Yesaya18

Imburi kuri Etiyopiya

1Uragowe, yewe wa gihugu c’amababa ahinda,kiri impande y’inzuzi za Etiyopiya,2kirungika intumwa zigaca mu kiyaga,zigendera mu bwato bujishwe mu rufunzo.Genda, mwa ntumwa zinyaruka cane,mushikire bariya bantu barebare kandi b’umubiri woroshe,ubwoko butinywa kuva aha gushika kure,ihanga rikomeye, nivuga ururimi rutamenyerewe,igihugu kigabanganywa n’inzuzi.
3Yemwe bantu bose bo kw’isi,mwebwe mwese muyibako,ibendera niryaduzwa ku musozi,murirabe,kandi inzamba niyavuga,muyumvirize.4Uku ni ko Uhoraho ambariye, ati: “Nzoguma nitekerereje,nihweze nibereye iwanje,meze nk’ubushuhe buva ku zuba ryaka mu gihe co mu ci,meze nk’ikime co mu gihe c’ubushuhe bwo mw’iyimbura.”5Kuko iyimbura ritaragera, amashurwe amaze guhunguruka,akavamwo inzabibu zeze,azotema iminago itama ayitemesheje umuhoro,n’amashami yasanzaraye azoyaca ayakureho.6Bose bazotererwa ku misozi baribwe n’ibisigahamwe n’inyamaswa zo mw’ishamba.Ibisiga bizobarya ici ryose,ibikoko na vyo bibarye urushana rwose.
7Ico gihe amashikanwa azozanirwa Uhoraho Mushoboravyose,avuye mu gihugu c’abantu barebare b’umubiri woroshe,avuye mu bantu batinywa uhereye aha ugashika kure,ihanga rikomeye rivuga ururimi rutamenyerewe,igihugu kigabuwe n’inzuzi.Amashikanwa azohora azanwa ku musozi Siyoni, ahitirirwa Izina ry’Uhoraho Mushoboravyose.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e