Yesaya19

Imburi kuri Egiputa

1Imburi kuri Egiputa.Raba Uhoraho aje ku gicu kinyaruka,aziye Egiputa.Ibigirwamana vyo muri Egiputa bihinze agashitsi imbere yiwe,kandi imitima y’Abanyegiputa ishongeshejwe n’ubwoba.
2Nzoteranya Abanyegiputa basubiranemwo,abavukana bagwane,umubanyi agwanye uwundi mubanyi,igisagara kigwanye ikindi gisagara,n’ubwami bugwanye ubundi bwami.3Abanyegiputa bazocika ivutu,kandi imigambi yabo nzoyihindura ubusa.Bazoja kuraguza ku bigirwamana no ku mpwemu z’abapfuye,baje ku bapfumu no ku bakonikoni.4Egiputa nzohagomorerakoumutware w’imburakigongwe,kandi umwami w’inkazi ni we azohategeka,ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
5Amazi yo mu ruzi Nili azokama,n’aho urwo ruzi ruca hazokwuma hagaduke.6Imigende y’uruzi Nili izogaduka,n’imigende yo muri Egiputa izogabanuka ikame.Amarenga n’urufunzo bizokabirana,7mbere n’ibiterwa vyo ku nkombe y’urwo ruzi.N’ibiterwa vyose biharimwa,bizokwuma bihere,ntibizosubira kuhaboneka.8Abarovyi bazoboroga bacure intimba,abarobesha igera mu ruzi Nili bose.Abarobesha insenga mu ruzibazobura ico bari bukore.9Abahingura inyuzi na bo nyene bazomaramara,n’abajisha impuzu zera bazodendebukirwa.10Abajisha impuzu baricurikiriye,abakorera umushahara bazogwara imitima.
11Abatware ba Zowani ni ibipfu gusa,abahanuzi ba Farawo bahanura ivy’ubupfu gusa.Mbega ushobora ute kubwira Farawo uti:“Ndi umwe mu banyambwenge,ndi umwigishwa w’abami ba kera”?
12Mbega abahanuzi bawe b’incabwenge ubu bari hehe?Nibakwereke bongere bagutahuze,ivyo Uhoraho Mushoboravyoseyateguye bigeramiye Egiputa.13Abatware b’i Zowani babaye ibipfu,n’abaganwa b’i Memfisi barahenzwe.Ni bo bari urufatiro mu moko yabo,none barazimije Egiputa.14Uhoraho yabasutsemwoimpwemu yo kuzungurirwa,batuma Egiputa hadandabagirana mu vyo bakora vyosenk’uko imborerwa idandabagirana mu vyo yadashwe.15Nta kintu na kimwe muri Egiputa bashoboye gukorasi umutwe canke umurizo,si ishami ry’ikigazi canke irenga.
16Kuri uwo musi Abanyegiputa bazomera nk’abagore b’abanyantegenke. Bazohindishwa agashitsi n’uko Uhoraho Mushoboravyose ababanguriye ukuboko.17Kandi igihugu c’i Buyuda kizotera ubwoba Abanyegiputa; uwuzobwirwa izina rya Yuda azohinda agashitsi, kubera ivyo Uhoraho Mushoboravyose ateguye kugirira Egiputa.
18Kuri uwo musi, ibisagara bitanu vyo muri Egiputa bizovuga ururimi rw’Igiheburayo, biyegurira Uhoraho Mushoboravyose. Kimwe muri vyo kizokwitwa Igisagara c’Izuba.
19Uwo musi hazokwubakwa igicaniro c’Uhoraho hagati muri Egiputa, hamwe n’icibutso ku rubibe rwaho.20Bizoba ibimenyetso bishingira intahe Uhoraho Mushoboravyose muri Egiputa. Nibaborogera Uhoraho kubera agacinyizo, azobarungikira umukiza abarinda, abarokore.21Maze uwo musi Uhoraho azokwimenyekanisha ku Banyegiputa, kandi bazomwemera nk’umwami. Bazomusenga bongere bamushikanire ibimazi n’amashikanwa y’ifu. Bazosezeranira Uhoraho kandi isezerano barishitse.22Uhoraho azoteza Egiputa icago; azobakubita yongere abavure. Bazogaruka k’Uhoraho, na we azobumviriza, abakize.
23Kuri uwo musi hazoba inzira yagutse iva muri Egiputa, ija muri Ashuri. Kandi abo muri Ashuri bazogendera abo muri Egiputa n’abo muri Egiputa bazogendera abo muri Ashuri. Abo muri Ashuri n’abo muri Egiputa bazotazirira hamwe Imana.24Muri ico gihe, Isirayeli bazoba bagira gatatu inyuma ya Egiputa na Ashuri, bose bazobera umugisha isi.25Uhoraho Mushoboravyose azobahezagira, avuga ati: “Hahiriwe Egiputa, ubwoko bwanje, na Ashuri igikorwa c’amaboko yanje, hamwe na Isirayeli iragi ryanje!”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e