Abaheburayo8
Umuherezi mukuru w’isezerano rishasha
1Ico dushaka kuvuga ni iki: dufise Umuherezi Mukuru yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’intebe y’icubahiro y’Imana mw’ijuru.2Igikorwa ciwe yagikoreye ahera, Yakoreye igikorwa ciwe mw’ihema ry’ibonaniro, ikibanza nyakuri co gusengeramwo cubatswe n’Umwami Imana, atari amaboko y’abantu.3Kubera umuherezi mukuru wese yashirirwaho gutanga amashikanwa n’ibimazi, n’Umuherezi Mukuru wacu na we yategerezwa kugira ico atanze.4Iyo Kristo aja kuba ari kw’isi, ntivyari gukunda ko aba umuherezi, kuko hari hasanzwe abaherezi batanga amashikanwa nk’uko Ivyagezwe vyabitegekanya.5Bakorera ibikorwa vyabo mu kibanza kigereranywa kikaba n’igitutu c’ivyo mw’ijuru. Kuko igihe Mose yagira yubake ihema, Imana yamubwiye imugabisha iti: “Uze urabe neza ko bikorwa nk’uko wavyerekewe kuri uwu musozi.” 6Ariko Yesu, Umuherezi Mukuru wacu, yahawe igikorwa kiruta cane ic’abandi baherezi, kuko ni we muhuza wacu mw’isezerano riruta ayandi, ryubakiye ku masezerano aruta ayandi.7Iyo isezerano rya mbere rija kuba ritagira amahinyu, nta sezerano rya kabiri ryo kurisubirira ryari rikenewe.8Ariko Imana yasanze hari ico igaya abantu bayo, maze ivuga iti:“Igihe kiraje,” ni ko Uhoraho avuze,“aho nzogirana isezerano rishashan’inzu ya Isirayelihamwe n’inzu ya Yuda.9Ntirizoba risa na rya sezeranonagirana na ba sekuruza babo,aho nabafata ukubokonkabarongora ndabakura mu gihugu ca Egiputa,kuko ntibagumanye ubwizigirwa mw’isezerano ryanje,nuko nanje nca ndabakurako umutima,ni ko Uhoraho avuze.10Iri ni ryo sezerano nzogirana n’inzu ya Isirayeliinyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze.Nzoshira ivyagezwe vyanje mu bwenge bwabo,ndavyandike mu mitima yabo.Nzoba Imana yabo,na bo babe abantu banje.11Ntibazosubira kwigisha ababanyi babo,canke ngo babwirane hagati yabo bati:‘Menya Uhoraho,’kuko bose bazomenya jewe,kuva kuri muto muri bo kugeza ku mukuru.12Kuko nzobaharira ibibi vyabokandi sinzosubira kwibuka ivyaha vyabo.” 13Imana ivuze ko iri sezerano ari “rishasha”, bisigura ko yatse agaciro irya mbere; kandi ikimaze gutakaza agaciro kiba kigira kizimangane.Biblica, Inc.