Yeremiya48
Ubutumwa kuri Mowabu
1Ku vyerekeye Mowabu:Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze:I Nebo haragowe, kuko hazosangangurwa.I Kiriyatayimu hazoteterwa hafatwe;umunara waho uzoteterwa usangangurwe.2I Mowabu ntihazosubira guhimbazwa;i Heshiboni ni ho abantu bazogirira inama yo kuhasenyura:Nimuze dukureho rirya hanga.Na wewe nyene, yewe Madimeni, uzozibwa akanwa;inkota izogukurikirana.3Umve amaborogo aturutse i Horonayimu,amaborogo atewe n’icago gihambaye n’agatikizo.4I Mowabu hazovunagurwa;abana baho bazoboroga.5Baduze umusozi baja i Luhiti,bagiye barira cane ingenda;ku nzira imanuka ija i Horonayimuamaborogo y’umubabaro kubera gusamburwa kwaho arumvikana.6Hunga! Nyaga amagara;mumere nk’indogoba y’inyeshamba mu bugaragwa.7Ko mwizigiye ibikorwa vy’amaboko yanyu n’ubutunzi bwanyu,na mwebwe nyene muzofatwa mujanwe muri inyagano,kandi n’imana yanyu Kemoshi izojanwa ari inyagano,hamwe n’abaherezi bayo n’abatware bayo.8Uwutikiza azoza atumbereye ibisagara vyose,kandi nta gisagara na kimwe kizokira.Ibiyaya bizosigara ari amatongon’intara z’imirambi zizosamburwa,kuko Uhoraho yabivuze.9Shira umunyu kuri Mowabu,kuko hazosigara ari amatongo;ibisagara vyaho bizohinduka imisaka,ata muntu n’umwe wo kubibamwo.10Aravumwe umuntu anebwa mu gikorwa c’Uhoraho!Aravumwe umuntu arinda inkota yiwe ngo ntivishe amaraso!11“I Mowabu hamye hatekanye kuva mu buto,nk’umuvinyu wiretse ku mvuzo zawo,utacuranuwe ngo uve mu mubindi uje mu wundi,ntihigeze hajanwa ari inyagano.Ni co catumye hadahindura uburyohe,n’akamoto kaho ntikahindutse.12Ariko imisi iraje,ni ko Uhoraho avuze,aho nzorungika abagabo bazi gucuranura,kandi bazohacuranura;bazosiga imibindi yaho igaragarakandi bazomenagura imikuza yaho.13Nuko i Mowabu hazoteterwa ku bwa Kemoshi,nk’uko ab’inzu ya Isirayeli batetereweigihe bizigira i Beteli.14Ni gute mushobora kuvuga muti: Turi abagwanyi,abahizi mu ntambara?15I Mowabu hazosamburwa n’ibisagara vyaho bizoterwa;abasore baho bezabeza bazomanukanwa gusogotwa inkota,ni ko Umwami, izina ryiwe ni Uhoraho Mushoboravyose, avuze.16Ugusangangurwa kwa Mowabu kuri hafi;ivyago vyaho biraje vyihuta.17Nimuhagandarire, mwebwe mwese muhakikije,mwebwe mwese muzi icubahiro caho;muvuge muti: ‘Ese ingene inkoni yo kuganza gukomeye ivunaguwe,ese ingene inkoni y’ubwiza ivunaguwe!’18Ururuka muve mu bwiza bwanyumwicare mu mukungugu,yemwe ababa ku mukobwa w’i Diboni,kuko uwuriko arasangangura Mowabuazoduga abashikiremaze azohindura imisaka ibisagara vyanyu bizitijwe inzitiro.19Hagarara ku nzira maze mwirabire,mwebwe ababa i Aroweri.Mubaze umugabo ariko arahunga n’umugore ariko aranyaga amagara yiwe,mubabaze muti: Ni ibiki vyabaye?20I Mowabu harateterejwe, kuko hahinduwe amatongo.Boroga ushire induru ku munwa!Bimenyeshe uri kuri Arunoniko i Mowabu hasanganguwe.21Amateka aciriwe uturambi,Holoni, Yahiza na Mefayati,22Diboni, Nebo na Beti-Dibulatayimu,23Kiriyatayimu, Beti-Gamuli na Beti-Meyoni,24Keriyoti na Bozira,ku bisagara vyose vy’i Mowabu, ivya hafi n’ivya kure.25Ihembe rya Mowabu rirakondotse;ukuboko kwaho kuravunitse,ni ko Uhoraho avuze.26Nimuhaboreze,kuko hagararije Uhoraho.Mowabu nihitembagaze mu vyo hadashwe;maze hahinduke akamenyo.27Mbega ntiwashinyaguriye Isirayeli?Mbega bari bafashwe bariko bariba,ko wabazunguriza umutwe ubatwengaigihe cose wabavuga?28Nimuhebe ibisagara vyanyu maze muje kuba mu bitandara,mwebwe ababa i Mowabu.Mumere nk’inuma yiyubakira icariku munwa w’igihomoka.29Twarumvise ubwibone bwa Mowabu,ubwibone bwiwe burenze urugero,ukwishira hejuru, ubwibone, ukwiratan’ukwidundarika kwo mu mutima wiwe.30Ndazi ukwishira hejuru kwiwe ariko ni ukw’ubusa, ni ko Uhoraho avuze,kandi ukwirata kwiwe nta co kumaze.31Ni co gituma mborogera Mowabu,kubera Abanyamowabu bose ndaboroga,ndagandaye kubera abantu b’i Kiru-Hareseti.32Ndakuririra nk’uko Yazeri arira,yemwe mizabibu y’i Sibuma.Amashami yawe yari asagaraye gushika ku kiyaga,yashika ku kiyaga c’i Yazeri.Uwutikiza yaguyeku mizabibu yawe yimbuwe.33Umunezero n’agahimbare birahezemu mirima no mu gihugu c’i Mowabu.Mpagaritse ugutemba kw’umuvinyu mu bwato bugana;nta wukigana aririmbana umunezero.Naho hari akamo,si akamo k’umunezero.34Ijwi ryo kuboroga kwabo ridugariva i Heshiboni gushika i Eliyalehi n’i Yahazi,kuva i Zowari gushika i Horonayimu n’i Egulati-Shelishiya,kuko mbere n’amazi ya Nimurimu arakamye.35Nzoshira iherezo kuri Mowabuno ku batanga ibimazi ku mpinga z’imisozibagaturirira ibimota neza imana zabo, ni ko Uhoraho avuze.36Nuko umutima wanje ucura intimba ku bwa Mowabu kurya kw’ijwi ry’umwironge;ucura intimba nk’umwironge kubera abantu b’i Kiru-Hareseti.Ubutunzi bwegeranijwe buraheze.37Umutwe wose umowe inkomvorerakandi ubwanwa bwose buramowe;amaboko yose arikebaguyekandi urukenyerero rwose rwambaye igunira.38Hejuru ku mazu y’i Mowabuno mu bibanza bahuriramwonta kindi kihari atari kugandara gusa,kuko menaguye Mowabunk’umubindi abantu bose bazinutswe, ni ko Uhoraho avuze.39Ese ukuntu amenaguwe! Ese ukuntu baboroga!Ese ukuntu i Mowabu bahunze kandi bateterewe!Mowabu hahindutse ikimaramare,agaterantimba ku bantu bose bahakikije.40Uku ni ko Uhoraho avuze:Raba! Inkona iriko irarara,ishanje amababa yayo hejuru ya Mowabu.41Keriyoti hazofatwan’iminara izofatwa.Kuri uwo musi imitima y’abahizi b’i Mowabuizomera nk’umutima w’umugore ari ku gise.42Mowabu hazosamburwa nk’ihangakuko bagararije Uhoraho.43Ibiteye ubwoba n’imanga n’umutego birabarindiriye,yemwe bantu b’i Mowabu,ni ko Uhoraho avuze.44Uwuzohunga ibiteye ubwobaazogwa mu manga,uwuzokwurira ngo ave mu manga azofatwa n’umutego;kuko nzoshitsa kuri Mowabuumwaka wo guhanwa kwaho,ni ko Uhoraho avuze.45Mu gitutu ca Heshiboniabahunze ni ho bahagaze batagira gitabara,kuko umuriro uvuye i Heshiboni,urubeya ruvuye muri Sihoni;ruturira ab’i Mowabu ku ruhanga,n’ubuhanga bw’abantu birata bayogora.46Uragowe, ewe Mowabu!Abantu ba Kemoshi bararanduwe;abana bawe bajanywe ari inyaganon’abakobwa bawe bajanywe mu kinyago.47Ariko nzosubira kwubaka Mowabumu misi izoza,”ni ko Uhoraho avuze.Aho ni ho amateka ya Mowabu ahereye.
Biblica, Inc.