Yeremiya24

Ibiseke bibiri vy’insukoni

1Igihe Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda n’abatware bose, abakora utugenegene n’abanyamyuga b’i Buyuda bari bamaze kujanwa i Babiloni na Nebukadineza umwami w’i Babiloni abakuye i Yerusalemu, Uhoraho yanyeretse ibiseke bibiri vy’insukoni biri imbere y’Ingoro y’Uhoraho.2Igiseke kimwe carimwo insukoni nziza cane, nk’insukoni zeze imbere y’izindi, igiseke kindi carimwo insukoni mbi cane, ku buryo zitashobora kuribwa.
3Maze Uhoraho arambaza ati: “Mbega ubona iki ga Yeremiya?”
Ndishura nti: “Mbona insukoni. Muri zo harimwo nziza cane, ariko harimwo na mbi cane ku buryo zitoribwa.”
4Maze Uhoraho ambwira ijambo ati:5“Uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, avuze: ‘Nk’uko izo nsukoni nziza zimeze, ni ko mbona abatwawe nk’inyagano b’i Buyuda, abo narungitse ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abanyababiloni.6Inyonga zanje zizoba kuri bo kugira ngo ndabagirire neza, kandi nzobagarukana muri iki gihugu. Nzobubaka sinzobasambura, nzobateragira sinzobarandura.7Nzobaha umutima wo kumenya ko jewe ndi Uhoraho. Bazoba abantu banje, nanje nzoba Imana yabo, bazongarukako n’umutima wabo wose.’
8Ariko nk’uko zirya nsukoni zindi ari mbi, gushika n’aho zitoribwa, ni ko Uhoraho avuze, uko ni ko nzogirira Zedekiya umwami w’i Buyuda, abatware biwe n’amasigarira y’ab’i Yerusalemu, baba abagumye mu gihugu canke abahungiye muri Egiputa.9Nzobahindura agaterabwoba kandi bazoba nk’icago ku bwami bwose bwo mw’isi, bazoba agatukisha n’agatwengo, agacamugani n’umuvumo ahantu hose nzoba nabasanzarije.10Nzotuma inkota, ikigoyi n’ikiza kuri bo gushika aho bazoherengeterera mu gihugu nabahaye bo na ba sekuruza babo.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e