Yesaya17

Imburi kuri Damasiko

1Imburi kuri Damasiko.“Ehe raba i Damasiko ntihazokwongera kuba igisagara,hazoba ikirundo c’ivyabomaguritse.2Ibisagara vya Aroweri bizohebwa, bihebewe ibitungwa. Bizorisha vyiryamire,ata muntu n’umwe abikomakoma.3Ibisagara bizitiye vya Efurayimu bizosenyurwa,n’ububasha bw’ubwami bw’i Damasiko buzohera.Amasigarira y’i Siriya azoherengetera,nk’icubahiro ca Isirayeli,”ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
4“Uwo musi icubahiro ca Yakobo kizokabirana,n’ukuvyibuha kwiwe kuzohera.5Bizoba bimeze nka kurya umwimbuzi agenya ingano,akegeraniriza imikama y’ingano mu maboko,canke nk’abashwabura amasakamu kiyaya ca Refayimu.6Ariko hazosigaramwo uduhumbwank’udusigara ku giti c’umwelayo bamaze gukubitisha inkoni bimbura,hagasigara tubiri canke dutatu mu bushorishori,na tune canke dutanu mu mashami yama cane,”ni ko Uhoraho Imana ya Isirayeli avuze.
7Ico gihe abantu bazohanga amaso Umuremyi wabo,maze bahindukirire Uwera wa Isirayeli.8Ntibazoba bagihindukiriza amaso yabo ku bicaniro,vyubatswe n’amaboko yabo,kandi ntibazoba bacunamira inkingi za Ashera,canke ngo baturirire ibimota neza ku bicaniro vyubatswe n’intoke zabo.
9Uwo musi, ibisagara bizitiye vya Isirayeli bizotabwa, bimere nk’ibisagara vy’Abahiwi n’Abamori, vyatawe igihe Abisirayeli babishikamwo. Hazosigara ari mu gahinga.10Ko wibagiye Imana yo Mukiza wawe,ntiwibuke igitandara, ari co bwihisho bwawe,naho warobanuye imbuto nziza,ugatera imizabibu y’imvamahanga,11umusi uzitera zigaca zimera,mu gatondo ugasanga zanaze,umwimbu wazo uzobura ku musi w’amagorwan’umubabaro udakira.
12Aragowe amahanga menshi yuzuye ubushangashirwe!Babomborana nk’amazi y’ikiyaga.Baragowe abantu bahinda!Basuma nk’amazi yo mw’isumo rinini.13Naho abantu basuma nk’amazi yo mw’isumo rinini,Imana ibakankamiye barahunga,umuyaga ukabagurura nk’umuguruka wo ku mpinga z’umusozi,bakaguruka nk’umukungugu wo mu gashururu.14Ku mugoroba haza ibitera ubwoba,ariko butaraca bikaba vyaheze!Uwo ni wo mugabane w’abatunyaga,kandi ni yo ngero y’abatwambura.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e