Yesaya52
1Ikangure, ikangure, yewe Siyoni,wambare inkomezi.Niwambare imyambaro yawe y’ubwiza,Yerusalemu, umugwa wera.Kuko ata batakebwe canke abahumanyebazosubira kukwinjiramwo.2Ikunkumure umukungugu;uhaguruke, wicare ku ntebe y’ubwami, ewe Yerusalemu.Iyambure iminyororo mw’izosi,yewe mukobwa w’i Siyoni, wagizwe imbohe.3Kuko uku ni ko Uhoraho avuze:“Mwaguzwe ubusa,muzocungurwa ata mahera atanzwe.”4Kuko uku ari ko Uhoraho Nyeninganji avuze:“Ubwa mbere, abantu banje babanje kumanukanwa muri Egiputa,mu nyuma bacinyizwa na Ashuri.5None ibi na vyo ni ibiki? Ni ko Uhoraho abaza.Ko abantu banje basubiriye kujanwa nk’inyagano ata gituma,kandi abatware bakanshinyaguriza,ni ko Uhoraho avuzeKandi ku murango no mw’ijoroizina ryanje rikama ritukwa?”6“Ni co gituma abantu banje bazomenya izina ryanje;ni co gituma kuri uwo musi bazomenyako ari jewe nabivuze imbere y’igihe.Ni vyo, koko ni jewe.”7Ese ukuntu ibirenge vy’abazanye inkuru nzizaari vyiza ku misozibakamamaza ivy’amahoro,bakazana inkuru nzizabakamamaza ivy’agakiza,bakabwira Siyoni bati:“Imana yawe iraganje!”8Umviriza! Abateramyi bawe badugije amajwi yabo;bose hamwe barafatanije kuririmba indirimbo z’umunezero.Uhoraho niyagaruka i Siyoni,bazovyibonera n’amaso yabo.9Turika muririmbire hamwe indirimbo z’umunezero,yemwe mwa misaka mwe y’i Yerusalemu,kuko Uhoraho ahojeje abantu biwe,kandi acunguye Yerusalemu.10Uhoraho yerekanye ububasha bwiwe n’ukwera kwiweimbere y’amahanga yose,kandi impera z’isi zosezizobona agakiza k’Imana yacu.11Nimugende, nimugende, musohoke muveyo!Ntihagire igihumanye mukorako!Muveyo, mutunganye,yemwe abatwaye ibikoresho vyo mu nzu y’Uhoraho.12Ariko ntimuzoveyo mwiruka,mumeze nk’abahunga;kuko Uhoraho azoba ari imbere yanyu,Imana ya Isirayeli izoba ari igihome kibakingira.
Ukubabazwa n’icubahiro c’umukozi
13Ehe raba umusavyi wanje azokorana ubwenge;azokuzwa, ashirwe hejuru, ahabwe icubahiro cinshi.14Kandi nk’uko benshi bamutangariye bamubonyekuko mu maso hiwe hari hononekaye, hadasa n’ah’abantu,n’ishusho yiwe yononekaye idasa n’iy’abantu,15ni uko azokweza amahanga menshi,kandi abami ntibazokura ururimi mu kanwa imbere yiwe.Kuko ivyo batabwiwe bazovyibonera,kandi ivyo batigeze bumva, bazobitahura.Biblica, Inc.