Yesaya54
Icubahiro ca Siyoni mu gihe kizoza
1“Ririmba, ewe mugore w’ingumba,wewe utigeze uvyara;turika uririmbe usemererane umunezero,wewe utigeze utera igise;kuko abana b’intabwa ari bo benshigusumba ab’abafise abagabo,”ni ko Uhoraho avuze.2“Agura ikibanza c’ihema ryawe,wagure n’amahema yawe,ntugarukire hafi.Wungure imigozi yaryo,ukomeze imambo zaryo.3Kuko uzokwira hose i buryo n’i bubamfu;uruvyaro rwawe ruzokwegukira amahanga,babe mu bisagara vyahebwe.4Ntutinye, kuko ntuzosubira guteterwa.Kandi ntutinye kumaramara,kuko isoni ntizizokwongera kukwica.Ahubwo uzokwibagira ibimaramare vyo mu buto bwawe,n’agakengerwe ko mu bupfakazi bwawe ntuzokibuka.5Kuko Umuremyi wawe ari we azoba umugabo wawe,Uhoraho Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe,Uwera wa Isirayeli ni we Mucunguzi wawe;yitwa Imana y’isi yose.6Uhoraho azokwiyegerezank’umugore yahebwe yuzuye amaganya mu mutima,nk’umugore yarongowe akiri muto,hanyuma akirukanwa, ni ko Imana yawe ivuze.7Naragutaye igihe gito,ariko nzokwiyegerezanya imbabazi nyinshi nkugarukane.8Kubera ishavu ryinshinakunyegeje mu maso hanje kumara igihe,ariko mu bugwaneza bwamahonzokugirira impuhwe,”ni ko Uhoraho Umucunguzi wawe avuze.9“Ivyo bimbereye nko mu misi ya Nowa,aho narahira ko umwuzure utazosubira kurengera isi.N’ubu ndarahiye ko ntazosubira kukurakira,sinzosubira kuguhana.10Naho imisozi yonyiganyiga,imitumba ikavaho,urukundo ngukunda ntiruzokwigera runyiganyiga,canke ngo isezerano ryanje ry’amahoro riveho,”ni ko Uhoraho agufitiye imbabazi avuze.11“Yewe wa gisagara gihahajwe, ukazungagizwa n’igihuhusi ukabura kiremesha,nzokwubakisha amabuye y’agaciro yitwa turikwaze,kandi amatanguriro yawe ndayubakishe amabuye yitwa lapisi lazuli.12Iminara yawe nzoyubakisha amabuye aca ibibatsi,amarembo yawe nzoyubakisha amabuye y’agaciro,inzitiro zawe ndazubakishe utubuye dukayangana.13Abana bawe bose bazokwigishwa n’Uhoraho,kandi bazogira amahoro asesekaye.14Nzogukomereza mu bugororotsi:Ugutwazwa amanyama kuzoba kure yawe,ntuzogira ico utinya.Ibiteye ubwoba bizoshirwa kure,ntibizokwegera.15Nihagira uwugutera, si jewe nzoba ndamurungitse;kandi uwuzogutera wese azoza akwisabe.16Ehe raba ni jewe naremye umucuzi avugutira amakara akaba urubeya,hanyuma agacura ikigwanisho uko ashatse,kandi umuranduzi ni jewe namuremeye kurandura.17Ariko nta kigwanisho cacuriwe kukugwanya kizogira ico kikugira,kandi uzotsinda uwo wese azoguhagurukira ngo akuburanye.Uwo ni wo mugabane w’abasavyi b’Uhoraho,kandi ni kwo kugororoka kwabo kuva kuri jewe,”ni ko Uhoraho avuze.Biblica, Inc.