Yeremiya2
Abisirayeli baheba Imana
1Ijambo ry’Uhoraho rinzako riti:2“Genda umenyeshe ab’i Yerusalemu uti:Uku ni ko Uhoraho avuze:‘Ndibuka ubwizigirwa bwawe ukiri muto,uburyo wankunda ukiri umugeni,ukankurikira mu bugaragwa,mu gihugu kitamera.3Isirayeli yari uwera k’Uhoraho,yari ivyeze imbere y’ibindi mu vyimburwa vyiwe;abamukorako bose baba bancumuyeko,kandi icago caca kibahwikira,’ ”ni ko Uhoraho avuze.4Nimwumve ijambo ry’Uhoraho, yemwe abakomoka kuri Yakobo,na mwebwe mwese nzu za Isirayeli.5Uku ni ko Uhoraho avuze:“Ba sogokuruza banyu nabacumuyeko iki,catumye baguma kure yanje?Bakurikiye ibigirwamana bitagira ikimazi,na bo baba abatagira ikimazi.6Ntibabajije bati: ‘Uhoraho ari hehe,umwe yatudugana adukuye muri Egiputaakaturongora mu bugaragwa bwumye ata kintu na kimwe kihamera,mu gihugu c’ubugaragwa n’ibihomoka,igihugu cumye c’umwijima,igihugu kitagendwa kandi kitabamwo abantu?’7Nakuzanye mu gihugu kimerango urye ivyamwa vyaco n’ivyimburwa vyaco.Ariko waraje uhumanya igihugu canjeuhindura ishamvu yanje aho kwankwa.8Abaherezi ntibabajije bati:‘Uhoraho ari he?’Abari bashinzwe Ivyagezwe ntibigeze bamenya,abarongozi barangararije.Abavugishwa na bo bavugishwa mw’izina rya Bayali,bakurikira ibigirwamana bitagira ikimazi.9Ni co gituma nzokwongera kubaburanya,”ni ko Uhoraho avuze.“Nzoburanya abana b’abana bawe.10Jabuka uje i Kupuro urabe,rungika intumwa i Kedari wihweze neza;raba ko higeze kuba ikintu nk’iki:11Mbega hari ihanga ryigeze rihindura imana zaryo,naho atari imana mu vy’ukuri?Ariko abantu banje, jewe Imana y’Ubwiza bangujijen’ibigirwamana bitagira ikimazi.12Kubera ivyo, nimuhinde agashitsi, yemwe mwa majuru,mugire ubwoba mutangare,”ni ko Uhoraho avuze.13“Abantu banje bakoze ivyaha bibiri:barampevye,jewe soko y’amazi y’ubugingo,maze biyimbira ibinogo vyo kubika amazi,ibinogo vyatobaguritse bidashobora kuzigama amazi.14Mbega Isirayeli ni umushumba, ni umugurano kuva akivuka?None ni kuki yahindutse uwo gusahurwa?15Intambwe zarivuze;zikamutontomera.Zahinduye igihugu ciwe umusaka;ibisagara vyiwe vyaraturiwe kandi nta bantu bakibibamwo.16Kandi, Abanyegiputa b’i Memfisi n’i Tafanihesibakumenye umutwe.17Mbega vyose si wewe wavyikwegeyemu guheba Uhoraho Imana yaweigihe yakurongorera mu nzira?18None ni kuki uja muri Egiputakunywa amazi y’uruzi Nili?Kandi ni kuki uja muri AshuriKunywa amazi y’uruzi Efurate?19Ubugarariji bwawe ni bwo buzoguhana;gusubira inyuma kwawe ni kwo kuzogutsinda.Iyumvire rero umenyeingene ari bibi kandi bibishe kuri weweguheba Uhoraho Imana yawekuko ata kuntinya kuri muri wewe,”ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.20“Hashize igihe kirekire waravunye ingogo yawe,waraciye iminyororo yawe.Waravuze uti: ‘sinzogukorera!’Ni ukuri, ku musozi wose muremureno musi y’igiti cose gitotahayeni ho wiryamira nka maraya.21Nari naguteye uri umuzabibu w’indobanurwawavuye mu mbuto nziza zo kwizigirwa.None ni kuki wambereye nabiugahinduka umuzabibu w’ikijakija wo mw’ishamba?22Naho wokwiyogesha isabuni nziza cane,ugakoresha ivyo kwinyukura bikomeye,umwanda wo kugabitanya kwawe woguma imbere yanje,”ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.23“Wovuga gute ngo: ‘Simpumanye;sinahurumbiye za Bayali’?Raba uko wigenjeje mu kiyaya;raba ivyo wakoze.Uri ingamiya y’ingore inyarukayiruka hirya no hino,24indogoba y’inyeshamba yamenyereye ubugaragwa,yumviriza mu muyaga iyo impfizi iri mu gihe igomba kwima,kandi imaze gushaka kwima nta coyitururuza ngo itekane?Kandi impfizi zose ziyikurikira ntizirinda kuruha;mu gihe co kuyimya zizoyironka vyoroshe.25Ntiwiruke gushika aho ibirenge vyawe bigira amabavun’umuhogo wawe ukuma.Ariko waravuze uti: ‘Reka kwigora!Nkunda imana z’inyamahanga,kandi nzoziruka inyuma.’26Nk’uko igisuma giteterwa iyo gifashwe,ni ko inzu ya Isirayeli iteterewe,n’abami babo n’abaganwa babo,abaherezi babo n’abavugishwa babo.27Babwira ibiti bati: ‘Uri data,’n’ibuye bati: ‘Ni we wamvyaye.’Banteye ibituguntibampindukiriye;ariko iyo batewe n’ivyago, baca bavuga bati:‘Nuze udukize!’28None za mana zanyu mwikoreye ziri hehe?Nizibakize nimba zobishoboramu gihe c’ingorane zanyu!Kuko wewe Buyuda ufise imana nyinshizingana n’ibisagara vyawe.29Ni igiki unyagiriza?Mwese mwarangararije,”ni ko Uhoraho avuze.30“Igihano nahanye abantu bawe nta co camaze;ntibemeye gukosorwa.Inkota yawe yariye ba kamenyi bawenk’intambwe yaratse.31Yemwe abo muri uru runganwe, nimwumvirize ijambo ry’Uhoraho:Mbega nabereye Isirayeli ubugaragwacanke igihugu c’umwijima mwinshi?Ni igiki gituma abantu banje bavuga bati:‘Tuzoja aho dushaka;ntituzosubira kugaruka iwawe’?32Mbega inkumi yokwibagira kwambara ibituma iberwa,umugeni akibagira ivyo kwishariza ku musi w’ubukwe?Ariko abantu banje baranyibagiye,kumara imisi itoharurwa.33Ese ukugene uzi kwironderera abo wikundira!N’umugore w’igipfu yokwigirako ingene akwiye kwigenza.34Ku mpuzu zawe abantu basangakoamaraso y’abatagira icaha kandi b’abakene,naho ata co wabafatanye nk’ikosa.Kandi naho bimeze uko,35uravuga uti: ‘Nta co niyagiriza;Uhoraho ntakinshavuriye.’Ariko nzogucira urubanzakuko uvuga uti: ‘Sinacumuye.’36Ni igiki gituma ugenda wangara hirya no hino,uhindura inzira zawe?Uzohemukirwa na Egiputank’uko wahemukiwe na Ashuri.37Uzova muri ico kibanzawikoreye amaboko,kuko Uhoraho yahevye abo wizigiye;nta co bazokuvuna.
Biblica, Inc.