Yeremiya3
1Umugabo yirukanye umugore wiwemaze akarongorwa n’uwundi mugabo,mbega yosubira kumugarukana bakabana?Mbega igihugu nticoca kirushiriza guhumana rwose?Ariko wewe wabaye maraya, ufise abo wikundira benshi,mbega wongarukako?”ni ko Uhoraho abaza.2“Unamura amaso urabe impinga z’imisozi.Mbega hoba hariho ahantu utahumanije?Wicara ku nzira urindiriye abo wipfuza ukunda,wicara nk’umuntu yangara mu bugaragwa.Wahumanije igihuguugihumanishije ubusambanyi bwawe n’ibibi vyawe.3Ni co catumye imvura ibura,n’imvura y’impeshi ntiyagwa.Ariko mu maso hawe biraboneka ko uri maraya;mugabo ntunamaramara.4Mbega ntiwamye umpamagara ngo:‘Data, mukunzi wanje wo kuva nkiri muto,5mbega uzokwama ushavuye?Mbega uburake bwawe ni ubw’ibihe vyose?’Uko ni ko uvuga,ariko ugakora ibibi uko ushoboye kwose.”
Ukutaba umwizigirwa kwa Isirayeli
6Ku ngoma y’umwami Yosiya, Uhoraho yarambwiye ati: “Wabonye ivyo Isirayeli mutizigirwa yakoze? Yagiye ku musozi muremure wose no musi y’igiti cose gitotahaye maze asambanirayo.7Nibajije ko ahejeje gukora ivyo vyose azongarukako ariko si ko vyagenze, maze murumunawe Yuda arabibona.8Nahaye ikete ryo kwahukana Isirayeli maze ndamwirukana kubera ubusambanyi bwiwe bwose. Ariko nabonye na murumunawe Yuda mutizigirwa atigeze atinya; na we nyene yagiye mu vyo gusambana.9Kuko ubuhumbu bwa Isirayeli ata co bwamubwiye kinini, yahumanije igihugu asambana n’amabuye n’ibiti.10Naho vyabaye uko, murumunawe Yuda ntiyangarutseko n’umutima wiwe wose, atari mu majambo gusa,” ni ko Uhoraho avuze.11Uhoraho arambwira ati: “Isirayeli mutizera ntakiri umugororotsi kurusha mutizigirwa Yuda.12Genda mumenyeshe iyi nkuru mutumbereye mu buraruko muti:‘Garuka Isirayeli Mutizera,’ ni ko Uhoraho avuze.‘Sinzosubira kukurakira,kuko ndi umunyembabazi,’ ni ko Uhoraho avuze.‘Sinzokwama ndatse ibihe vyose.13Pfa kwemera icaha cawe,ko wagararije Uhoraho Imana yawe,wasanzaje ubwiza bwawe ku mana z’inyamahangamusi y’igiti cose gitotahaye,kandi ntiwanyumviye,’ ”ni ko Uhoraho avuze.14“Nimungarukeko, mwa bana batizigirwa,” ni ko Uhoraho avuze, “kuko ndi shobuja. Nzobatoranya, ndabakure iyo mwasabagiriye, umwe ndamukure mu gisagara kimwe na babiri mu muryango umwe, maze ndabazane i Siyoni.15Hanyuma nzobaha abungere bahuye n’uko umutima wanje ugomba, bazobarongora mu kumenya no mu gutahura.16Muri iyo misi, ibitigiri vyanyu nivyamara kwongerekana cane mu gihugu,” ni ko Uhoraho avuze, “abantu ntibazosubira kuvuga ivy’Isandugu y’Isezerano ry’Uhoraho. Ntizosubira na rimwe kwinjira mu bwenge bwabo; ntizokwibukwa, kandi ntizosubirizwa.17Muri ico gihe bazokwita Yerusalemu Umugwa w’Uhoraho kandi amahanga yose azokoranira i Yerusalemu ngo bahe icubahiro izina ry’Uhoraho. Ntibazosubira gukurikira ugukomantara kw’imitima yabo mibi.18Muri iyo misi ab’inzu ya Yuda bazokwifatanya n’ab’inzu ya Isirayeli maze bose baze bavuye mu buraruko baze mu gihugu nahaye ba sekuruza babo kw’ishamvu.19Ni jewe ubwanje navuze nti:‘Ese ukuntu binezera kugufata nk’umwana wanjeno kuguha igihugu ciza co kwipfuzwa,itongo rirusha ayandi yose kuba ryiza mu bihugu vyose.’Niyumvira ko muzonyita Datakandi mutazontera ibitugu ngo mureke kunkurikira.20Ariko nk’uko umugore ahemukira umugabo wiwe,ni ko mwampemukiye, yemwe ab’inzu ya Isirayeli,”ni ko Uhoraho avuze.21Urwamo rwumvikana ku dutwe tw’imisozi,Abisirayeli barira kandi batakamba,kuko banduje inzira zabokandi bibagiye Uhoraho Imana yabo.22“Nimuhindukire, yemwe mwa bana batizerwa;nzobakiza ndabakuremwo ugusubira inyuma.”“Egome, tuzokugarukako,kuko uri Uhoraho Imana yacu.23Ni ukuri ugusenga ibigirwamana vyo ku dusozino ku misozi ni uruhendo;ni ukuri agakiza k’Abisirayelikari k’Uhoraho Imana yacu.24Kuva mu buto bwacu imana ziteye isoni ni zo zatikijeivyavuye mu butame bwa ba sogokuruza,zariye imikuku n’amasho vyabo,abahungu n’abakobwa babo.25Reka twubame hasi kubera ibiteterwe,kandi ibimaramare vyacu bidutwikire.Twacumuye k’Uhoraho Imana yacu,twebwe na ba sogokuruza bacu;kuva mu buto bwacu gushika uwu musintitwumviye Uhoraho Imana yacu.”Biblica, Inc.