Yesaya24
Ukurandurwa kw’isi
1Ehe Uhoraho agira ahindure isi umusaka.Agira ayisambure,asibanganye ubwiza bwayoabayibako bashwiragire:2ibizoba kuri umwe ni vyo bizoba no ku wundiyaba umuherezi canke umuntu asanzwe,yaba umukoresha canke umukozi wiwe,yaba inabuja canke incoreke yiweyaba uwushora canke uwugura,yaba uwugurana canke uwuguranwa,yaba uwugurana yunguka canke uwishura,yaba uwuheraniwe canke uwuheranye.3Isi izocika umusaka,inyagwe ibiri kuri yo vyose,ni ko Uhoraho avuze.4Isi iragandaye, kandi irakabiranye,isi iraburaniwe, irakabiranye,mbere n’amajuru ashiranye na yo.5Isi irahumanye kandi ihumanijwe n’abantu bayibako:bataye ivyagezwe,barenga ku mabwirizwa,bica isezerano ry’ibihe vyose.6Ni co gituma umuvumo utongoye isi,abantu bayo bashitsweko n’ingaruka z’ivyo bakoze.Ni co gituma abayibako batongowe bagashira,hasigaye inkehwa gusa.7Umuvinyu mushasha urabuze, n’uruzabibu rurakabiranye,abahorana umunezero barijiriwe.8Umunezero uvuye ku dushako tw’ingoma urahagaze,urwamo rw’abanezerewe ruraheze,inanga zihimbaye kwumva zirahagaze.9Ntibazosubira kunywa umuvinyu baririmba,inzoga ihindukiye umururazi abayinywa.10Igisagara c’imivurungano kirasenyutse,inzugi z’amazu yose zirugawe.11Baririra mu mabarabara barondera umuvinyu,ahari umunezero habaye ukwihebura,amajwi yose y’umunezero akuwe mw’isi.12Igisagara gisigaye ari umusaka,inzugi z’amarembo yaco baziciye ubunywenywe.13Ni ko bizogenda kw’isino mu mahanga,bizomera kurya igiti c’umwelayo cazungagijwe kimera,canke kurya bimera iyo hasigaye uduhumbwa inzabibu zimaze kwimburwa.14Abazorokoka bazoduza amajwi, bavuze akamo k’umunezero,bave mu buseruko baririmba icubahiro c’Uhoraho.15None rero nimuhimbaze Uhoraho, yemwe abo mu buseruko,mushire hejuru izina ry’Uhoraho, Imana ya Isirayeli,yemwe abo mu mazinga yo mu kiyaga.16Twumvise indirimbo ziva ku mpera z’isi zivuga ziti:“Icubahiro kibe ic’umwe agororotse!”Ariko nanje mvuga nti: “Ndageseye, ndageseye!Ewe jewe ndagowe!Abahemu barahemukiye abandi,mbere barahemutse cane.”17Ibiteye ubwoba, urwobo n’umutego birabarindiriye,yemwe bantu bo kw’isi.18Uwuzohunga urwamo rw’ibiteye ubwobaazogwa mu rwobo,uwuzosimba urwoboazogwa mu mutego.Ingomero zo mw’ijuru ziragomorowe,kandi amatanguriro y’isi aranyiganyize.19Isi iramenetse,isi irasenyutse,iranyiganyijwe cane.20Isi iradandabagiranye nk’imborerwa,inyiganyizwa nk’akazu k’ivyatsi kanyiganyizwa n’umuyaga.Iremerewe no gutsindwa n’ubugarariji bwayo,ni co gituma itemvye kandi ntizokwongera kuvyuka.21Kuri uwo musi, Uhoraho azohanaingabo zo hejuru mw’ijuru,n’abami bo hasi kw’isi.22Bazokwegeranirizwa hamwenk’uko imbohe zegeranirizwa mu rwobo,bugaranirwe mw’ibohero,maze bazocirwa urubanza haciye igihe kirekire.23Ukwezi kuzogira isoni,izuba na ryo rizomaramara.Kuko Uhoraho Mushoboravyose azoganzaku Musozi Siyoni n’i Yerusalemu,ari imbere y’abatware baho kandi ari mu bwiza bwinshi.Biblica, Inc.