Abaheburayo6
1Ni co gituma dukwiye guhindukirira inyigisho z’abakuze, tukava ku nyigisho za mbere z’ivy’ubutumwa bwa Kristo. Ntidukwiye gusubira gushiraho amatanguriro y’ivyo kwihana ibikorwa vy’impfagusa, ivyo kwizera Imana,2inyigisho zijanye n’umubatizo, ukurambikwako ibiganza, ukuzuka kw’abapfuye n’urubanza rw’iherezo.3Dutere tuja imbere; kandi Imana ivyemeye, ni ko tuzobigenza.4Ntibishoboka kugarukana ku kwihana abigeze kwakirwa n’umuco, bakumviriza ku ngabire zo mw’ijuru, bakakira ku vya Mpwemu Yera,5bakumviriza ku vyiza vy’ijambo ry’Imana no ku bushobozi bw’ibihe bigiye kuza,6hanyuma bakava ku Mana. Ntibikunda kugarukana abantu nk’abo ku kwihana, kuko baba bahisemwo kubamba ubugira kabiri Umwana w’Imana, bagaha abandi akaryo ko kumutuka.7Iyo umurima wakiriye imvura iguye kuri wo hanyuma ugakuza ibiterwa bigirira ikimazi umurimyi, Imana irawuhezagira.8Ariko umurima umera amahwa n’ibitovu nta co uba umaze, uba uri hafi kuvumwa, kandi amaherezo yawo ni uguturirwa.9Bakundwa, n’aho tuvuga aya majambo, turizera ko muri mu nzira nziza; inzira ibashikana ku gakiza.10Kuko Imana ntirenganya ngo yibagire ibikorwa mwakoze canke urukundo mwerekanye ku bw’izina ryayo mu gukorera abizera, kandi mukaba mukibandanya mubikora.11Ico twipfuza ni uko mubandanya mwerekana uwo mwete gushika kw’iherezo, kugira ngo ivyo mwiteze mudakekeranya bize bishike.12Ivyo bizotuma mutaba abanebwe, ahubwo muzoba abigana abaragwa b’ivyasezeranywe, biciye mu kwizera no kuramiriza.
Amasezerano y’Imana azana ivyizigiro
13Igihe Imana yaha isezerano Aburahamu, yarahiye mw’izina ryayo kuko ata rindi zina ry’uwundi muntu ayiruta yari kurahiramwo.14Yavuze iti: “Nzoguhezagira vy’ukuri kandi nzogwiza uruvyaro rwawe.” 15Nuko Aburahamu arindira yihanganye, maze yakira ivyo Imana yari yaramusezeraniye.16Iyo abantu barahira, babikora mw’izina ry’umuntu abaruta, kandi iyo ndahiro iza ihagarika impari zose.17Imana na yo yakoresheje indahiro, kugira ngo abahawe isezerano bamenye badakekeranya ko idashobora guhindura ico yavuze.18Imana yatanze isezerano n’indahiro. Ibi bintu uko ari bibiri ntibishobora guhinduka kuko Imana idashobora kubesha. Ku bw’ivyo, twebwe abayihungiyeko, ivyo bidutera intege cane bigatuma twumira ku vyizigiro yadushize imbere.19Ivyo vyizigiro bimeze nk’inanga ifata ubwato mu kiyaga igumye kandi ikomeye ishigikiye imishaha yacu. Ni vyo bituma turengana ca gitambara gikinze ahera, tugashika imbere y’Imana;20aho Yesu yabanje kwinjira ku bwacu, amaze kuba Umuherezi Mukuru w’ibihe bidashira mu buryo bwa Melekisedeki.Biblica, Inc.