Yesaya26

Indirimbo y’ishimwe

1Kuri uwo musi, iyi ni yo ndirimbo izoririmbwa mu gihugu c’i Buyuda:Dufise igisagara gikomeye,Imana iduhaye agakiza,ngo kabe inzitiro n’ibihome bidukingira.2Nimwugurure amarembo,kugira ngo ihanga rigororotse ryinjire,ihanga rigumya ukwizera.3Uzozigamira mu mahoro yuzuyeabo bose bashira ivyiyumviro vyabo kuri wewe,kuko bakwizigiye!4Mwizigire Uhoraho ibihe vyose,kuko Uhoraho Imana ubwiwe ari we gitandara gihoraho.5Acisha bugufi ababa ahantu hakirurutse;igisagara cishira hejuru agisubiza hasi;arakimanura gushika hasi,akakiryamika mu mukungugu.6Kizohonyangwa n’ibirenge,ibirenge vy’impahazwa,n’ibirenge vy’aboro.
7Inzira y’umugororotsi iraramvuye,kandi wewe Mugororotsi wenyene,ni wewe utuma inzira y’umugororotsi iringanira.8Ewe Uhoraho, mu nzira z’ivyagezwe vyaweni ho tukwitegeye,izina ryawe n’ukuba rurangiranwa kwaweni vyo imitima yacu ihahamiye.9Umutima wanje uragushaka mw’ijoro,mu gitondo impwemu yanje ikakurondera.Iyo urubanza rwawe ruje kw’isi,ababa kw’isi baca bigiraho ukugororoka.10Ariko abanyakibi n’aho ubagirira ubuntu,ntibaca biga ukugororoka;mbere no mu gihugu c’abagororotsi baguma bakora ivyaha,ntibigera babona ubukuru bw’Uhoraho.11Yewe Uhoraho, ubabanguriye ukuboko kwawe,ariko ntibanabibona.Reka babone ishaka ufitiye ubwoko bwawe, maze ubamaramaze;rekura umuriro wageneye abansi bawe ubatongore.
12Uhoraho, ni wewe uzoduha amahoro,kandi ivyo twashitseko vyose ni wewe wabidukoreye.13Yewe Uhoraho, Mana yacu, abami badutwaye ni benshi,ariko izina ryawe ryonyene ni ryo duha icubahiro.14Barapfuye, ntibakiriho,impwemu zabo zaragiye, ntizikigaruka.Warabahanye kandi ubashitsa aho batikira,urabazimanganya, ntibasubira kwibukwa.15Yewe Uhoraho, waratwaguriye igihugu,ni wewe wakitwaguriye.Warihesheje icubahiro,utwagurira imbibe z’igihugu.
16Uhoraho we, igihe twari mu vyago twarakurondeye,inkoni yawe idushitsekodusuka amaganya yacu imbere yawe.17Twari tumeze nk’umugore ari ku bisearibwa akarizwa n’imibabaro.Natwe ni ko twari tumeze, yewe Uhoraho.18Twari twibungenze umwana, turibwa, turi mu mibabaro,ariko tuvyara umuyaga.Nta gakiza twazaniye isi,kandi nta n’ubuzima twazanye muri iyi si.
19Ariko abawe bapfuye bazobaho, yewe Uhoraho;imibiri yabo izozuka.Mwebwe abari mu mukungugu,ikangure muririmbe indirimbo z’umunezero.Kuko ikime canyu kimeze nk’ikime c’agatondo,kandi isi izogarukana abapfuye.
20Nimugende, yemwe mwa bwoko bwanje,mwinjire mu vyumba mwiyugarane,mwinyegeze gatoya,uburake bwiwe bubanze burengane.21Ehe raba Uhoraho avuye mw’ijuru,ahagurukanywe no guhanira abo kw’isi ivyaha vyabo.Isi izogaragaza amaraso yayisheshweko,ntizosubira gupfuka abishwe bari muri yo.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e