Yesaya57

1Abagororotsi bariko barahona,ariko nta n’umwe abishizeko umutima.Intungane ziriko zirakurwaho,ariko nta n’umwe atahurako abagororotsi bakuwehokugira ngo barindwe ivyago biri imbere.2Abagendera mu kugororokabashikira mu mahoro,bararuhuka basinziriye itiro ry’urupfu.
3“Ariko mweho nimwigire hano, mwa bana b’umupfumukazi,namwe ruvyaro rw’umusambanyi n’umumaraya!4Mbega uwo mucokora ni nde?Ni nde muha ibinoko,mukamwereka ururimi?Mbega ntimuri abana b’abagarariji,uruvyaro rw’ababeshi?5Muganzwa n’ivyipfuzo vy’ubusambanyi muri musi y’ibiti bininino musi y’igiti cose gitotahaye,abana banyu mukabatangako ibimazi mu myongano mu migaga y’ibitandara.
6Mu mabuye asenye yo mu myonga ni ho hari umugabane wanyu,kandi ni vyo ragi ryanyu.Ni yo mwashikaniye amashikanwa yanyu y’ibinyobwa,muyashikanira n’amashikanwa y’ifu.Mbega ivyo nobinezerererwa?7Wasambaniye ku mpinga z’imisozi mu kuhasengera ibigirwamana;ni ho wagiye urashikanira ibimazi.8Inyuma y’inzugi n’ibishimaryango vyawewahashize ibimenyetso vy’ingene uri umunyavyaha.Mu kunta, wapfukuye uburiri bwawe,urabwurira urabugaranzura,ugirana isezerano n’abo wikundiye,urabana ukwipfuza imibiri yabo iri gusa.9Wagiye kuraba Moleki wisize amavuta ya elayo,wisize n’ibimota cane iyo bituriwe.Utuma intumwa zawe kure cane,gushika n’aho zishika i kuzimu.10Wagenze urugendo rurerure, urananirwa,ariko ntiwikebuka ngo uvuge uti: ‘Nta kizovamwo.’Ariko kuko ukwipfuza kwawe kwari gukomeye,wakomeje urugendo, ntiwacitse intege.
11Mbega uwo mwatinya akabatera ubwoba ni nde,bigatuma mumbesha,mukanyibagira,ntimunanyiyumvireko mu mitima yanyu?Mbega si kubera namaze igihe kinini nihoreye,vyatumye mutanyubaha?12Nzoshira ahabona ivyo wita ukugororoka kwawe n’ibikorwa vyawe,ariko nta co bizokumarira.13Niwasemerera ushaka gutabarwa,ibigirwamana wegeranije birazogutabara!Igihuhusi kizobitwara,n’umuyaga usanzwe uzobikuraho.Ariko uwungira ubuhungiro bwiweazoragwa igihugu,ahabwe umusozi wanje wera.”

Uguhumurizwa kw’abihanye

14Kandi bizovugwa ngo:“Nimuharure, nimuharure, mutunganye inzira y’Uhoraho!Mukure mu nzira ivyotsitaza abantu banje vyose.”15Kuko uwushizwe hejuru cane, aravuzeuwuhoraho ibihe vyose, akitwa uwera:avuze ati: “Mba hejuru, kandi hera,ariko kandi mbana n’uwufise umutima umenetse,yicishije bugufi,kugira ngo mpembure imitima iciye bugufi,n’imitima imenetse.16Sinzokwama ntongana ibihe vyose,kandi sinzokwama ndatse,ahandi ho imitima n’impwemu vy’umuntu naremyevyohonera rimwe imbere yanje.17Icaha ciwe ni co candakije,maze ndamuhana, nyegeza mu nyonga hanje kubera ndatse,ariko yigumira mu vyo yigombeye.18Narabonye ingeso ziwe, ariko nzomukiza;nzobarongora, nongere ndemeshe Abisirayeli bagandaye,19ndeme ishimwe mu kanwa kabo.Amahoro, amahoro, ku bari hafi no ku bari kure,”ni ko Uhoraho avuze.“Kandi nzobakiza.”20Ariko abanyakibi bameze nk’ikiyaga gisuriranya,kidashobora gutekana,imipfunda yaco ikazikurura isuri n’ivyondo.21“Nta mahoro ku munyakibi,” ni ko Imana yanje ivuze.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e