Yakobo4

Guca bugufi imbere y’Imana

1Mbega ni iki gitera intambara n’imitongano muri mwebwe? Mbega ntibiva mu vyipfuzo vyanyu bibi bigwanira muri mwebwe?2Murashaka kuronka ikintu ntimukironke, mugaca mwica kugira ngo mukironke. Muripfuza, ariko ntimushobora kuronka ico mwipfuza, mugaca mutongana mbere mukanagwana. Ntimuronka ivyo mukeneye kuko mutabisaba Imana.3Mbere n’iyo musavye ntimuhabwa, kuko musaba mufise intumbero mbi, mushaka gukoresha ivyo muronse mu bihimbaro vyanyu.
4Yemwe basambanyi! Ntimuzi ko gukunda ivy’isi ari ukuba umwansi w’Imana? Uwuhisemwo gucudika n’isi aba abaye umwansi w’Imana.5Canke mwibaza ko Ivyanditswe bibesha iyo bivuga ko Imana itwiyegerezanya ishaka ryo kutwiganzira rwose kubera Mpwemu wayo yadushizemwo?6Ariko ubuntu iduha burarengeye. Ni co gituma Ivyanditswe Vyera bivuga ngo:“Imana igwanya abibonaariko ikagirira ubuntu abaciye bugufi.” 
7Nuko, mwicishe bugufi imbere y’Imana. Mugwanye wa mubi, na we azobahunga.8Mwegere Imana na yo izobegera. Yemwe banyavyaha, nimukarabe; namwe abatiyeguriye Imana mu mitima, nimwiyeze.9Mubabare mugandare kandi muboroge kubera ivyo mwakoze. Ibitwengo vyanyu mubihindure ikigandaro kandi n’umunezero wanyu muwuhindure umubabaro.10Mwicishe bugufi imbere y’Umwami, na we azobashira hejuru.
11Bene Data nkunda, ntimuvuge abandi nabi. Iyo mutanguye kuvugana nabi canke mugaciranira imanza, muba muvuze nabi ivyagezwe n’Imana, kandi muba mubiciriye urubanza. Igihe muciriye urubanza ivyagezwe, aho kuvyumvira, muba mubaye abacamanza bavyo.12Imana yonyene ni yo yatanze ivyagezwe kandi ni yo ibicira urubanza. Ni yo yonyene ishobora gukiza no guhonya. Ariko wewe uri nde aho ucira urubanza mugenzawe?

Ntimwiratire ivy’ejo

13Umvirize, mwebwe muvuga muti: “Uyu musi canke ejo tuzoja mu gisagara kanaka, tuzomarayo umwaka, tudandaze twironkere inyungu.”14Ivyo mwobivuga gute kandi mutazi ingene ubuzima bwanyu buzoba bumeze ejo? Ubuzima bwanyu ni iki? Muri igipfungu kiboneka umwanya muto hanyuma kigakamangana.15Ahubwo, mwari mukwiye kuvuga muti: “Umwami niyabishaka, tuzobaho dukore ibi na biriya.”16Ariko murishima mukishira hejuru. Ukwishima kwanyu ni kubi.17Umuntu wese azi iciza yategerezwa gukora ntagikore, aba acumuye.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e