Yakobo3

Gufata ururimi

1Bene Data, ntihakabeho benshi bipfuza kuba abigisha, kuko muzi ko twebwe twigisha tuzocirwa imanza zikomeye kuruta iz’abandi.2Nk’uko bisanzwe, twese dukora ibibi mu buryo bwinshi. Nihaba hariho umuntu adacumura mu kuvuga kwiwe, uwo ni umuntu atunganye, ashobora no kuzigama umubiri wiwe wose.
3Iyo dushize umugozi mu kanwa k’amafarasi kugira ngo atuyoboke, dushobora kwerekeza imibiri yayo yose iyo dushaka.4Canke reka dufate akarorero ku bwato. Naho bwoba bunini gute kandi bukubebwa n’imiyaga ikomeye, ingafe ntoya ni yo ibutumbereza iyo uwubuyobora ashaka.5Ni ko biri no ku rurimi. Ni urugingo rutoya mu zigize umubiri, ariko rwihayagiza muri vyinshi. Raba ingene ishamba rinini rishobora kudomekwa n’akariro gake.6N’ururimi na rwo rumeze nk’umuriro; ni nk’isi y’ikibi iri mu ngingo z’imibiri yacu. Rushobora kwanduza umubiri w’umuntu wose, rukadomeka ukubaho kwiwe kwose, kandi na rwo rudomekwa na Gehinomu.
7Ibikoko vy’ubwoko bwose, inyoni, ibikwega inda hasi n’ibiba mu biyaga umuntu ashobora kubiganza kandi yarabiganje koko,8ariko nta muntu ashobora kuganza neza ururimi rwiwe. Ni ikibi kitaruhuka, cuzuye ubumara bwica.
9Mu gihe kimwe usanga ururimi ari rwo duhimbarisha Umwami Imana Data wa twese, mu kindi gihe akaba ari rwo tuvumisha abantu, baremwe mw’ishusho y’Imana.10Mu kanwa kamwe hakavamwo uguhimbaza n’ukuvumana. Bene Data, uko si ko vyari bikwiye kumera.11Mbega mw’isoko imwe hovamwo amazi meza n’ayandi arura?12Bene Data, mbega umusukoni wokwama ivyamwa vya elayo, canke uruzabibu rwokwama insukoni? Ntibishoboka, uko ni ko n’isoko y’amazi arura idashobora kuvamwo amazi meza.

Ubwenge bw’uburyo bubiri

13Muri mwebwe ni nde ari umunyabwenge kandi atahura? Navyerekane mu ngeso nziza ziwe, no mu bikorwa vyiwe birangwa no guca bugufi kuva ku bwenge bw’ukuri.14Ariko nimwaba mwuzuye ishari, umururazi n’ukwikunda, ntimwishimire ubwo bwenge kuko mwoba mwihakanye ukuri.15“Ubwenge” nk’ubwo ntibwururuka buva mw’ijuru ariko ni ubw’isi, si ubw’impwemu, ni ubwa wa mubi.16Kuko aho ishari n’ukwikunda vyiganziye, ni naho hari umuvurungano n’ibikorwa bibi vyose.
17Ariko ubwenge buva mw’ijuru ubwa mbere na mbere buratunganye rwose; bukunda amahoro, ntibwishira imbere, buciye bugufi, bwuzuye imbabazi, bwama ivyamwa vyiza, ntibugira nkunzi, ntibugira uburyarya.18Kandi abaremesha amahoro bazobiba imbuto z’amahoro bimbure umwimbu witwa ubugororotsi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e