Yeremiya49

Ubutumwa kuri Amoni

1Ku vyerekeye Abamoni:
Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Mbega Abisirayeli ntibari bafise abahungu?Mbega ntibari bafise abo kuraga?None ni kuki Moleki yigaruriye intara ya Gadi?Ni kuki abantu biwe baba mu bisagara vyaho?
2Ariko, imisi iraje, ni ko Uhoraho avuze,aho nzovuza inzamba y’urugambarwo kugwanya i Raba ho mu Bamoni;hazohinduka ikigunguzi c’isakamburira,kandi n’imihana ihakikuje izotongozwa umuriro.Maze Abisirayeli bazosohoraabigeze kubasohora hanze,ni ko Uhoraho avuze.3Boroga, yewe Heshiboni, kuko Hayi hasanganguwe!Nimurire cane, yemwe bantu muba i Raba!Nimwambare amagunira mugandare;nimwiruke irya n’ino muri mu nzitiro;kuko Moleki izojanwa ari inyagano,hamwe n’abaherezi bayo n’abatware bayo.4Ni kuki mwishimira ibiyaya vyanyu,mukishimira ibiyaya vyanyu vyimbuka?Mukobwa Amoni utizigirwa,wizigira ubutunzi bwawe maze ukavuga ngo:‘Ni nde yoza kungwanya?’5Nzoguteza ibiteye ubwobabivuye mu mpande zose,ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.Umwe wese muri mwebwe azojanwa,kandi nta n’umwe azokwegeranya abahunze.
6Ariko, naho biri uko, nzosubira kwubaka Abamoni,ni ko Uhoraho avuze.”

Ubutumwa ku Banyedomu

7Ku vyerekeye Edomu:
uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:
“Mbega nta bwenge bukiri i Temani?Mbega inama nziza yarahonye mu banyabwenge?Mbega ubwenge bwabo bwaguye ingese?
8Hindukira uhunge, wihishe mu binogo birebire,wewe uba i Dedani,kuko nzozana icago kuri Esawuaho nzomuhanira.9Abimbuzi b’inzabibu baje kwimbura mw’itongo iwawe,mbega ntibasigaza dukeya?Ibisuma biguteye mw’ijoro,mbega ntivyokwiba ivyo bikeneye vyose?10Ariko jewe nzosiga Esawu ari gusa;nzokwerekana ibibanza yinyegezamwo,kandi ntazosubira kuronka aho yihisha.Abana biwe bazohona,hamwe n’abavukanyi biwe n’ababanyi biwekandi ntazokwongera kubaho.11Siga impfuvyi zawe; nzokingira ubugingo bwazo.Kandi n’abapfakazi banyu bakwiye kunyizigira.”
12Uku ni ko Uhoraho avuze: “Nimba abatari bakwiye kunywa ku gikombe bategerezwa kukinywako, ni kuki mwogenda mudahanywe? Ntimuzogenda mudahanywe, ariko muzotegerezwa kukinywako.13Indahiro ni jewe nyene,” ni ko Uhoraho avuze: “I Bozira hazohinduka umusaka kandi hazoba akabarore, n’aho kuvuzako agahwa no kuvumwa; kandi n’ibisagara vyaho bizoba imisaka ibihe bidashira.”14Numvise inkuru ivuye k’Uhorahokandi intumwa yatumwe ku mahanga kuyabwira iti:“Nimwegerane muhatere!Nimuhaguruke muje mu ntambara!”
15“Ubu, ngiye kukugira muto mu yandi mahanga,ube inkengerwa mu bantu bose.16Gutera abantu ubwoba hamwen’ubwibone bw’umutima wawe vyaraguhenze;wewe wibera mu myobo yo mu bitandara,ukagerera mu mataba y’imisozi miremire.Naho wokwarika icari cawe kure nk’inkona,nzokumanurayo, ndagukororere hasini ko Uhoraho avuze.17Edomu hazotuma abantu bajugumira,abahaca bose bazohinda agashitsi bavuze agahwakubera ibikomere vyaho.18Nk’uko Sodomu na Gomora hasambuwe,hamwe n’ibisagara vyari bihakikije, ni ko Uhoraho avuze,ni ko ata muntu n’umwe azosubira kuhaba;nta bantu bazosubira kukibamwo.
19Nk’uko intare iduga iva mu bibundo vya Yorodaniije gutera mu buragiro butotahaye,ni ko nzokwirukana Abanyedomu ndabakure mu gihugu cabo mu kanya isase.Ni nde yatoranijwe nzotuma kunkorera ivyo?Ni nde ameze nkanje kandi ni nde yompangara?Ni uwuhe mwungere yoza kumpagarara imbere?”
20Nuko rero, nimwumve umugambi Uhoraho yateguye wo kugwanya Edomu,n’imigabo yagize yo kugwanya ababa i Temani:Imyagazi yo mu mikuku izojanwa;uburagiro bwabo buzoherengetezwa nk’uko vyashinzwe kuri bo.21Isi niyumva ugutemba kwabo izojugumira;ijwi ry’amaborogo yabo rizosamirana gushika ku Kiyaga Gitukura.22Raba! Inkona izoduga maze yarare,isanze amababa yayo kuri Bozira.Kuri uwo musi imitima y’abahizi ba Edomuizoba nk’umutima w’umugore ari ku gise.

Ubutumwa kuri Damasiko

23Ku vyerekeye Damasiko:“Hamati na Arupadi batekewe n’ubwoba,kuko bumvise inkuru mbi.Bahagaritse umutima,babuze uburagamo nk’ikiyaga gisuriranya.24Damasiko hahindutse nk’umunyantegenke,hahindukiye inyuma harahungakandi hafashwe n’ubwoba bwinshi;umubabaro n’agahinda birabafashe,uburibwe nk’ubw’umugore ari ku gise.25Ni kuki ico gisagara rurangiranwa kitahebwe,igisagara nanezererwa?26Ni ukuri, abasore baho bazogwa mu mabarabara;abasoda baho bose bazozibwa akanwa kuri uwo musi,”ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.27“Nzodomeka inzitiro z’i Damasiko;maze umuriro uzotongora iminara ya Beni-Hadadi.”

Ubutumwa kuri Kedari na Hazori

28Ku vyerekeye Kedari n’ubwami bw’i Hazori, ubwo Nebukadineza umwami w’i Babiloni yateye:
Uku ni ko Uhoraho avuze:
“Haguruka, utere Kedarikandi uherengeteze abantu bo mu buseruko.
29Amahema yabo n’imikuku yabo bizonyagwa;insago zabo zizonyagwahamwe n’ibirimwo vyose n’ingamiya.Abantu bazokwiha akamo bati:Iterabwoba riri impande zose!
30Hunga ningoga!Guma mu masenga, yemwe ababa i Hazori,ni ko Uhoraho avuze.Nebukadineza umwami w’i Babiloni yagiye inama yo kukugirira nabi;agufitiye umugambi mubi.
31Haguruka utere ihanga ryari ryiraramiye,bari bazi ko bibereye mu mutekano,ni ko Uhoraho avuze,ihanga ritagira amarembo canke imyugariro;abantu baho bibera ukwabo.32Ingamiya zabo zizoba isahu,amasho yabo manini azoba iminyago y’intambara.Nzosanzariza mu birere vyose abimosha ibimwererekandi nzobateza ivyago bivuye mu mpande zose,ni ko Uhoraho avuze.33Hazori hazoba ikirimbiro ry’imbwebwe,ahantu h’ubugaragwa ibihe vyose.Nta muntu n’umwe azoba akihaba;nta bantu bazongera kuhaba.”

Ubutumwa kuri Elamu

34Iri ni ijambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana ryerekeye Elamu, mu ntango y’ingoma ya Zedekiya umwami w’i Buyuda:
35Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Raba, nzovuna umuheto wa Elamu,ari wo nkomezi zabo.36Nzoteza Elamu imiyaga ineivuye mu mfuruka zine z’amajuru;nzobasanzaza ku miyaga ine,kandi nta hanga na rimweritazojamwo abahunze bava i Elamu.37Nzosanzaza Elamu imbere y’abansi babo,imbere y’abipfuza kubica;nzobateza ivyago,ndetse n’uburake bwanje bw’inkazi,ni ko Uhoraho avuze.Nzobakinagiza n’inkotakugeza ndabaherengeteje.38Nzoshinga intebe yanje y’ubwami i Elamundandure umwami waho n’abatware baho,ni ko Uhoraho avuze.
39Ariko nzosubira kwubaka Elamumu misi izoza,ni ko Uhoraho avuze.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e