Yeremiya22
Abami babi bacirwa urubanza
1Uku ni ko Uhoraho yambwiye: “Manuka uje ku kirimba c’umwami w’i Buyuda, maze uvuge ubu butumwa uti:2‘Niwumve ijambo ry’Uhoraho, yewe mwami w’i Buyuda, wicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi, namwe baganwa hamwe n’abantu banyu muca muri aya marembo.3Uku ni ko Uhoraho avuze: Nimukore ibigororotse n’ibibereye, mukize uwanyazwe mumukure mu maboko y’uwumucinyiza. Ntimugirire nabi canke ngo murenganye umunyamahanga, impfuvyi canke umupfakazi, kandi ntimuvishirize aha hantu amaraso y’uwutagira icaha.4Kuko nimwagira umwete wo kwitondera aya mabwirizwa, abami bo kwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidi bazokwama baca muri aya marembo y’iki kirimba, bari mu mikogote kandi bagendera ku mafarasi, baherekejwe n’abaganwa babo n’abantu babo.5Ariko nimutitondera aya mabwirizwa, ni ko Uhoraho avuze, indahiro ni jewe nyene; aha hantu hazohinduka umusaka.’ ”6Kuko uku ari ko Uhoraho avuze ku vyerekeye iki kirimba c’umwami w’i Buyuda, ati:“Naho mumeze nka Gileyadi kuri jewe,mukamera nk’agatwe k’umusozi w’i Libani,ni ukuri nzoguhindura nk’ubugaragwa,nk’ibisagara ata muntu abibamwo.7Nzorungika abo kugusambura,umuntu wese afise ikigwanisho ciwe,maze bazoca ibiti vyizavyiza vy’amasederi yawebabiterere mu muriro.8Abantu bo mu bihugu vyinshi bazoca i ruhande y’iki gisagara maze babazanye bati: ‘Ni kuki Uhoraho yakoreye ibi bintu iki gisagara gihambaye?’9Maze bazokwishura bati: ‘Ni kubera bahemutse kw’isezerano ry’Uhoraho Imana yabo, bagasenga bakongera bagakorera izindi mana.’ ”10Ntimuze muririre umwami apfuye canke ngo mumugandararire;ahubwo, muze muborogere uwujanywe nk’inyagano,kuko atazogarukacanke ngo asubire kubona igihugu c’amavukiro.11Kuko ibi ari vyo Uhoraho avuze ku vyerekeye Shalumu mwene Yosiya, yasubiye ku ngoma ya se umwami w’i Buyuda ariko akaba yarajanywe nk’inyagano: “Ntazogaruka.12Azopfira mu gihugu bamujanyemwo nk’inyagano; ntazosubira kubona iki gihugu.13Aragowe uwubakisha ikirimba ciwe ibigabitanyo,akubakisha ivyumba vyo hejuru akarenganyo,agakoresha abantu biwe atabahemba,ntabahembe ku bw’ubutame bwabo.14Avuga ati: ‘Nzokwiyubakira ikirimba kininigifise ivyumba vyo hejuru vyagutse.’Maze agaca amadirisha manini kuri co,akayashariza akoresheje amasederihamwe n’irangi ritukura.15Mbega kugwiza amasederi menshini kwo kukugira umwami?Mbega so ntiyari afise ivyokurya n’ivyokunywa?Yakoze ibigororotse n’ibikwiye,kandi vyose vyagenze neza kuri we.16Yaraburanira abakene n’impahazwa,maze vyose bikagenda neza.Mbega ivyo si co bisigura kumenya jewe Uhoraho?”ni ko Uhoraho avuze.17“Ariko amaso yawe n’umutima wawevyose wabishize ku nyungu mbi,ku kuvisha amaraso y’uwutagira icahagucinyiza no kunyaga.”18None rero uku ni ko Uhoraho avuze kuri Yehoyakimu mwene Yosiya umwami w’i Buyuda:“Ntibazomugandarira, ngo bagire bati:‘Yo! Musazanje! Yo! Mushikanje!’Ntibazomugandarira bati:‘Yo! Databuja! Yo! Nyakwubahwa!’19Azohambwa nk’indogoba,azokwegwa hasi maze atererwehanze y’amarembo y’i Yerusalemu.20Duga i Libani maze usemerere,ijwi ryawe ryumvikane i Bashani,semerera uri i Abarimu,kuko abo wikundiye bamenaguwe.21Narakuburiye igihe wari ukiri mu mutekano,ariko uravuga uti: ‘Sinzokwumviriza!’Uko ni ko wagenda kuva mu buto bwawe;ntiwanyumviye.22Umuyaga uzotwara abungere bawe ahandi,n’abo wikundiye bazojanwa ari inyagano.Maze na we uzomaramara uteterweku bw’ibibi vyawe.23Wewe uba i Libani,wubatse icari cawe mu masederi,ese ukuntu uzoboroga mu gihe uburibwe buzogufata,nk’umugore afashwe n’ibise!”24“Ndahiye uguhoraho kwanje,” ni ko Uhoraho avuze, “naho wewe, Yehoyakini mwene Yehoyakimu umwami w’i Buyuda, wari impeta yo ku kuboko kwanje kw’i buryo, nzogukura ku rutoke rwanje.25Nzogutanga mu maboko y’abashaka kukwica, abo utinya, ari bo Nebukadineza umwami w’i Babiloni n’Abanyababiloni.26Wewe na nyoko yakuvyaye nzobirukana muje mu kindi gihugu mutavukiyemwo, kandi aho ni ho mwempi muzopfira.27Ntuzogaruka muri iki gihugu ico wipfuza kugarukamwo.”28Mbega uwu muntu Yehoyakini, si umuntu yankwa, si inkono imenetse,ikintu ata n’umwe agishaka?Ni kuki we n’abana biwe birukanywe mu gihugu,bakaja mu gihugu batigeze bamenya?29Yewe wa gihugu, wa gihugu, wa gihugu,niwumve ijambo ry’Uhoraho!30Uku ni ko Uhoraho avuze:“Nimwandike uwu muntu nk’aho ari umuntu atagira abana,umuntu atazokwigera atera imbere mu buzima bwiwe,kuko ata wo mu ruvyaro rwiwe azotera imbere,nta n’umwe azokwicara ku ntebe y’ubwami ya Dawidingo aganze i Buyuda.Biblica, Inc.