Abaheburayo5

1Umuherezi mukuru wese atorwa mu bantu, agatorerwa guserukira abandi imbere y’Imana kugira ngo atange amashikanwa n’ibimazi vy’ivyaha.2Kuko na we ubwiwe ari umunyantegenke mu buryo bwinshi, arashobora gutahura abantu bagendera mu butamenya bagakora ibitari vyo.3Kandi ko na we ari umunyantegenke, ategerezwa gutanga ibimazi vy’ivyaha, atari ivy’abandi gusa, ariko n’ivyiwe na vyo.4Nta muntu n’umwe yiha ico cubahiro co kuba umuherezi mukuru; Imana ni yo imuhamagarira ico gikorwa, nk’uko yahamagaye Aroni.
5Na Kristo na we ntiyihaye ico cubahiro co kuba Umuherezi Mukuru. Yagihawe n’Imana aho yavuga iti:“Uri Umwana wanje,uwu musi ndakuvyaye.” 
6Ahandi Imana yamubwiye iti:“Uri umuherezi w’ibihe bidashira,mu buryo bwa Melekisedeki.” 
7Yesu akiri kw’isi, yarasenze kandi aringinga aboroga mbere anarira. Yasenga Imana yari ishoboye kumukiza urupfu. Imana yaramwumvise kuko yari aciye bugufi akayumvira mu bwizigirwa.8N’aho yari Umwana w’Imana yize kwumvira biciye mu mubabaro yaciyemwo.9Amaze kuba uwutunganye rwose, yahindutse isoko ry’agakiza kadashira ku bamwumvira bose.10Kandi Imana yamugize Umuherezi Mukuru mu buryo bwa Melekisedeki.

Twirinde ntitugwe

11Dufise vyinshi twovuga kuri ivyo, ariko biragoye kubibasigurira, kuko bibagora gutahura.12Mwari mukwiye kuba muri abigisha, kuko haheze igihe kirekire mwizeye. Yamara muracakeneye kwigishwa ivya mbere vyo mu kuri kw’ijambo ry’Imana. Aho kurya ivyokurya vy’abakuze, muracakeneye amata.13Uwukinywa amata aba akiri umwana, nta co aba aramenya mu vyo kugororoka.14Ariko ivyokurya bikomeye ni ivy’abakuze, kuko kubera ivyo baciyemwo bashitse aho batandukanya ikibi n’iciza.

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e