Yesaya3

Urubanza rwa Yerusalemu na Yuda

1Ehe raba, Umwami,Uhoraho Mushoboravyose,agira anyage ab’i Yerusalemu n’ab’i Buyudaivyo baronka n’ivyabashigikira:ivyo baronka vyose vyokurya n’ivyo baronka vyose vy’amazi.2Azohonya abahizi mu ntambara,abacamanza, abavugishwa, abapfumu hamwe n’abakuru,3intwazangabo irongora abasoda mirongo itanu n’abanyacubahiro,abahanuzi, abanyamyuga bahambaye hamwe n’inkerebutsi z’abaragura.
4Nzobaha abana babo bababere abatware,abana bato babe ari bo babategeka.
5Abantu bazocinyizanya,umugabo acinyize uwundi mugabo,umubanyi acinyize umubanyi wiwe.Umwana azosuzugura umutama,umuntu ata co amaze asuzugure umunyacubahiro.
6Ico gihe umuntu azobwira uwo bavukana ati:“Ko ari wewe ufise umwambaro,ba ari wewe uba umutware wacu,abe ari wewe witaho ico kirundo c’umusaka!”7Ariko muri ico gihe na we azosemerera ababwire ati:“Erega nta co nobafasha!Simfise ivyokurya canke ivyambarwa mu nzu yanje;ntimungire umurongozi w’abantu.”
8Yerusalemu haradandabagirana,n’i Buyuda haratemvye.Amajambo n’ibikorwa vyabo bigwanya Uhoraho,bagashinyagurira imbere y’ubwiza bwiwe.9Mu maso habo harabagiriza,bagenda berekana ivyaha vyabo nk’ab’i Sodomu,ntibabinyegeza.Baragowe!Bihamagariye ivyago.
10Bwira abagororotsi ko bazomererwa neza,kuko bazorya ibivuye mu maboko yabo.11Ariko abanyavyaha bazobona ibara!Ivyago bizobagwako.Bazosubirizwa mu nkoko,ibihwanye n’ivyo bakoze.
12Ubwoko bwanje bucinyijwe n’abana,abagore ni bo babutegeka.Yewe bwoko bwanje, abarongozi bawe barakuzimije,bagutesheje inzira.
13Uhoraho yicaye ku ntebe y’imanza,ahagurukijwe no gucira urubanza ubwoko bwiwe.14Uhoraho yinjiye ngo ace urubanzaarucira abatware n’abarongozi b’ubwoko bwiwe:“Ni mwebwe mwamponereje uruzabibu,ivyo mwanyaze abakene bikaba biri mu mazu yanyu.15Ni iki catumye musiribanga ubwoko bwanje,mukamenagura imitwe y’aboro?”ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
16Uhoraho aravuze ati: “Abakobwa b’i Siyoni buzuye ubwibone,bagenda baneze amazosi,barabisha amaso yuzuye ubushirasoni,kandi bakagenda baneze amazosi,bajegeza ibisharizo vy’imigufu bambaye ku maguru.17Ni co gituma Imana izoteza abakobwa b’i Siyoni ibisekera ku mitwe,imitwe yabo iyigire ibiharabuga.”
18Kuri uwo musi Imana izokuraho ubwiza bw’ivyambarwa vyabo:19amahereni, imiringa yo ku maboko, hamwe n’imyitwikiro,20ingori, imigufu yo ku maguru, uducupa tw’ibimota neza, utugirwamana,21impeta zo ku ntoke n’izo ku mazuru,22amakanzu mezameza, impuzu zo kurenza hejuru n’udusaho,23ivyirore, inkenyerano zera hamwe n’ibitambara vyo ku mutwe.24Maze aho kumota neza, bazonuka;mu gishingo c’umukanda, azobakenyeza umugozi,mu gishingo co gusokoza uruhanika, azobaharangura imitwe,mu gishingo c’impuzu nziza azobambika amagunira,mu gishingo c’ubwiza, azobambika ibimaramare.25Abagabo banyu bazomarwa n’inkota,abagwanyi banyu na bo bazogwa ku rugamba.26Amarembo y’i Siyoni azorira aboroge,igisagara gisanganguwe, kizokwicara hasi.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e