Yeremiya45

Ubutumwa kuri Baruki

1Igihe Baruki mwene Neriya yandika mu muzingo amajambo uwavugishwa n’Imana Yeremiya amubwiye, mu mwaka ugira kane umwami Yehoyakimu, mwene Yosiya umwami w’i Buyuda, ari ku ngoma, Yeremiya yabwiye Baruki ati:2“Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze kuri wewe Baruki:3Waravuze uti: ‘Ewe jewe ndagowe! Uhoraho anyongerereje imibabaro ku yo nari mfise; ncitse intege ku bwo kuniha kandi nta buruhukiro ngira.’ ”
4Ariko, Uhoraho yambariye ngo ndakubwire nti: “Uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Nzosenyura ivyo nubatse kandi nzorandura ivyo nateye, mu gihugu cose.5Mbega none woba ukwiye kwironderera ibihambaye? Ntubirondere. Kuko nzoteza ivyago abantu bose, ni ko Uhoraho avuze, ariko aho uzoja hose nzokiza ubugingo bwawe.’ ”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e