siyoni, ni ko Uhoraho avuze.25Mfise ico dupfa nawe, yewe wa musozi uhonya,wewe uhonya isi yose,ni ko Uhoraho avuze.Nzogororera ukuboko kwanje kukugwanya,nzogutembagaza ndagukuye hejuru y’ibitandara,ndaguhindure nk’umusozi waturiwe.26Nta buye na rimwe rizokurwa kuri wewe ngo ribe irigumya imfuruka,canke ibuye na rimwe ryo kwubaka itanguriro,kuko uzoba uri nk’ubugaragwa ibihe vyose, ni ko Uhoraho avuze.27Nimuduze ibendera mu gihugu!Nimuvuze inzamba mu mahanga yose!Nimutegure amahanga aje kuhagwanya;tumako ubu bwami buze kuhagwanya:Ararati, Mini na Ashikenazi.Nimushinge umukuru w’ingabo aze kuhatera;nimurungike amafarasi ameze nk’igitero c’inzige.28Nimutegurire amahanga intambara yo kuhagwanya,abami b’Abamedi,abategetsi babo n’abatware babo bose,n’ibihugu vyose baganza.29Igihugu kirajugumira kandi cuzuye ubwoba,kuko imigambi yo kukigwanya Uhoraho yakigeneye itazohinduka,kugira ngo Babiloni hasigare ari agahinga,ata muntu n’umwe agishobora kuhaba.30Abahizi b’i Babiloni baretse kugwana;bagumye mu bibundo bikomeye vyabo.Inkomezi zabo zaheze;babaye nk’abagore.Amazu yaho yadometswe n’umuriro;ibihindizo vyo ku marembo yaho vyavunaguwe.31Abazanye inkuru barakurakuranwaumwe akurikira uwundingo bamenyeshe umwami w’i Babiloniko igisagara caho cose cafashwe,32amajabukiro y’uruzi yafashwe,inkombe z’uruzi zaturiwe,abasoda batekewe n’ubwoba.”33Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze:“Umukobwa w’i Babiloni ameze nk’imbuga yo kugosorerako inganomu gihe co kuyisiribanga;igihe co kuhimbura kigira gishike.”34“Nebukadineza umwami w’i Babiloni yaradushihaguye,yadutaye mu kuzazanirwa,yaduhinduye nk’umubindi ugaragara.Nk’uko inzoka imira miyonzwa, ni ko yatumize ataduhekenyeyujuje inda yiwe ivyiza vyacu,maze adushiburira hanze.35Icoduha ubwicanyi bwabaye kuri twebwe bugashika kuri Babiloni,”ni ko ababa i Siyoni bavuga.“Ese amaraso yacu yoba ku baba i Babiloni,”ni ko Yerusalemu bavuga.36Nuko rero, uku ni ko Uhoraho avuze:“Raba, nzobaburanirakandi nzobahora;nzokamya ikiyaga cabon’amasoko yaho nzoyakamya.37Babiloni hazoba imisaka,ahaba imbwebwe,akabarore n’aho gucokorwa,ahantu ata muntu akihaba.38Abantu baho baroha nk’imikangara y’intambwe,bivuga nk’ivyana vy’intambwe bikiri bito.39Ariko aho bamaze kururumba,nzobategurira umusi mukurundababoreze,kugira ngo bashire urwamo hejuru batwenga,hanyuma bazosinzira ubutikoma ibihe vyose,”ni ko Uhoraho avuze.40Nzobamanukanank’imyagazi y’intama ijanwa kwicwa,nk’impfizi z’intama n’impene.41Ese ukuntu Sheshaki hazofatwa,ukwirata kw’isi yose kurafashwe!Ese ukuntu Babiloni hazoba akabaroremu mahanga yose!42Ikiyaga kizohagurukira Babiloni;imipfunda yaco ibomborana izohatwikira.43Ibisagara vyaho bizocika ubweranyange,isi yumye y’ubugaragwa,igihugu ata n’umwe akibamwo,ata muntu n’umwe agicamwo.44Nzohana Beli h’i Babiloninzotuma hadahwa ivyo hamize.Amahanga ntazosubira kuhirukira.Kandi inzitiro z’i Babiloni zizosenyuka.45Nimusohoke muveyo, yemwe bantu banje!Nimuhunge mukize amagara yanyu!Nimuhunge uburake bw’inkazi bw’Uhoraho.46Ntimuzocike intege canke ngo mugire ubwobaaho muzokwumvira ibihuha mu gihugu;igihuha kimwe kiza uwu mwaka, ikindi mu mwaka uza,ibihuha vy’ubwicanyi mu gihugun’ivy’uwuganza agwanya uwundi.47Kuko igihe kizogera vy’ukuriaho nzohana ibigirwamana vy’i Babiloni,igihugu caho cose kizoteterwa,kandi abishwe baho bazorambarara mu mabarabara.48Maze ijuru n’isi n’ibiri muri vyo vyosebizovuza akamo k’umunezero ku bwa Babiloni,kuko mu burarukoni ho hazova abahonya bo kuhatera,ni ko Uhoraho avuze.49I Babiloni hazofatwa mpiri kubera ubwicanyi bakoze mu Bisirayeli,n’ubwo bakoze mw’isi yoseni ko bizomera no kuri Babiloni.50Wewe wakize inkota,va ngaha ntutebagane!Wibuke Uhoraho uri mu gihugu ca kure,kandi wiyumvire kuri Yerusalemu.51Turateterewe,kuko twaratutsweisoni ziratwishe,kuko abanyamahanga binjiyeahera h’Ingoro y’Uhoraho.52Ariko imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze,aho nzohana ibigirwamana vyaho,kandi mu gihugu coseabakomeretse bazoboroga.53Naho Babiloni hoshika kw’ijuruhagakomeza inzitiro zaho,nzorungika abo kuhasambura,ni ko Uhoraho avuze.54Ijwi ry’ugutaka rije riva i Babiloni,ijwi ry’ugutikiza gukomeyeriva mu gihugu c’Abanyababiloni.55Uhoraho azosambura i Babiloni;azozivya akanwa kavuza urwamo.Imipfunda y’abansi izosuriranya nk’amazi menshi;ugusuriranya kwayo kuzokwumvikana.56Uwutikiza azoza ku bwa Babiloni;abahizi baho bazofatwa mpiri,n’imiheto yabo izovunagurwa.Kuko Uhoraho ari Imana ihora;azobasubiriza mu nkoko ibihwanye n’ivyo bakoze.57Nzoboreza abatware n’abanyabwenge baho,abatware baho, abakuru n’abagwanyi baho na bo;bazosinzira ubutikoma ibihe bidashira,ni ko Umwami, izina ryiwe ni Uhoraho Mushoboravyose, avuze.58Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Uruzitiro rw’intimba nini rw’i Babiloni ruzosamburwa rwosen’amarembo yaho maremare azoturirwa.Abantu biruhiriza ubusa,ubutame bw’amahanga buzoba ibitoro vy’imbeya z’umuriro.”59Ubu ni bwo butumwa Yeremiya yahaye umukuru w’abakozi Seraya mwene Neriya, mwene Mahaseya, igihe yaja i Babiloni ari kumwe na Zedekiya umwami w’i Buyuda mu mwaka ugira kane ari ku ngoma.60Yeremiya yari yanditse igitabu kirimwo ivyago bizoshika kuri Babiloni, ivyari vyaranditswe vyerekeye Babiloni.61Abwira Seraya ati: “Niwashika i Babiloni, uze witwararike gusomerayo aya majambo yose n’ijwi rirenga.62Maze uze uvuge uti: ‘Yewe Uhoraho, waravuze ko uzosangangura aha hantu, ku buryo ata muntu canke igikoko kizoshobora kuhaba; hazoba agahinga ibihe vyose.’63Maze niwaheza gusoma iki gitabu, uze ugihambirireko ibuye maze ugiterere mu ruzi Efurate.64Hanyuma uvuge uti: ‘Uko ni ko Babiloni hazonyika ubutakigaruka kubera ivyago nzohateza, kandi abantu baho bazohona.’ ”
Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.
Amajambo ya Yeremiya agarukiye aha.
Biblica, Inc.