Yeremiya4
1“Nimba wewe, Isirayeli, ugomba guhindukira,” ni ko Uhoraho avuze,“nungarukeko.”“Nimwakuraho ibigirwamana bisesema imbere yanjentimusubire gukevya muta inzira,2kandi mu kuri kwose, mu nzira itunganye kandi igororotsemukarahira muvuga muti: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’nuko amahanga azohabwa umugisha n’Uhorahokandi muri we ni ho hazoba ivyirato vyabo.”3Ibi ni vyo Uhoraho avuga ku bantu b’i Buyuda n’i Yerusalemu ati:“Nimumene imishikekandi ntimubibe mu mahwa.4Nimukebwe mugaruke k’Uhoraho,Nimukebwe mu mitima yanyu,yemwe bantu b’i Buyuda na mwebwe b’i Yerusalemu,kugira ngo uburake bwanje ntibururumbe bugaturira nk’umurirokubera ibibi mwakoze,bukarurumba ata wo kubuzimya.
Ivyago bizova mu buraruko
5Menyesha i Buyuda kandi ubivuge i Yerusalemu uti:‘Vuza inzamba mu gihugu cose!Semerera cane uvuge uti:Egeranira hamwe!Reka duhunge tuje mu bisagara bizitijwe inzitiro!’6Manika ibendera ry’ikimenyetso i Siyoni!Hunga mudatevye kugira ngo ntimugire ico muba!Kuko nzanye icago kivuye mu buraruko,kandi ni uguhonya guhambaye.”7Intare ivuye mu kibundo cayo;umuranduzi w’amahanga arasohotse.Yavuye iwengo asangangure igihugu canyu.Ibisagara vyanyu bizoba imisakaata muntu n’umwe akibibamwo.8Nuko nimwambare amagunira,mucure intimba muboroge,kuko uburake bw’inkazi bw’Uhorahobutaratuvako.9Uku ni ko Uhoraho avuze ati: “Kuri uwo musi,umwami n’abaganwa bazocika intege,abaherezi bazogira ubwoba bwinshi,na ba kamenyi bazoranduka imitima.”10Maze ndavuga nti: “Yewe Uhoraho Nyeninganji, ese ukuntu wahenze aba bantu n’ababa i Yerusalemu mu kubabwira uti: ‘Muzoba amahoro,’ kandi ahubwo inkota iri ku mazosi yacu!”11Muri ico gihe aba bantu n’ababa i Yerusalemu bazobwirwa ngo: “Umuyaga uturira uvuye ku dutwe tw’imisozi yo mu bugaragwa uzohuha ku bantu banje, ariko ntikuzoba ari ukugosora canke kweza;12uzoba ari umuyaga uhambaye uje utegetswe nanje. Nzobashitsako urubanza rwanje.”13Raba! Agenda nk’ibicu,imikogote yiwe igenda nk’agashururu,amafarasi yiwe agenda anyaruka kurusha inkona.Turagowe! Turahonye!14Yewe Yerusalemu, wiyuhagire ububi bwose bwo mu mutima wawe kugira ngo ukizwe.Uzogeza ryari kwigenera ivyiyumviro bibi?15Ijwi rivugiye i Dani,rimenyesha icago kivuye mu misozi y’i Efurayimu.16“Bibwire amahanga,bimenyeshe ab’i Yerusalemu uti:‘Ingabo zije gutera zivuye mu gihugu ca kure,urwamo rw’intambara ruje ku bisagara vy’i Buyuda.17Bahakikuje nk’abantu barinda umurima,kuko yangararije,’ ”ni ko Uhoraho avuze.18“Inyifato yanyu n’ibikorwa vyanyuni vyo bitumye ivyo bibazako.Ico ni igihano canyu.Ese ukuntu kirura!Ese ukuntu kinyengetera gushika mu mutima!19Ewe mubabaro wanje, ewe mubabaro wanje!Uburibwe ni bwinshi.Ese ingene umutima wanje usambagirika!Umutima wanje uradihagizwa muri jewe,kandi sinshobora guhora.Kuko numvise ijwi ry’inzamba;numvise akamo k’intambara.20Icago gikurikira ikindi;igihugu cose cahindutse imisaka.Mu kanya gato amahema yanje arasambuwe,n’ubwugamo bwanje mu kanya gato.21Mbega nzogeza ryari kubona ibendera y’intambarano kwumva ijwi ry’inzamba?22Abantu banje ni ibijuju;ntibanzi.Ni abana batiyumvira;ntibagira ugutahura.Ni abanyabwenge mu gukora ibibi;ntibazi ugukora iciza.”23Naravye isi,nsanga ntigira uko imeze kandi nta kirimwo;ndaba n’amajuru,nsanga umuco waho wagiye.24Naravye ku misozi,mbona iriko iratigita;n’udusozi twose turahuzenze.25Nararavye, nsanga nta bantu bariho;inyoni zose zo mu kirere zari zagurutse.26Ndavye, nsanga igihugu cimbuka ivyamwa vyinshi gisigaye ari ubugaragwa;ibisagara vyose vyaho ni imisakaimbere y’Uhoraho imbere y’ubushangashirwe bwiwe bwinshi.27Uku ni ko Uhoraho avuze:“Igihugu cose kizoba amatongo,naho ntazogisambura rwose.28Ni co gituma isi yose izogandaran’amajuru yo hejuru yirabure,kuko ndabivuze kandi sinzokwigarura,namaze gufata ingingo sinzokwisubirako.”29Nihumvikana ijwi ry’abagendera ku mafarasi n’abanyamihetoigisagara cose kizohunga.Bamwe binjire mu vyatsi;abandi binjire mu bitandara.Mu bisagara vyose harera nta muntu arimwo;nta muntu n’umwe akibibamwo.30Mbega uriko urakora iki, wa gisagara we usambuwe?Ni kuki wiyambika inyambarabami,ukambara ubudede bwawe bw’inzahabu?Ko ushariza amaso yawe n’amarangi?Wishaririza ubusa gusa.Abo ushaka gukunda barakwanka;bagomba kukwica.31Ndumva ijwi nk’iry’umugore afashwe n’inda,ukuboroga nk’ukw’uwuvyara imfura yiwe,akamo k’umukobwa w’i Siyoni yipfuza akayaga,ataritse ukuboko avuga ati:“Karabaye, ncitse intege;ubugingo bwanje buhawe abicanyi.Biblica, Inc.