Yesaya5
Indirimbo y’uruzabibu
1Reka ndirimbire umukunzi wanje,indirimbo y’umurima wiwe w’imizabibu:Umukunzi wanje yari afise umurima w’imizabibuku musozi umera cane.2Uwo musozi yarawurimye, akuraho amabuye,atoranya imizabibu myiza kurusha iyindi, ayitera kuri wo.Awubakako umunara,ashiramwo n’ubwato baganiramwo.Mu nyuma aja kuraba ko yoronka inzabibu nziza yokwimbura,ariko asanga huzuyeyo ibihumbwa gusa.3None rero yemwe ababa i Yerusalemu, namwe bagabo b’i Buyuda,nimuducire urubanza twe n’uwo murima wanje.4Ni igiki kirengeye ivyonari gukorera uwo murima wanje w’imizabibu?Ni kuki wamye ibihumbwa,kandi nari niteze ko unyamira inzabibu nziza?5Hinge ndababwireico ngiye gukorera uwo murima wanje w’imizabibu:Nzosambura inzitiro zawo,kugira ngo wonwe.Nzosenyura impome ziwukikuje,kugira ngo uze uhonyangwe.6Nzowuhonya,ntuzotuturirwa, ntuzonabagarirwa,amahwa n’ibitovu ni vyo bizowumeramwo.Nzotegeka ibicu,ntihagire imvura iwugwamwo.7Umurima w’imizabibu w’Uhoraho Mushoboravyoseni inzu ya Isirayeli,abantu b’i Buyuda na bo ni bo murima wamuhimbara.Uhoraho yari abitezeko imanza zigororotse,ariko abona ugusesa amaraso,yabarondeyeko ukugororoka,ariko abumvamwo amarira n’imibabaro.Amagorwa n’imanza
8Muragowe mwebwe mwomeka amazu ku yandi,amatongo ku yandi mukifataniriza,igihugu mukaciganzira,ngo mukibemwo mwenyene.9Uhoraho Mushoboravyose yabivuze numva, ati:“Ndababwije ukuri, amazu mezameza azosambuka,kandi n’amazu maninimanini azosigara ata wuyabamwo.10Ihegitari zitatu z’imizabibu zizovamwo ingero batu imwe gusa y’umutobe,ingero homeru y’imbuto z’ingano izovamwo ingero efa imwe gusa y’umwimbu.”11Muragowemwebwe muzindukira kunywa ibiborezamukarara mwicaye,mwishusha mu kunywa umuvinyu.12Ibirori vyabo birimwo inanga, amakembe,ingoma, imyironge n’umuvinyu,ariko nta wubabara ibikorwa vy’Uhoraho,nta wuha agaciro ibikorwa vy’amaboko yiwe.13Ni co gituma abantu banje bazoja mu kinyago,kuko batigeze bagira ugutahura.Abashizwe hejuru bo muri bo bazokwicwa n’inzara,abaciye bugufi bicwe n’inyota.14Ni co gituma i kuzimu haguye umuhogo waho,hagataburura umunwa cane.Abubashwe n’amasinzi hazobamira,bajane n’amasinzi y’imborerwa zaho.15Abantu bazosubizwa hasi,kandi n’umwana w’umuntu acishijwe bugufi,amaso y’abibone amaramare.16Ariko Uhoraho Mushoboravyose azoshirwa hejuru mu bugororotsi bwiwe,kandi Imana Yera izokwerekanwa ko ari iyera n’ibikorwa vyayo vy’ubugororotsi.17Ico gihe intama zizorisha nk’iziri mu buragiro bwazo,imyagazi na yo izorisha ahahora amazu y’abatunzi.18Bazobona ibara abakwegesha ivyaha imigozi y’ububeshi.Bakwegana n’ivyaha vyabo nk’uko umuntu akwega umukogote.19Ni bo bavuga bati: “Uhoraho nanyaruke;nanyarutse igikorwa ciwe,natwe tukibone.Integuro y’Uwera wa Isirayelinitwegere, nishike aho tuyibonakugira ngo tuyimenye.”20Bazobona ibara abafata ibibi bakavyita ivyiza,ivyiza na vyo bakavyita ibibi.Umuco bawita umwijima,umwijima bakawita umuco.Kuri bo, ikirura kirasosa,igisosa na co kirarura.21Baragowe abigira abanyabwenge mu mitima,bakibona ko bafise ubumenyi bukomeye.22Baragowe abigira abahizi mu kunywa umuvinyu,no mu kugana inzoga zikaze,23bakarya ibiturire kugira beze uwatsinzwe n’icaha,bagatsindisha uwutagira ico azira.24Ni co gituma, bazozimangana nk’ubwatsi buturirwa n’umuriro,imizi yabo izobora, n’amashurwe yabo azokabirana;kuko bataye Ivyagezwe vy’Uhoraho Imana Mushoboravyose,birengagiza ijambo ry’Uwera wa Isirayeli.25Ni co gituma uburake bw’Uhoraho bururumvye ku bantu biwe,ukuboko kwiwe akakubangurira kubahonya.Imisozi izonyiganyiga,imivyimba y’abapfuye izokwandagara ku mabarabara nk’imyanda.Ariko ivyo vyose ntibizohwamika uburake bwiwe,ukuboko kwiwe kuzoba kukibanguye kuri bo.26Azorungikira amahanga ikimenyetso ari kure.Azovuza uruhwa ahamagare abo ku mpera z’isi,maze bose bazosiganwa baja i Yerusalemu.27Nta n’umwe muri bo azoruha canke ngo atsitare.Nta wuzohunyiza canke ngo asinzire.Imikanda yabo ntizokenyuruka,n’imigozi y’ibirato vyabo ntizocika.28Imyampi yabo irasongoye,n’imiheto yabo irabanze.Ibinono vy’ifarasi zabo bimeze nk’amabuye y’amasare,imikogote yabo yiruka nk’agashururu.29Ukwivuga kwabo ni nk’ukw’intambwe,bivuga nk’imikangara y’intare.Ziraroha iyo zigize ico zubura,zikagitwara ata gitabara.30Muri ico gihe, hazoba imituragaro hejurukandi abazoterera amaso mu gihugu,bazobona ukwiraburanirwa kuvuye ku mibabaro,n’umuco uzozimanganywa n’ibicu.Biblica, Inc.