Yeremiya5
Nta n’umwe agororotse
1Muduge kandi mumanuke mu mayira yose y’i Yerusalemu,murabe irya n’ino kandi mwitegereze,murondere mu mpande zose.Nimba mwoshobora kuronka umuntu n’umweacuruza mu kugororoka kandi arondera ukuri,nanje nzobabarira iki gisagara.2N’aho bavuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’barahira ibinyoma.”3Yewe Uhoraho, mbega inyonga zawe ntizirondera ukuri?Warabakubise, ariko ntibababara;warabamenaguye ariko ntibemera gukosorwa.Bakomantaje mu maso habo haba nk’ibuyemaze banka kwihana.4Nariyumviriye nti: “Abo ni aboro;ni ibijuju,ntibazi inzira y’Uhoraho,ntibazi ivyo Imana yabo ishaka.5Ni co gituma ngiye kurondera abarongozi babomaze mvugane na bo.Ni ukuri barazi inzira y’Uhoraho,barazi ivyo Imana yabo ishaka.”Ariko n’abo nyene baravunaguye ingogo y’Uhorahokandi baracagaguye iminyororo.6Ni co gituma intambwe yo mw’ishamba izobatera,imfyisi yo mu bugaragwa ikabatabagura,ingwe izobabundira hafi y’ibisagara vyabokugira ngo itabagure umuntu wese asohoka hanze,kuko ubugarariji bwabo ari bwinshino gusubira inyuma kwabo ari kwinshi.7Ni kuki nobaharira?Abana banyu barampevyemaze barahira mw’izina ry’izindi mana atari imana z’ukuri.Nabahaye ivyo bakeneye vyose,ariko bagiye mu busambanyikandi bahurumbira amazu y’abamaraya.8Bameze nk’amafarasi avyibushe,umwe wese yiruka arondera umugore wa mugenziwe.9Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?Ni ko Uhoraho avuze.Mbega sinari nkwiye kwihoraihanga rimeze gutyo?10Nimugende muce mu mizabibu yaho, maze muyitikize,ariko ntimuyimare rwose.Musangangure amashami yawo,kuko aba bantu atari ab’Uhoraho.11Inzu ya Isirayeli n’inzu ya Yudabarampemukiye bantera ibitugu,ni ko Uhoraho avuze.12Bavuze ibinyoma k’Uhoraho;baravuze bati: “Nta na kimwe azokora!Nta kibi kizodushikako;ntituzokwigera tubona inkota canke ikigoyi.13Abavugishwa ni umuyaga gusakandi nta jambo riri muri bo.Ivyo bavuga nibibashikeko bo nyene.”14Nuko rero uku ni ko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze:Kubera ko abantu bavuze ayo majambo,nzohindura amajambo yanje ari mu kanwa kawe acike umuriroaba bantu na bo babe nk’inkwi zo gutongorwa n’uwo muriro.15Yemwe ab’inzu ya Isirayeli, ni ko Uhoraho avuze,Nzozana ihanga rya kure rize kubagwanya,ni ihanga rikomeye kandi ryamyeho kuva kera,abantu bavuga ururimi mutazi,bafise imvugo mutumva.16Isaho y’imyampi yabo ni nk’imva yuguruye;kandi bose ni abagwanyi b’abahizi.17Bazorigita imyimbu yanyu n’indya zanyu,bazorandura abahungu banyu n’abakobwa banyu;bazoherengeteza amasho yanyu n’imikuku yanyu,bazorigata imizabibu yanyu n’imisukoni yanyu.Bazosambuza inkotaibisagara bizitijwe inzitiro mwari mwizigiye.18“Ariko no muri iyo misi,” ni ko Uhoraho “sinzogusambura rwose.19Kandi igihe abantu bazobaza bati: ‘Ni kuki Uhoraho Imana yacu yadukoreye ibi vyose?’ Muzobabwire muti: ‘Ni kubera mwanteye ibitugu mugakorera izindi mana z’inyamahanga mu gihugu canyu bwite, ubu na ho muzokorera abanyamahanga mu gihugu kitari icanyu.’20Menyesha ibi ab’inzu ya Yakobomubivuge i Buyuda:21nimwumve ibi, yemwe bantu b’ibipfu mutagira ubwenge,mufise amaso ariko ntimubone,mufise amatwi ariko ntimwumve.22Mbega ntimwonyubaha?” ni ko Uhoraho avuze.“Mbega ntimwohindira agashitsi imbere yanje?Naremye umusenyi ngo ushingire akarimbi ikiyaga,ube akarimbi k’ibihe bidashira kidashobora kurengana.Imipfunda yosuriranya,ariko ntishobora kuharenga;irashobora kubomborana,ariko ntishobora kurenga ako karimbi.23Ariko aba bantu bo bafise imitima ikomantaye kandi igarariza;bakikamiye hirya bigira ahandi.24Ntibibwira mu mitima bati:‘Reka twubahe Uhoraho Imana yacu,aduha imvura y’agatasi n’iy’urushana ku gihe cayo,aduha amayinga meza yo kwimbura.’25Ibibi vyanyu mwakoze ni vyo vyababujije kubironka;ivyaha vyanyu ni vyo vyababujije ivyiza.26Mu bantu banje harimwo abantu babibabunda nk’abatega inyonink’abantu batega imitego yo gufata abandi.27Kurya imitego yuzuramwo inyoni zafashwe,ni ko amazu yabo yuzuyemwo kugunga,babaye abatunzi b’abanyenkomezi28kandi baravyibushe barasayangana.Ibikorwa vyabo bibi ntibigira akarimbi;ntibababara urubanza rw’impfuvyi ngo bazirenganure,ntibitaho urubanza rw’umukene.29Mbega ivyo sinkwiye kubibahanira?”ni ko Uhoraho avuze.“Mbega sinkwiye kwihoraihanga rimeze gutyo?30Ikintu giteye ubwoba kandi kibabajecarabaye mu gihugu:31abavugishwa bavugishwa ibinyoma,abaherezi baganzisha igikenye,kandi abantu banje barabinezerererwa.Ariko none kw’iherezo muzokora iki?Biblica, Inc.