Yesaya21
Imburi kuri Babiloni
1Imburi ku bugaragwa bwo ku kiyaga.Nk’uko agashururu ko mu gihugu co mu bumanuko gasuriranya,ni ko uwuguteye aje azananye mu bugaragwa,avuye mu gihugu giteye ubwoba.2Neretswe ibintu biteye ubwoba:Umuhemu ariko arahemuka, umunyazi ariko aranyaga.Ewe Elamu, tera! Nawe Medi, ugariza!Nzorangiza amaborogo yose Babiloni hahora hateza.3Ncitse intege kubera ububabare.Uburibwe bumfashe nk’umuvyeyi ari ku bise.Njugumijwe n’ivyo numvise,ivyo mbonye bimpumye amaso.4Umutima wanje urasimbagurika,ubwoba butumye njugumira.Umugoroba nari nipfuje ko ushikaunteye guhinda agashitsi.5Bateguye imeza,basasa ibirago,bararya, baranywa!Nimuhaguruke mwa ntwazangabo mwe,musige amavuta inkinzo zanyu.6Kuko Uhoraho yambwiye ati:“Genda ushireho umuteramyi,na we aje arakubwira ivyo abona.7Niyabona imikogote iri kumwe n’amafarasi,canke akabona abagendera ku ndogoba,canke abagendera ku ngamiya,yitegereze canekandi akobeje.”8Maze wa muteramyi arasemerera ati:“Mwami, imisi yose nama mpagaze ku munara.Amajoro yose mba ndi ku kirindiro canje.9None raba haje umugabo ari ku mukogote,ari kumwe n’umugwi w’amafarasi.Wa muteramyi arongera avuga ati:‘Babiloni harasenyutse, harasenyutse!Ibibumbano vy’ibigirwamana vyabo vyosebisenyukiye hasi biramenaguritse.’ ”10Mwa bantu banje,musekuriwe ku mbuga nk’ingano,ndababwiye ivyo numvanye Uhoraho Mushoboravyose,ivyo nakuye ku Mana ya Isirayeli.Imburi kuri Edomu
11Imburi kuri Duma.Hari uwumpamagaye ari i Seyiri,ambaza ati: “Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?Yewe muteramyi, ijoro rigeze he?”12Umuteramyi yishura ati:“Bugira buce, ariko buca bwongera bwire.Nimba ugomba gusubira kumbaza,uze kugaruka umbaze.”Imburi kuri Arabiya
13Imburi kuri Arabiya:Yemwe mwa ngenzi z’i Dedani mwe,nimwinyegeze mu bugaragwa bwa Arabiya,14Yemwe ababa i Tema,nimuzanire amazi abanyotewe,abahunga nimubasanganize ivyokurya.15Bariko barahunga inkotakuko yakuwe mu rwubati,n’imiheto ikaba yafowe,batewe ubwoba n’intambara.16Uku ni ko Uhoraho yambwiye: “Mu mwaka umwe, nk’uko umukozi akorera impembo ku kwezi awuharura, icubahiro c’i Kedari kizorangira.17Abarashi b’intwari bake ni bo bazosigara i Kedari.” Uko ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.Biblica, Inc.