Yesaya4
1Muri ico gihe, abagore indwibazofata umugabo umwe,bamubwire bati: “Tuzorya ivyokurya twirondereye,kandi tuzokwironderera impuzu twambara.Twemerere gusa twitirirwe izina ryawe,udukureko ibimaramare.”
Ishami ry’Uhoraho
2Ariko muri ico gihe ishami ry’Uhoraho rizokwambikwa ubwiza n’ugukayangana, kandi amasigarira y’Abisirayeli azokwishimira yongere anezererwe ivyamwa vyo mu gihugu.3Abazoba basigaye i Siyoni, bakaguma i Yerusalemu, bazokwitwa abera. Ni abazoba barokotse bakaba banditswe mu gitabu c’abazima i Yerusalemu.4Imana izokwoza imyanda y’abakobwa b’i Siyoni, ihanagure amaraso yasesekeye i Yerusalemu ikoresheje impwemu y’urubanza n’impwemu y’umuriro.5Ku murango, Uhoraho azorema igicu kibe hejuru y’umusozi Siyoni hamwe n’abahakoranira bose, mw’ijoro na ho aharemere imbeya z’umuriro. Icubahiro ciwe kizoba hejuru ya vyose nk’ihema rinini rihapfutse.6Kizoba ubwugamo n’igitutu mu bushuhe bwo ku murango, n’ubuhungiro n’ubwihisho mu gihe c’igihuhusi n’imvura.Biblica, Inc.