Yesaya23
Imburi kuri Tiro
1Imburi kuri Tiro.Nimuboroge, yemwe mwa mato y’i Tarushishi,kuko i Tiro hatikiye,amazu n’ivyambu vy’amato vyasanganguwe!Bari bakiri mu gihugu ca Kupuromaze inkuru ibasangaho.2Nimucereze, yemwe bantu bo mw’izinga,hamwe namwe badandaza b’i Sidoni,mwebwe mwari mutungishijwe n’abatwara ibintu ku kiyaga.3Abatwara ibintu ku mazi menshibakazana ingano ziva i Shiholi;n’ivyimburwa vy’uruzi Nili,ari vyo vyari bitungishije Tiro,hagaca hahinduka isoko y’amahanga.4Maramara yewe Sidoni, hamwe nawe gihome co ku kiyaga,kuko ikiyaga kivuze kiti:“Sindigera ntera ibise, kandi sindigera mvyara.Nta bahungu nonkeje, kandi nta bakobwa nareze.”5Inkuru y’i Tiro niyashika muri Egiputa,bazobabara cane.6Jabuka ikiyaga ushike i Tarushishi,nimuboroge, yemwe bantu bo kuri iryo zinga!7Mbega iki ni ca gisagara canyu c’umunezero,kimwe kimaze imyaka n’iyindi,ibirenge vyaco vyajanye abaco kure,bakaja gutegeka amahanga ya kure?8Mbega ni nde yateguye gutera Tiro,kandi ari co gisagara cambika ingori abami,abadandaza baho bakaba ari abaganwa,abatunzi baho na bo bakaba ba rurangiranwa mw’isi?9Uhoraho Mushoboravyose ni we yabiteguye,kugira ngo asubize hasi ubwibone bwose,yongere acishe bugufi abanyacubahiro bo kw’isi bose.10Rima ku nkengera y’ikiyaga nk’uko Abanyegiputa babigira ku ruzi Nili,yewe mukobwa w’i Tarushishi,kuko ata vyambu bikiriho.11Uhoraho yaramvuriye ukuboko kwiwe ku kiyaga,ajugumiza ubwami bwaho.Yatanze itegeko ryerekeye Foyinike,ko inzitiro zaho zisenyurwa.12Yavuze ati: “Ntukongere kunezerwayewe mukobwa Sidoni, kuko usanganguwe!Mbere, naho wojabuka ikiyaga ukagera i Kupuro,na ho nyene nta buruhukiro woharonka.”13Tereza amaso ku gihugu c’i Babiloni,abantu baho ntibagiharurwa nk’abariho!Abanyashuri barahahinduyebahahinduye igihugu c’imfyisi zo mu bugaragwa.Bahubatse ivyo kwuririrako,basenyagura ingoro z’abami,igihugu bagisiga ari umusaka.14Nimuboroge yemwe mwa mato y’i Tarushishi,kuko ivyambu vyanyu vyakuweho.15Ico gihe i Tiro hazokwibagirwa imyaka mirongo indwi, imyaka ingana n’iy’ubuzima bw’umwami. Ariko inyuma y’iyo myaka, ibizoba kuri Sidoni bizoba nk’ibiri muri iyi ndirimbo ya maraya:16“Akira inanga, ugendagende mu gisagara,yewe maraya wibagiwe;ucurarange, uririmbe indirimbo nyinshi,kugira ngo usubire wibukwe.”17Inyuma y’iyo myaka mirongo indwi, Uhoraho azosubira kuvyura Tiro. Ariko hazosubira ku rudandazwa rwaho rwa kera, hasambane n’ubwami bwose bwo kw’isi.18Ariko inyuma y’aho inyungu zaho zose zizokwegurirwa Uhoraho. Ntizizobikwa canke ngo zishirwe ukwazo, kuko zizohabwa abama imbere y’Uhoraho, kugira ngo baronke ivyo barya n’ivyo bambara.Biblica, Inc.