Yesaya27
Ugutabarwa kwa Isirayeli
1Kuri uwo musiUhoraho azohanisha inkota yiwe,inkota yiwe ikarishe, nini kandi y’ubushobozi,agwanye Leviyatani ca kiyoka kinyaruka,Leviyatani ca kiyoka cigonyonzora;azokwica ca gisizimwe co mu kiyaga.2Kuri uwo musi,tuzotera indirimbo, turirimbira uruzabibu rwamye cane.3Jewe Uhoraho ni jewe ndarurinda,nkama ndaruvomera ubudasiba,ndarurinda ijoro n’umurango,kugira ngo ntihagire ikirwonona.4Sinkirushavuriye!Ariko ninarusangamwo imibambangwe n’amahwa,nzoja kubitera ndabigwanyenzobituririra hamwe;5kiretse bimpungiyeko,tugahana isezerano ry’amahoro.Ni ukuri, nibize duhane isezerano ry’amahoro.6Mu misi iza, uruvyaro rwa Yakobo ruzoshinga imizi,Isirayeli azoshurikakandi azokwiza ivyamwa isi yose.7Mbega Uhoraho yarakubise Isirayelink’uko yakubise abamukubise?Canke yaramwishenk’uko yishe abamwishe?8Oya, ahubwo yamuhanye buhoro mu kumwirukana mu gihugu.Yamwirukanye mu gihuhusi gikomeye,nko ku musi umuyaga wo mu buseruko uhuhutirako.9Ng’ibi ibizotuma ivyaha vya Yakobo bitwikirwa,kandi ibi ni vyo vyamwa vy’uko ivyaha vyiwe vyakuweho:Amabuye yose yubatse ibicaniro vy’ibigirwamanaazoyamenagura acike umukungugu,nta nkingi za Ashera canke ibicaniro vyo guturirirako ibimota nezabizosigara bihagaze muri Isirayeli.10Ibisagara bizitiriwe bizosigara ari imisaka,ari agahinga kahebwe, hameze nk’ubugaragwa.Inyana ni ho zizorisha,ziharyame,zirishe ku mashami yaho.11Amashami yaho niyuma azovunagurika,abagore bayasenye baje kuyacana.Kuko ubu bwoko ntibugira ugutahura,ni co gituma Umuremyi wabo ata mbabazi abugirira,Imana yabaremye ntibagirira impuhwe.12Kuri uwo musi, Uhoraho azosekura ingano, kuva ku ruzi Efutate kugeza ku mugezi wa Egiputa. Namwe Bisirayeli, muzokwegeranywa umwumwe.13Uwo musi inzamba nini izovuzwa. Abariko barahonera muri Ashuri n’abari barajanywe ari inyagano muri Egiputa bazoza guhimbariza Uhoraho ku musozi wera i Yerusalemu.Biblica, Inc.