Yeremiya23
Uwitwa Shami agororoka
1Haragowe abungere bariko baratikiza bongera basanzaza intama zo mu buragiro bwanje!” Ni ko Uhoraho avuze.2Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho, Imana ya Isirayeli, abungere baragira intama zanje: “Kubera mwasanzaje umukuku wanje mukazirukana ntimuzibabare, nzobasukako igihano kubera ibibi mwakoze,” ni ko Uhoraho avuze.3“Jewe ubwanje nzokwegeranya amasigarira y’umukuku wanje ndawukure mu bihugu nabirukaniyemwo maze ndabagarukane mu buragiro bwabo, aho bazogwirira kandi bakongerekana.4Nzoshiraho abungere babo bazobaragira, kandi ntibazosubira gutinya canke ngo bagwe igihumura, kandi nta n’umwe azobura muri bo,” ni ko Uhoraho avuze.5“Ehe imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze,“aho nzohagurukiriza Dawidi uwitwa Shami agororotse,umwami azoganzisha ubwengekandi agakora ibiroranye n’ibigororotse mu gihugu.6Mu misi yiwe Yuda azokizwana Isirayeli azoba mu mutekano.Iri ni ryo zina azokwitwa:Uhoraho ni Ukugororoka Kwacu.”7“Nuko rero, imisi iraje,” ni ko Uhoraho avuze, “aho abantu batazosubira kuvuga ngo: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ yakuye Abisirayeli muri Egiputa,8ariko bazovuga bati: ‘Ni ukuri nk’uko Uhoraho ari muzima,’ yakuye uruvyaro rwa Isirayeli mu gihugu co mu buraruko mu bihugu yari yarabangarijemwo. Maze bazokwibera mu gihugu cabo bwite.”Ba kamenyi bavuga ibinyoma
9Ku vyerekeye ba kamenyi:Umutima wanje umenekeye muri jewe;amagufa yanje yose ahinda agashitsi.Meze nk’imborerwa,meze nk’umugabo akomeye mugabo yaneshejwe n’umuvinyu,kubera Uhorahon’amajambo yiwe yera.10Igihugu cuzuye abasambanyi;kubera umuvumo utumye igihugu kigandarakandi uburagiro bwo mu bugaragwa burakabiranye.Abavugishwa bakurikira ikibikandi bakoresha ububasha bwabo ukutari kwo.11“Umuvugishwa n’umuherezi bompi nta vy’Imana bababaye;no mu Ngoro yanje nsangamwo ukugira nabi kwabo,”ni ko Uhoraho avuze.12“Ni co gituma inzira yabo izoba iy’ubunyerere;bazokwirukanirwa mu mwizakandi aho ni ho bazogwa.Nzobateza icagomu mwaka bazohanirwamwo,”ni ko Uhoraho avuze.13“Mu bavugishwa b’i Samariyanabonye ikintu gisesema:Bavugishwa mw’izina rya Bayalibakazimiza abantu banje b’Abisirayeli.14No mu bavugishwa b’i YerusalemuNabonye ikintu c’ubuyobe:barasambana kandi bakibera mu binyoma.Bakomeza amaboko y’abanyakibi,kugira ngo ntihagire n’umwe ava mu bibi vyiwe.Kuri jewe bose bameze nka Sodomu;abantu b’i Yerusalemu bameze nka Gomora.”15Nuko rero, uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze ku vyerekeye abo bavugishwa:“Nzobarisha ivyokurya birurakandi nzobanywesha amazi arimwo ishano,kuko mu bavugishwa babo b’i Yerusalemuhavuyemwo ukutubaha Imana kwakwiye mu gihugu hose.”16Uku ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze:“Ntiwumvirize ivyo abo bavugishwa babavugako;babuzuza ivyizigiro bitari vyo.Bavuga ivyo beretswe bikuriye mu mitwe yabo,bitavuye mu kanwa k’Uhoraho.17Bashishikara babwira abankengera bati:‘Uhoraho avuze ngo: Muzoba amahoro.’N’abashishikara inzira z’ugukomantara kw’imitima yabobababwira bati: ‘Nta co muzoba.’18Ariko ni nde wo muri bo yahagaze mu nama y’Uhorahongo abone canke yumve ijambo ryiwe?Ni nde yumvirije canke yumvise ijambo ryiwe?19Raba, isegenya y’Uhorahoizoza ivuye mu burake bwiwe,igihuhusi kizomanukakizunguruke ku mitwe y’abanyakibi.20Uburake bw’Uhoraho ntibuzosubira inyumakugeza aho azoba yashikijeimigabo yo mu mutima wiwe.Mu misi izozamuzobitahura neza.21Sinatumye abo ba kamenyi,ariko bagiye bariruka bajanye ubutumwa bwabo;sinavuganye na bo,ariko baravugishijwe.22Mugabo iyo baba barashishikaye mu nama yanje,bari kumenyesha abantu banje amajambo yanjekandi baba baratumye bahindukira bakava mu nzira zabo mbino mu bikorwa vyabo bibi.23Mbega ndi Imana ya hafi gusa,”ni ko Uhoraho avuze,“mbega sindi n’Imana ya kure na ho?24Hari uwokwinyegeza ahantukugira ngo sindamubone?”ni ko Uhoraho abaza.“Mbega sinuzuye ijuru n’isi?”Ni ko Uhoraho avuze.25“Numvise ivyo abavugishwa bavuga bavugishwa ibinyoma mw’izina ryanje. Bavuga bati: ‘Narose! Narose!’26Ivyo bizobandanya gushika ryari mu mitima y’abo ba kamenyi babesha, bavugishwa ibitagira epfo na ruguru vyo mu bugunge bwabo?27Biyumvira ko inzozi babwirana zizotuma abantu banje bibagira izina ryanje, nk’uko ba sekuruza baryibagiye mu gusenga Bayali?28Uwuvugishwa afise ivyo yarose nabivuge, ariko uwufise ijambo ryanje narivuge mu bwizigirwa. Mbega ivyatsi bipfana iki n’imbuto?” Ni ko Uhoraho abaza.29“Mbega ijambo ryanje si nk’umuriro,” ni ko Uhoraho abaza, “canke si nk’inyundo imenagura urutare?30Nuko rero,” ni ko Uhoraho avuze, “nzogwanya abo bavugishwa b’ibisuma bibana amajambo; maze bakavuga ngo avuye iwanje.31Ego cane,” ni ko Uhoraho avuze, “nzogwanya abo bavugishwa bavuga amajambo bishakiye bakavuga bati: ‘Uhoraho yavuze.’32Ni ivy’ukuri, nzogwanya abo berekwa inzozi z’ibinyoma,” ni ko Uhoraho avuze. “Babibwira abantu banje bakabazimirisha ivyo binyoma vyabo, kandi ntabatumye canke ntabatoranije. Nta co bamariye aba bantu na mba,” ni ko Uhoraho avuze.Ukuvugishwa kw’ibinyoma n’abavugishwa ibinyoma
33“Aba bantu canke uwuvugishwa canke umuherezi, nibakubaza bati: ‘Mbega ijambo rivuye k’Uhoraho ni irihe?’ Uze ubabaze uti: ‘Ijambo irihe? Nzobaheba, ni ko Uhoraho avuze.’34Uwuvugishwa canke umuherezi canke umuntu wese niyavuga ati: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ nzomuhana we n’abo mu nzu yiwe.35Ibi ni vyo umwe wese aguma abwira mugenziwe canke uwo mu muryango w’iwabo ati: ‘Mbega inyishu y’Uhoraho ni iyihe?’ canke ati: ‘Mbega Uhoraho avuze ngw’iki?’36Ariko ntimuze musubire kuvuga ngo: ‘Iri ni ijambo rivuye k’Uhoraho’ kuko ijambo ry’umuntu wese ku giti ciwe rizoba ari irivuzwe na we. Rero mugoreka amajambo y’Imana nzima, Uhoraho Mushoboravyose, Imana yacu.37Mushishikara mubaza kamenyi ngo: ‘Mbega Imana yakwishuye iki?’ canke ngo: ‘Mbega Uhoraho yavuze iki?’38Naho mwemeza ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ uku ni ko Uhoraho avuze: Mwakoresheje amajambo avuga ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho,’ naho nari nababujije kuvuga ngo: ‘Iri ni ijambo ry’Uhoraho.’39Ni co gituma, vy’ukuri nzobibagira maze ndabaterere kure y’aho ndi mwe n’igisagara nabahaye mwebwe na ba sogokuruza banyu.40Nzoshitsa kuri mwebwe agakengerwe n’ibimaramare bidashira kandi bitazokwigera vyibagirwa.”Biblica, Inc.