Yeremiya25
Imyaka mirongo indwi yo mu kinyago
1Ijambo ryatumwe kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, rigenewe abantu bose b’i Buyuda, mu mwaka ugira kane Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda ari ku ngoma, ukaba wari umwaka wa mbere Nebukadineza umwami w’i Babiloni ari ku ngoma.2Nuko Yeremiya uwavugishwa n’Imana abwira abantu bose b’i Buyuda n’ababa i Yerusalemu ati:3Kumara imyaka mirongo ibiri n’itatu, uhereye umwaka ugira icumi na gatatu Yosiya mwene Amoni umwami w’i Buyuda ari ku ngoma kugeza n’uwu musi, Uhoraho yampaye ijambo ndababwira kandi navuganye namwe ibihe vyinshi, ariko ntimwumva.4Kandi naho Uhoraho yarungitse abasavyi biwe yavugisha kuri mwebwe kenshi yongera yisubiriza, ntimwumviye canke ngo mubishireko umutima.5Barababwiye bati: “Hindukira, umwe wese ave mu nzira ziwe mbi n’ibikorwa vyiwe bibi, maze muzoshobore kuguma mu gihugu Uhoraho yabahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu ibihe vyose.6Mureke gukurikira izindi mana, kuzikorera no kuzisaba, ntimundatse n’ibikorwa vy’intoke zanyu, maze nanje nta co nzobagira.”7“Ariko ntimwanyumviye,” ni ko Uhoraho avuze, “maze murandatsa mundakishije ibikorwa vy’intoke zanyu, bituma mwikwegera ingorane.”8Ni co gituma Uhoraho Mushoboravyose avuze ibi: “Ko mutumviye amajambo yanje,9nzohamagaza amahanga yose yo mu buraruko n’umusavyi wanje Nebukadineza umwami w’i Babiloni,” ni ko Uhoraho avuze, “maze batere iki gihugu n’abakibamwo n’amahanga yose ahakikuje. Nzobarandura ndabaherengeteze, kandi ndabahindure agaterabwoba n’abo kwankwa habe umusaka ibihe vyose.10Nzokuraho amajwi y’umunezero, n’imisi mikuru, amajwi y’umukwe n’umugeni, ijwi ry’urusyo n’umuco w’itara.11Iki gihugu cose kizohinduka umusaka, kandi aya mahanga azokorera umwami w’i Babiloni kumara imyaka mirongo indwi.12Ariko, iyo myaka mirongo indwi niyashira, nzohana uwo mwami w’i Babiloni n’ihanga ryiwe, igihugu c’Abanyababiloni, kubera ukugabitanya kwabo,” ni ko Uhoraho avuze, “maze ndahahindure umusaka ibihe vyose.13Nzoshitsa kuri ico gihugu ibintu vyose navuze ko nzogiteza, vya bindi vyose vyanditswe muri iki gitabu vyavugishijwe na Yeremiya ku mahanga yose.14Bo ubwabo bazoba abagurano b’amahanga menshi n’abami bakomeye; nzobasubiriza mu nkoko ibikorwa bakoze n’ivyo bakoresheje intoke zabo.”Igikombe c’uburake bw’Imana
15Ibi ni vyo Uhoraho, Imana ya Isirayeli, yambwiye, ati: “Akira iki gikombe kiri mu ntoke zanje cuzuye umuvinyu w’uburake bwanje maze ukinyweshe amahanga yose nzogutumako.16Nibakinywako, bazozungurirwa badandabagirane kubera inkota nzoba ndungitse hagati muri bo.”17Nuko nakira ico gikombe mu kuboko kw’Uhoraho ndakinywesha amahanga yose Uhoraho yantumyeko.18Yerusalemu n’ibisagara vy’i Buyuda, abami baho n’abaganwa, ngo bihinduke imisaka n’ahantu hateye ubwoba ho gucokorwa no kuvumwa, nk’uko biri uwu musi;19Farawo umwami w’i Egiputa, abasavyi biwe, abaganwa biwe n’abantu biwe bose;20n’abanyamahanga bose baba aho; abami bose bo muri Uzi; abami bose bo mu Bafilisitiya (abo muri Ashikeloni, i Gaza, i Ekuroni, n’abantu basigaye i Ashidodi);21muri Edomu, i Mowabu n’i Amoni;22abami bose b’i Tiro n’i Sidoni; abami bo mu bizinga biri hakurya y’ikiyaga;23i Dedani, i Tema, i Buzi n’abari kure;24abami bose b’i Arabiya n’abami bose bo mu bihugu vy’abanyamahanga baba mu bugaragwa;25abami bose b’i Zimuri, i Elamu n’i Mediya;26n’abami bose bo mu buraruko, abo hafi n’abari kure, uko bakurikirana, ubwami bwose buri kw’isi. Kandi inyuma yabwo bwose, umwami w’i Sheshaki na we nyene azonywako.27Maze uze ubabwire uti: “Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose, Imana y’Abisirayeli, avuze: ‘Nimunywe kandi muborerwe maze mudahwe, hanyuma mugwe ubutakivyuka kubera inkota nzorungika muri mwebwe.’28Ariko nibanka kwakira igikombe kiri mu kuboko kwawe ngo bakinywereko, uze ubabwire uti: ‘Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze: Mutegerezwa kukinywako!29Raba, ntanguye guteza icago iki gisagara citirirwa izina ryanje, none muzogenda mudahanywe? Ntimuzogenda mudahanywe, kuko mpamagaye inkota ngo ize ku bari mw’isi bose, ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.’30Nuko rero nuvugishwe aya majambo yose kuri bo, ubabwire uti:‘Uhoraho azokwivuga ari iyo hejuru;azoturagara ari ahera hiwemaze yivuge n’inkomezi atontomera iki gihugu.Azosemerera nk’abadandaza inzabibu,akankamire ababa kw’isi yose.31Urwo rwamo ruzokwumvikana gushika ku mpera z’isi,kuko Uhoraho azokwagiriza amahanga;azocira amateka abantu bosemaze yicishe inkota ababi bose,’ ”ni ko Uhoraho avuze.32Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Raba, icago kiriko kirakwira hosekiva kw’ihanga kija ku rindi;isegenya ihambaye irajeiva ku mpera y’isi ija ku yindi.”33Muri ico gihe abasogoswe n’Uhoraho bazoba ahantu hose, kuva ku mpera y’isi imwe gushika ku yindi. Ntibazogandarirwa canke ngo begeranywe canke ngo bahambwe, ahubwo bazoba nk’amase yandagaye ku musozi.34Murire muboroge, yemwe bungere;mwitembagaze mu mukungugu, yemwe bakuru b’umukuku.Kuko igihe canyu co kwicishwa inkota gishitse;muzogwa hasi nk’ikibumbano c’igiciro.35Abungere ntibazoronka aho bahungira,abarongoye umukuku nta buhungiro bazoronka.36Umve amaborogo y’abungere,ugutakamba kw’abarongoye umukuku,kuko Uhoraho aranduye rwose uburagiro.37Uburagiro butotahaye bubaye uruharabugakubera uburake buhambaye bw’Uhoraho.38Azoheba ikibundo ciwe nk’intambwe,kandi igihugu cabo kizoba umusakakubera inkota y’uwuhonyano kubera uburake bw’inkazi bw’Uhoraho.Biblica, Inc.