Yakobo2
Kwirinda kurobanura ku butoni
1Bene Data, abizera Umwami wacu w’ubwiza Yesu Kristo, ntibarobanura ku butoni.2Nk’akarorero hinjiye umuntu mw’ikoraniro ryanyu yambaye impeta y’inzahabu n’impuzu nziza, hakinjira n’uwundi yambaye impuzu zishize.3Iyo mwitayeho cane wa wundi yambaye neza mukamubwira muti: “Ehe ng’iki ikibanza ciza canyu,” ariko mukabwira wa mukene muti: “Wewe hagarara harya” canke muti: “Icara hasi i ruhande y’ibirenge vyanje,”4mbega ntimuba mwiciyemwo ibice hagati yanyu kandi mugaca imanza mufise intumbero mbi?5Umviriza bene Data nkunda. Mbega Imana ntiyatoranije abitwa abakene muvy’iyi si ngo babe abatunzi mu vyo kwizera no kuzoragwa Ubwami yasezeraniye abayikunda?6Ariko mwebwe mutetereza umukene! Mbega si abatunzi babacuranguza bongera babashengeza mu bucamanza?7Mbega si bo bacokora rya zina ryiza mwitirirwa?8Mugira neza, nimwaba vy’ukuri mukizigamye ca cagezwe kiri mu Vyanditswe kivuga ngo: “Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.” 9Ariko, nimwaba mukirobanura abantu ku butoni, muzoba mucumuye kandi mutsinzwe n’urubanza rw’uko murenga ku vyagezwe.10Kuko uwitondera ivyagezwe vyose ariko agatsitara kuri kimwe acirirwa urubanza nk’uwabicumuyeko vyose.11Kuko Imana yavuze ngo: “Ntugasambane” ni na yo yavuze ngo: “Ntukice.” Rero naho utosambana ariko ukica, uzoba warenze ku vyagezwe.12Mu mvugo no mu ngiro, mukore nk’abazocirwa urubanza n’ivyagezwe bitanga umwidegemvyo,13kuko mu guca imanza, Imana atazogirira imbabazi abanse kuzigirira abandi. Ariko abagira imbabazi bazozigirirwa, kuko imbabazi zitsinda urubanza!Ukwizera n’ibikorwa
14Mbega vyomara iki ga bene Data, nimba umuntu avuga ko afise ukwizera ariko ntakwerekanishe ibikorwa? Mbega ukwizera ben’ukwo kwoshobora kumukiza?15Dufate ko hari mwene Data atagira ico yambara canke ico afungura.16Hamwe umwe muri mwebwe yomubwira ati: “Niwigire amahoro, wambare neza kandi ufungure,” ariko ntagire ico akora, yoba amufashije iki?17Ni ko bimeze, n’ukwizera kwonyene kudaherekejwe n’ibikorwa, kuba gupfuye.18Ariko hariho uwoshobora kuvuga ati: “Bamwe bafise ukwizera, abandi na bo bafise ibikorwa.”Ariko, jewe nanje nomubaza nti: “Ni gute ushobora kunyereka ukwizera kwawe kandi ata bikorwa? Jewe nokwereka ukwizera kwanje mu kukwereka ibikorwa vyiza.”19Uvuga ko ufise ukwizera kuko wizera ko hari Imana imwe. Ivyo ni vyiza! Ariko n’abadayimoni ivyo baravyizera, mbere bakanajugumira kubera gutinya.20Mbega imburabwenge! Ukeneye ikikwemeza ko ukwizera kutagira ibikorwa ata co kumaze?21Mbega sogokuruza wacu Aburahamu ntiyiswe umugororotsi kubera ivyo yakoze, mu kwemera gutanga Isaka nk’ikimazi ku gicaniro?22Urabona rero ko ukwizera kwiwe n’ibikorwa vyiwe vyose vyakoreye hamwe, ukwizera kwiwe kukuzuzwa n’ibikorwa yakoze.23Hanyuma Ivyanditswe bivuga ngo: “Aburahamu yizeye Imana bituma imwemera nk’umugororotsi,” birashitswa mbere aca yitwa umukunzi w’Imana.24Urabona rero ko umuntu yemerwa ko agororotse kubera ibikorwa biherekeza ukwizera ariko atari ukwizera kwonyene.25Kandi muri iyo ntumbero nyene, mbega Rahabu maraya ntiyemewe nk’uwugororotse bivuye ku vyo yakoze igihe yaha indaro ba batasi kandi akabarungika abacishije mu yindi nzira?26Nk’uko umubiri utagira impwemu uba upfuye ni ko n’ukwizera kudaherekejwe n’ibikorwa kuba gupfuye.
Biblica, Inc.