Yesaya53

1Ni nde yizeye ubutumwa bwacu,kandi ni ba nde Uhoraho yahishuriye ukuboko kwiwe kw’ubushobozi?2Yakuriye imbere y’Uhoraho ameze nk’igiterwa kigoyagoya,ameze nk’agati kamera kava mw’isi yumye.Ntiyari afise ubwiza canke ishusho ikayangana ngo bitume abantu bamwirukira,nta co twamubonako cotumye tumwipfuza.3Yarasuzugurwa, agakumirwa n’abantu,yari umunyamibabaro, yari azi kubabazwa ico ari co.Yari ameze nk’umuntu abandi batagomba kuraba,yarakengerewe, natwe nta gaciro twamuhaye.
4Ariko ni ukuri imibabaro yacu ni yo yishizeko,imibabaro yacu ni yo yikoreye.Ariko twibajije ko yahanywe n’Imana,ko yakubiswe na yo, kandi akababazwa.5Ariko ivyaha vyacu ni vyo yacumitiwe,yajanjaguriwe ibigabitanyo vyacu;igihano kiduhesha amahoro cabaye kuri we,kandi ibikomere vyiwe ni vyo bidukiza.6Twese twari tumeze nk’intama zizimiye,umwe wese akajana inzira yiwe;maze Uhoraho amushirakoibigabitanyo vyacu twese.
7Yarahahajwe, arababazwa,ariko ntiyakuyeko umunwa;amera kurya kw’umwagazi w’intama ujanwa kubagwa,atekereza nk’intama imbere y’uwuyimwa ubwoya,ntiyigera akurako umunwa.8Agacinyizo n’urubanza rw’akarenganyo ni vyo vyatumye akurwaho.Mbega, hoba hari n’umwe wo mu runganwe rwiwe yabihakanye?Kuko yaciwe mw’isi y’abazima,yicirwa ivyaha vy’abantu banje.9Yahambwe hamwe n’inkozi z’ibibi,asangira imva n’umutunzi,n’aho ata kibi yakoze,kandi ata bugunge bwari mu kanwa kiwe.
10Ariko Uhoraho ni we yashimye kumujanjagura, amuteza imibabaro,kandi naho Uhoraho yatumye ubuzima bwiwe buba ikimazi c’indishi,azobona uruvyaro rwiwe, kandi azoramba,imigambi y’Uhoraho yose izoshitswa n’ukuboko kwiwe.11Amaze kubabazwa, azobona umuco w’ubugingo,azobona ivyamwa vy’imibabaro yiwe,kandi azohimbarwa.Kubera ubwenge bwiwe, umusavyi wanje agororokaazoshikana benshi ku kugororoka,kandi azokwishirako ukugabitanya kwabo.12Ni co gituma nzomuha gutorana hamwe n’abahambaye,agabure iminyago n’abanyenkomezi,kuko yatanze ubuzima bwiwe gushika n’aho yemera gupfa,agaharurwa nk’umwe mu bagarariji.Yikoreye ivyaha vya benshi,yongera asabira abanyabicumuro.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e