Yeremiya46
Ubutumwa kuri Egiputa
1Iri ni ryo jambo Uhoraho yatumye kuri Yeremiya uwavugishwa n’Imana ryerekeye amahanga ngo:2Ku vyerekeye Egiputa:Ubu ni bwo butumwa butumwe ku ngabo za Farawo Neko umwami wa Egiputa, zanesherejwe i Karikemishi ku ruzi Efurate na Nebukadineza umwami w’i Babiloni, mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma:3“Tegura inkinzo zanyu, nini na ntoya,maze mugende mu ntambara!4Shira amatandiko ku mafarasi,mutegure imikogote!Fata ibibanzamwambare inkofero!Karisha amacumu,mwambare ibigwanisho!5Mbega mbona iki?Batekewe n’ubwoba,basubije umugongo inyuma,abahizi babo baraneshejwe.Bahunze isabagirebataraba inyuma,kandi hari ibiteye ubwoba impande zose,ni ko Uhoraho avuze.6Unyaruka cane ntashobora guhungakandi umunyenkomezi ntashobora gukira urugamba.Mu buraruko bw’uruzi Efuratebaratsitaye kandi baratemvye.7Uwo ni nde ava hasi nk’uruzi Nili,nk’inzuzi z’amazi asebuye?8Egiputa hahagurutse nk’uruzi Nili,nk’inzuzi z’amazi asebuye.Haravuga ngo: ‘Nzova hasi maze nkwire isi;nzosangangura ibisagara n’abantu bavyo.’9Nimugende, yemwe mafarasi!Munyaruke, yemwe abagendera ku mikogote!Nimuje imbere yemwe bahizi,bagabo b’i Kushi n’i Puti mwitwaje inkinzo,bagabo b’i Ludiya bitwaje imiheto.10Ariko uwo musi ni uw’Umwami, Uhoraho Mushoboravyose,umusi wo kwihora, wo kwihora abansi biwe.Inkota izorya gushika ihaze,gushika yimaze inyota y’amaraso.Kuko Umwami, Uhoraho Mushoboravyose, azotanga ikimazimu gihugu co mu buraruko i ruhande y’uruzi Efurate.11Duga uje i Gileyadi wironkere umuti wo gusomora,yewe mukobwa wa Egiputa.Ariko ugwiriza imiti ubusa;nta gukira kuri kuri wewe.12Amahanga azokwumva ibimaramare vyawe;n’amaborogo yawe bizokwuzura isi.Umuhizi azotsitara ku wundi muhizi;bose bazogwira hasi rimwe.”13Ubu ni bwo butumwa Uhoraho yabwiye Yeremiya uwavugishwa n’Imana bwerekeye ukuza kwa Nebukadineza umwami w’i Babiloni aje gutera Egiputa:14“Menyesha ibi muri Egiputa, kandi ubivuge i Migidoli;bivuge kandi n’i Memfisi n’i Tafanihesi uti:‘Fata ibibanza mwitegure,kuko inkota igira itabagure abagukikuje.’15Ni kuki abahizi bawe baryamye?Ntibashobora guhagarara, kuko Uhoraho azobatsinda hasi.16Bazotsitagurika kenshi;bazogwanako bahindikirane.Bazovuga bati: Va hasi dusubire inyumamu bacu no mu mavukiro yacu,duhunge inkota y’uwuducinyiza.17Aho ni ho bazokwiha akamo bavuga bati:‘Umwami Farawo wa Egiputa ni akarimi gusa;yahushije akaryo.’18‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ ni ko Umwami avuze,izina ryiwe ni Uhoraho Mushoboravyose,hari uwuzoza ameze nk’umusozi Tabori iyo uri hagati mu yindi misozi,nka Karumeli i ruhande y’ikiyaga.19Tekera ivyawe witegurire kuja mu kinyago,wewe uba muri Egiputa,kuko Memfisi hazosigara ari amatongo,kandi hazocika umusaka ata muntu ahaba.20Egiputa ni inyana nziza,ariko ikibugu kirayiziyegiturutse mu buraruko.21Kandi n’abacangero bari muri bobameze nk’inyana zinuze.Na bo nyene bazohindukira bahunge bose,ntibazoshobora kurinda,kuko umusi w’ivyago uje kuri bo,ni igihe co guhanwa kwabo.22Egiputa hazovuza agahwa nk’inzoka ihunzeaho umwansi azoba ariko arabegereza abakurikiye n’inkomezi nyinshi;bazomutera bafise incabiti,nk’abantu bicira ibiti.23Bazotemera hasi ishamba ryiwe,ni ko Uhoraho avuze,naho ari insobane.Ni benshi bameze nk’inzige,ntiboharurika.24Umukobwa wa Egiputa azoteterwa,ashirwe mu maboko y’abantu bo mu buraruko.”25Uhoraho Mushoboravyose, Imana ya Isirayeli, avuze ati: “Ngira nshitse igihano kuri Amoni imana y’i Tebesi, kuri Farawo, kuri Egiputa n’imana zaho n’abami baho, n’abizigiye Farawo.26Nzobatanga mu maboko y’abagomba kubica, ya Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’abakuru b’ingabo biwe. Hanyuma ariko, Egiputa hazosubira kubamwo abantu nk’uko vyahoze ubwa mbere,” ni ko Uhoraho avuze.27“Ntutinye, yewe Yakobo musavyi wanje;ntucike intege, yewe Isirayeli.Kuko vy’ukuri nzogukiza ngukuye mu gihugu ca kure,uruvyaro rwawe ndarukuye mu gihugu bajanywemwo ari inyagano.Yakobo azosubira kugira amahoro n’umutekano,kandi nta wuzomutera ubwoba.28Ntutinye, Yakobo musavyi wanje,kuko ndi kumwe na we,” ni ko Uhoraho avuze.“Naho nzosangangura rwose amahanga yoseayo nzogusanzarizamwo,wewe sinzoguherengeteza.Nzoguhana ariko mu kugororoka;sinzokureka ngo ugende udahanywe rwose.”
Biblica, Inc.