Yesaya25
Ishimwe ni iry’Uhoraho
1Yewe Uhoraho, ni wewe Mana yanje;nzogushira hejuru nongere ntazire izina ryawe,kuko mu bwizigirwa butagira agasembwawakoze ibitangaza,ivyo wari warateguye kuva kera.2Wahinduye igisagara ibirundo vy’isakamburira,igisagara kizitiriwe ukigira umusaka.Ibirimba vyiza vyo mu mahanga ya kure bikuweho,kandi ntibizosubira kwubakwa.3Ni co gituma ibihugu bikomeye bizokwubaha,ibisagara vy’amahanga ateye ubwoba bikagutinya.4Wabereye aboro ubuhungiro,ubuhungiro bw’abakene mu kuburanirwa kwabo,ubabera ubwugamo mu gihuhusi,n’igitutu mu gihe c’indugumba.Kuko uburake bw’inkozi z’ibibi,bumeze nk’igihuhusi cisuka ku gihome,5canke nk’ubushuhe bwo mu bugaragwa.Uzibiza urwamo rw’abanyamahanga;nk’uko ubushuhe bugabanurwa n’igitutu kizanywe n’igicu,uko ni ko uzivya n’indirimbo z’inkozi z’ibibi.6Kuri uwu musozi Uhoraho Mushoboravyose azohateguriraabantu bose amazimano aryoshe,banywe umuvinyu wa kera,barye inyama zinuze bongere banywe n’umuvinyu umiminye neza.7Kuri uwo musozi ni ho azotabaguriraigihuzu co kugandara cipfutswe n’abantu bose,ari wo mwambaro utwikiriye amahanga yose.8Urupfu azorumira ataruhekenye!Uhoraho Nyeninganji azobahanagura amarira yoseayakure ku maso yose;azokura agakengerwe kose ku bantu biweiyo bari kw’isi hose.Uko ni ko Uhoraho avuze.9Kuri uwo musi ni ho bazovuga bati:“Vy’ukuri iyi ni yo Mana yacu,turayizeye, ni yo yaturokoye.Uwu ni Uhoraho, turamwizeye;reka duhimbarwe, tunezerererwe agakiza kiwe.”10Ukuboko kw’Uhoraho kuri kuri uwu musozi,ariko Mowabu bazohonyangirwa iwabo,nk’uko ivyatsi bihonyangirwa mu nyabarega.11Bazokwaya amaboko bari muri ivyo,nk’uko aboga baya amaboko yabo mu kwoga.Ariko Uhoraho azobamara ubwibone,ntazokangwa n’ububangutsi bwabo.12Uhoraho azosenyura inzitiro zanyu ndende,aziryamike hasi;azozihenura zigwe zishike hasi,mu mukungugu.Biblica, Inc.