Yeremiya47

Ubutumwa ku Bafilisitiya

1Iri ni ryo jambo ryatumwe kuri Yeremiya umuvugishwa rivuye k’Uhoraho ryerekeye Abafilisitiya imbere y’uko Farawo atera i Gaza, ryavuga riti:
2Uku ni ko Uhoraho avuze:“Ehe ingene amazi asuriranije mu buraruko;azohinduka umugezi utemba amazi menshi.Azosendanisha mu gihugu no ku bintu vyose biri muri co,ibisagara n’ababibamwo.Abantu bazoboroga;ababa mu gihugu bose bazovuza induru3bumvise imirindi y’amafarasi akomeye,bakumva uguhinda kw’imikogote y’umwansihamwe n’uruyogoyogo rw’amaguru yayo.Abavyeyi ntibazohindukira gutabara abana babo;amaboko yabo azocika nk’imigozi.4Kuko umusi ujewo gutikiza Abafilisitiyano gukuraho abacitse kw’icumu boseboshoboye gutabara Tiro na Sidoni.Uhoraho yiteguye gusangangura Abafilisitiya,amasigarira yo ku kizinga c’i Kafutori.5Gaza hazokwimwesha inkomvorera ku bwo kugandara;Ashikeloni hazozibwa akanwa.Yemwe masigarira yo mu kiyaya,muzogeza ryari kwikebagura?
6‘Yo, wa nkota y’Uhoraho we,mbega uzoruhuka ryari?Subira mu rwubati rwawe;sigaho guma hamwe.’7Ariko yotekereza gute?Kandi Uhoraho ari we yayitegetse,yarayihaye itegekoryo gutera Ashikeloni n’inkengera y’ikiyaga?”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e