Yesaya20
Imburi kuri Egiputa na Etiyopiya
1Mu mwaka kizigenza mu ntwaramiheto yarungikwa na Sarugoni, umwami wa Ashuri, gutera muri Ashidodi akahafata,2ni ho Uhoraho yavugisha Yesaya mwene Amozi, amubwira ati: “Niwambure ayo magunira, ukure n’ibirato wambaye.” Na we abigenza gutyo, maze agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye.3Nuko Uhoraho aravuga ati: “Nk’uko umusavyi wanje Yesaya amaze imyaka itatu agenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, akabera Abanyegiputa n’Abanyetiyopiya imburi,4ni ko umwami wa Ashuri azotwara Abanyegiputa nk’abanyagano, n’Abanyetiyopiya nk’imbohe, bari gusa, batambaye n’ibirato, ata co bakenyeye, kugira ngo Egiputa hamaramare.5Kandi abari bizigiye Etiyopiya, bakishimira Egiputa, bazotinya, baterwe n’isoni.6Kuri uwo musi, ababa muri iki kiyaya cegereye ikiyaga bazovuga bati: ‘Nimurabe ivyashikiye abo twari twishimiye, abo twari twahungiyeko ngo badukize umwami wa Ashuri. Mbega none tumukira gute?’ ”Biblica, Inc.