Yesaya55

Uwunyotewe naze

1Nimuze yemwe abafise inyota,nimuze mwironkere amazi;na mwebwe mudafise amahera nimuze,nimuze, musume kandi murye!Nimuze, mugure umuvinyu n’amata,ata mahera, ata kiguzi.2Ni kuki muta amahera yanyu ku bitari indya,mukaruhira ibitabahaza?Nimunyumvirize kugira ngo mubone kurya ivyiza,ni ho muzonezerererwa ivyokurya biryoshe.3Nimutege amatwi, muze aho ndi,mwumvirize, kugira ngo mubone kubaho.Nzogirana namwe isezerano ry’intahava,ari ryo sezerano ry’urukundo rudahera nasezeraniye Dawidi.4Ehe raba, namugize icabona co gushingira intahe abantu,ndamugira umutware wo kubarongora.5Ni ukuri nawe uzotegeka amahanga utazi,kandi amahanga utigeze umenya azokwihuta aza aho uri,abitewe n’Uhoraho Imana yawe,Uwera wa Isirayeli,kuko azoba yakwambitse ubwiza.
6Nimurondere Uhoraho bigishoboka ko mumubona,mumuhamagare akiri hafi.7Umunyakibi nareke inzira ziwe,umunyavyaha ave mu vyiyumviro vyiwe bibi.Bagaruke k’Uhoraho, na we azobagirira imbabazi,bagaruke ku Mana yacu, na yo izobaharira ku buntu.
8“Kuko ivyiyumviro vyanje atari vyo vyiyumviro vyanyu,kandi n’inzira zanyu atari zo nzira zanje,”ni ko Uhoraho avuze.
9“Nk’uko amajuru ari hejuru cane y’isi,ni ko n’inzira zanje ziri hejuru cane y’inzira zanyu,kandi ni ko n’ivyiyumviro vyanje biri hejuru cane y’ivyanyu.10Nk’uko imvura na shelegibimanuka bivuye mw’ijuru,hanyuma ntibisubire inyumabitavomeye isi,bigatuma itota igashobora kumera,kugira ngo ihe umubivyi umwimbu n’umuryi ivyokurya,11ni ko n’ijambo riva mu kanwa kanje riri:ntirizosubira inyuma uko ryaje,ariko rizoshitsa intumbero yanje,rishitse intumbero yatumye ndarituma.12Namwe muzovanayo umunezero,murongowe mu mahoro;imisozi n’imitumbabizoturika bibaririmbire,n’ibiti vyo ku misozibibakomere amashi.13Ahahora imibambangwe hazomera amasederi,ahari imikere hamere imiriteliIvyo bizotuma Uhoraho aba rurangiranwakubera ico kimenyetso gihoraho,kitazigera gikurwaho.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e