Yesaya56
Agakiza ku bandi
1Uku ni ko Uhoraho avuze:“Nimuce iziroranye,kandi mukore ibibereye,kuko agakiza kanje kari hafi cane,kandi ukugororoka kwanje kukaba kugira guhishurwe vuba.2Hahiriwe uwukora ivyo,uwo muntu abifashe nkama,yubahiriza Isabato ntayihumanye,akarinda amaboko yiwe ntakore ikibi na kimwe.”3Umunyamahanga yifatanije n’Uhoraho, ashobora kuvuga ati:“Uhoraho azonca mu bantu biwe.”Kandi n’inkone ishobora kuvuga iti:“Jeho ndi igiti cumye.”4Uku ni ko Uhoraho avuze:“Inkone zubahiriza Isabato,zigahitamwo gukora ibimpimbara,zikazigama isezerano,5nzoziha igihome c’icibutso mu nzu yanje,icibutso hamwe n’izinarisumba iry’abahungu n’abakobwa;nzoziha izina rizohoraho,rizokwamaho ibihe bidashira.6Abanyamahanga bifatanya n’Uhorahokugira ngo bamukorere,bakunde izina ry’Uhorahobabe abakozi biwe,hamwe n’abo bose bubahiriza Isabato ntibayihumanye,bakagumya isezerano ryanje,7nzobazana ku musozi wanje wera,ndabahere umunezero mu nzu yanje yo gusengeramwo.Amashikanwa y’ibiturirwa bikamota neza hamwe n’ibimazi vyabobizokwakirwa ku gicaniro canje;kuko Ingoro yanje izokwitwainzu isengerwamwo n’amahanga yose.”8Uhoraho Nyeninganji,we yegeranije Abisirayeli abakuye mu kinyago, avuze ati:“Nzokwegeranya n’abandi,ndabashire hamwe n’abamaze kwegeranywa.”Imana yagiriza inkozi z’ibibi
9Nimuze, yemwe nyamaswa zo mu gahinga mwese,nimuze mutabagure namwe bikoko vyo mw’ishamba!10Abateramyi ba Isirayeli ni impumyi,bose ni imburabwenge;ni imbwa z’ibiragi,zidashobora gukuga;bararyama bakarota,bakunda gusinzira!11Ni imbwa zitigera zihaga,zitigera zironka ibikwiye.Ni abungere batagira ubwenge,bazimirira mu nzira zabo,umwe wese akironderera inyungu ziwe.12Umwe wese aravuga ati: “Nimuze, hinge nzane umuvinyu!Reka tunywe iziboreza kugeza tuborewe!Kandi ejo bizoba bimeze nk’uno musi,canke mbere binarushirize kuba vyiza.”Biblica, Inc.