Yakobo5
Imburi ku batunzi bacinyiza abandi
1Ubu na ho nimunyumve, yemwe batunzi, murire muboroge kubera ivyago bigiye kubashikako.2Ubutunzi bwanyu buraboze, n’impuzu zanyu ziriwe n’umuswa.3Inzahabu n’ifeza vyanyu vyaguye ingese kandi ingese zavyo zizobatsindisha kandi zibarye bwa muriro. Mwirundanirije ubutunzi mu misi ya nyuma.4Ehe impembo z’abakozi bo mu mirima yanyu mwanse guhemba ziriko ziratakamba zibarega. Ugutaka kw’abimbuzi b’imirima yanyu kwashitse mu matwi y’Uhoraho Mushoboravyose.5Mwabaye mw’isi muri mu bihimbaro bikomeye, muhaza icipfuzo cose. Mwarigaburiye muravyibuha kurya kw’ibitungwa bategurira kubagwa.6Mwaratsindishije abagororotsi murongera murabica, kuko badashobora no kubagwanya.Ukwihanganira imibabaro
7Nuko rero bene Data, mwihangane gushika aho Umwami wacu azozira. Raba ingene umurimyi arindira ko umurima wiwe wera ivyimburwa kandi arorera yihanganye imvura y’agatasi n’iy’impeshi.8Namwe nimwihangane kandi muhagarare mushikamye, kuko ukuza k’Umwami kuri hafi.9Bene Data, ntimwidodomberanire, kugira ngo ntimuze mutsindwe n’urubanza. Umucamanza ari ku rugi.10Bene Data, mu vyo kwihanganira imibabaro, mufatire akarorero ku bavugishwa n’Imana bavuga mw’izina ry’Umwami Imana.11Nk’uko mubizi, abashoboye kwihangana tubita abahirwe. Mwarumvise ukwihangana kwa Yobu kandi mwarabonye ivyo Umwami Imana yamuhaye mu nyuma. Umwami Imana yuzuye impuhwe n’ikigongwe.12Ikirengeye vyose, bene Data, ntimukarahire ijuru canke isi canke ikindi kintu ic’ari co cose. Ico mukwiye kuvuga gusa ni: “Ego” canke “Oya,” ikirenze ivyo ni ico kubatsindisha.Isengesho ririmwo ukwizera
13Mbega hoba hariho uwo muri mwebwe afise ingorane? Nasenge. Hoba hariho uwuri mu munezero? Naririmbe indirimbo zo gutazira.14Hoba hariho uwo muri mwebwe agwaye? Nahamagare abarongozi bakuru b’ishengero bamusengere bamusige n’amavuta mw’izina ry’Umwami.15Isengesho ririmwo ukwizera rizotuma uwo murwayi akira; Umwami azomuvyura. Niyaba yarakoze ivyaha azobiharirwa.16Nuko rero mwaturanire ivyaha vyanyu, musengeranire kugira ngo mukire ingwara. Isengesho ry’umugororotsi ririmwo ububasha kandi rikora vyinshi.17Eliya yari umuntu nkatwe. Yasenze yinginga kugira ngo imvura ntigwe, kandi ntiyaguye muri ico gihugu kumara imyaka itatu n’igice.18Yongera gusenga, maze ijuru rirekura imvura, isi na yo izana ivyimburwa vyayo.19Bene Data, nihaba hariho uwataye inzira y’ukuri maze uwundi akamugarukana,20mwibuke ibi: uwukuye umunyavyaha mu nzira yiwe y’ubuzimire aba amukijije urupfu kandi atuma ivyaha vyiwe vyinshi biharirwa.Biblica, Inc.