Abaheburayo7
Umuherezi mukuru mu buryo bwa Melekisedeki
1Uwo Melekisedeki yari umwami w’i Salemu, akaba n’umuherezi w’Imana Musumbavyose. Igihe Aburahamu yari atabarutse ahejeje kunesha ba bami, Melekisedeki yaje guhura na we aramuhezagira.2Aburahamu aca afata ica cumi c’ivyo yanyaze mu rugamba vyose agiha Melekisedeki. Izina Melekisedeki risigura “umwami w’ubugororotsi”; umwami w’i Salemu bisigura “umwami w’amahoro”.3Nta ho tubona ko yari afise se canke nyina, canke ba sekuruza. Nta ho tubona ko yavutse canke yapfuye. Asa n’Umwana w’Imana kuko yama ari umuherezi ibihe vyose.4Mwiyumvire ingene uwu Melekisedeki yari akomeye! Na Aburahamu, sekuruza w’Abisirayeli, yaravyemeje mu kumuha ica cumi c’ivyo yari yanyaze mu rugamba.5Ivyagezwe vya Mose vyategeka abaherezi bo mu muryango wa Lewi kwaka ubwoko bw’Abisirayeli ica cumi ku vyo bafise, abo na bo bari abavukanyi babo, kandi na bo bari uruvyaro rwa Aburahamu.6Ariko Melekisedeki, atari uwo mu ruvyaro rwa Lewi, yarakiriye ica cumi ahawe na Aburahamu. Kandi Melekisedeki yarahezagiye Aburahamu, uwari yarakiriye isezerano ry’Imana.7Nta gukekeranya kuriho ko uwutanga umuhezagiro aba aruta uwuhabwa umuhezagiro.8Abaherezi bakira ica cumi ni abantu bapfa, ariko Melekisedeki we Ivyanditswe bivuga ko yamaho.9Dushobora kuvuga ko aba Balewi bakira ica cumi, bagihaye Melekisedeki biciye muri sekuruza Aburahamu igihe yakimuha.10Kuko naho Lewi atari bwavuke, yari akiri mu nda kwa Aburahamu igihe Melekisedeki yakira ica cumi ahawe na Aburahamu.Yesu agereranywa na Melekisedeki
11Ivyagezwe vyashikiriye Abisirayeli biciye mu gikorwa c’ubuherezi bw’Abalewi. None iyo ubwo buherezi buba bwarashikije ugutungana Imana yashaka, hari icari gutuma ishiraho uwundi muherezi wo mu buryo bwa Melekisedeki, atari uwo mu buryo bwa Aroni?12Kandi iyo ubuherezi buhindutse, n’ivyagezwe birahinduka.13Umuherezi turiko tuvuga ava mu wundi muryango, kandi nta muntu n’umwe ava muri uwo muryango yigeze akora ku gicaniro nk’umuherezi.14Birazwi ko Umwami wacu akomoka mu muryango wa Yuda, kandi Mose ntiyigeze avuga ko abaherezi bazokomoka muri uwo muryango.15Ivyo birumvikana cane kuko habonetse uwundi muherezi ameze nka Melekisedeki.16Yesu ntiyabaye umuherezi habanje gukurikizwa ibisabwa bifatiye ku mamuko yiwe nk’umuntu, ahubwo yabaye umuherezi hakurikijwe ubushobozi bw’ubugingo budashobora kurandurwa.17Ivyanditswe Vyera bimuvugako ngo:“Uri umuherezi w’ibihe bidashiramu buryo bwa Melekisedeki.” 18Ivyasabwa kera ku bijanye n’ubuherezi vyarakuweho kuko vyari bifise intege nke kandi nta co vyari bimaze19(kuko Ivyagezwe vya Mose nta gutungana vyashoboye gushitsa). Ariko ubu dufise ivyizigiro biruta ivyo, bituma twegera Imana.20Kandi ivyo vyabaye habanje kuba indahiro. Abaherezi ba mbere bo babayeho hatabanje kuba indahiro.21Ariko Yesu yabaye umuherezi Imana ibanje kurahira iti:“Uhoraho yararahiye,kandi ntazohindura ico yavuze:‘Uri umuherezi w’ibihe bidashira.’ ”22Ku bw’iyo ndahiro, Yesu yahindutse uwuhagarikiye isezerano riruta ayandi.23Mu gihe ca kera hari abaherezi benshi kuko urupfu rwababuza kubandanya igikorwa.24Ariko Yesu we ni umuherezi ibihe vyose kuko ahoraho.25Ni co gituma ashobora gukiza rwose abegera Imana bamwisunze, kuko abaho ibihe vyose abasengera ku Mana.26Uwo ni we Muherezi Mukuru twari dukwiye kuronka kuko ni uwera, ntagira agasembwa kandi ntiyandujwe n’icaha. Yatandukanijwe n’abanyavyaha, maze Imana imushira mu kibanza co mw’ijuru kirusha ibindi icubahiro.27Yesu aratandukanye n’abandi baherezi bakuru kuko we ntakeneye gutanga ibimazi ku musi ku musi, nk’uko abandi babanza gutanga ibimazi vy’ivyaha vyabo, hanyuma bakabona gutanga ivy’abandi bantu. Yesu we yabikoze rimwe rizima igihe yitanga nk’ikimazi ku bw’ivyaha vy’abantu.28Ivyagezwe vyashiraho abaherezi bakuru bafise intege nke, ariko inyuma y’Ivyagezwe, Imana yatoranije Umwana wayo biciye mu ndahiro; uwo ni we yabaye Umuherezi Mukuru atunganye ibihe vyose.Biblica, Inc.