Abaheburayo11
Ukwizera
1Ukwizera ni ukudakekeranya ko ivyo wizigiye bizoba; ni ukutagira amazinda ku vyo utabonesha amaso.2Ukwizera ni kwo kwatumye abantu ba kera bashingirwa intahe.3Ukwizera ni kwo gutuma dutahura ko isi yose yaremwe n’Ijambo ry’Imana, ko ivyo tubona vyavuye mu bitaboneka.4Ukwizera ni kwo kwatumye Abeli yashikaniye Imana ikimazi cemewe na yo kurusha ica Kayini. Ukwo kwizera kwiwe kwatumye yemerwa n’Imana nk’umugororotsi, kuko Imana ubwayo yemeye ishikanwa ryiwe. Kandi ku bw’ukwizera kwiwe, naho yapfuye, aracavuga.5 Ukwizera ni kwo kwatumye Enoki ajanwa mw’ijuru atabanje gupfa. Yarazimanganye abantu baramubura, kuko Imana yamujanye. Imbere yo kujanwa, yari azwi nk’umuntu ahimbara Imana.6Kandi ata kwizera, ntibishoboka ko umuntu ahimbara Imana. Umuntu wese ashaka kwegera Imana, ategerezwa kwizera ko iriho kandi ko iha impera abayirondera.7Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaka ubwato bunini kugira ngo akize umuryango wiwe umwuzure. Yumviye Imana yamugabishije ku bintu bitari bwigere biba. Uko ni ko yaciriye isi urubanza, kandi kubera ukwizera kwiwe, Imana na yo yaremeje ko yari umugororotsi.8Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu yumvira Imana igihe yamuhamagara ngo aje mu gihugu yari igiye kumuha ngo kibe iragi ryiwe. Yavuye mu gihugu ciwe atazi iyo agiye.9Ashitse muri ico gihugu Imana yamusezeraniye, yahabaye mu kwizera, kuko yari nk’umunyamahanga. Yaba mu mahema, kandi na Isaka na Yakobo, abaragwa b’iryo sezerano, na bo vyabagendeye uko.10Aburahamu yari arindiye igisagara gifise amatanguriro yateguwe kandi yubatswe n’Imana.11Ukwizera ni kwo kwatumye Sara ashobora gusama inda, naho yari ingumba kandi abakaba yari ashaje cane. Yizeye ko Imana yasezeranye ari umwizigirwa.12Ni co gituma mu muntu umwe, uwasa n’uwapfuye, havuyemwo uruvyaro rwinshi nk’inyenyeri zo kw’ijuru, rudaharurika nk’umusenyi wo ku nkengera z’ikiyaga.13Aba bantu bose bapfuye bacizeye ivyo Imana yasezeranye. Ntibaronse ivyo basezeraniwe, ariko barabibona biri kure bakabinezerererwa; bakemera ko ari abanyamahanga n’ingenzi kw’isi.14Abantu bavuga nk’uku baba berekana neza ko barondera igihugu cabo bwite.15Iyo bipfuza igihugu baje bavamwo, bari gushobora kwisubirirayo.16Ariko bariko barondera igihugu kiruta ibindi, igihugu co mw’ijuru. Ni co gituma Imana idaterwa n’isoni no kwitwa Imana yabo, kuko yabateguriye igisagara.17Ukwizera ni kwo kwatumye Aburahamu atanga Isaka nk’ikimazi igihe Imana yariko iramugeza. Aburahamu, uwari yarakiriye amasezerano y’Imana, yari yiteguriye gutanga Isaka, umwana wiwe w’ikinege nk’ikimazi,18naho Imana yari yaramwibwiriye iti: “Uruvyaro rwawe uzoruronka biciye muri Isaka.” 19Aburahamu yiyumviriye ko Imana ishobora kuzura Isaka, kandi ubiravye asa n’aho yamusubijwe avuye mu bapfuye.20Ukwizera ni kwo kwatumye Isaka ahezagira Yakobo na Esawu ku bijanye na kazoza.21Ukwizera ni kwo kwatumye Yakobo, igihe yari ashaje cane kandi agira apfe, ahezagira abahungu ba Yosefu, maze akunama agasenga Imana yishimikije inkoni yitwaza.22Ukwizera ni kwo kwatumye Yosefu, igihe yagira apfe, avuga ko Abisirayeli bazova muri Egiputa, maze akababwira uko bazoba bakwiye kugenza amagufa yiwe.23Ukwizera ni kwo kwatumye abavyeyi ba Mose bamunyegeza amezi atatu amaze kuvuka, kuko babonye ko ari umwana adasanzwe, ntibatinya kurenga itegeko ry’umwami.24Ukwizera ni kwo kwatumye Mose, amaze gukura, yanka kwitwa umuhungu w’umukobwa wa Farawo.25Yahisemwo kubabazanywa n’ubwoko bw’Imana abirutisha kunezerererwa ibihimbaro vy’icaha vy’akanya gato.26Yiyumvira ko ari ivy’igiciro kubabazwa ku bwa Kristo kurusha kugira ubutunzi bwo muri Egiputa, kuko yari ahanze amaso impera yiwe muri kazoza.27Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya ishavu ry’umwami. Yarashikamye arabandanya, nk’uwubona ivyo abandi batabona.28Ukwizera ni kwo kwatumye ategeka Abisirayeli kwubahiriza Pasika, amijagira amaraso ku bishimaryango kugira ngo wa mumarayika w’umuranduzi ntiyice abahungu b’imfura babo.29Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli baca mu Kiyaga Gitukura nk’abagendera kw’isi yumye. Ariko Abanyegiputa bagerageje kubakurikira, bose bakarengerwa n’amazi.30Ukwizera ni kwo kwatumye Abisirayeli bazunguruka Yeriko imisi indwi, maze inzitiro z’ico gisagara zirasenyuka.31Ukwizera ni kwo kwatumye Rahabu, maraya, aticanwa n’abagararije Imana, kuko yakiranye umutima mwiza abatasi b’Abisirayeli.32Mbega nongereko iki? Vyofata umwanya muremure mvuze inkuru za Gidiyoni, Baraki, Samusoni, Yefuta, Dawidi, Samweli, n’abavugishwa n’Imana.33Ukwizera ni kwo kwatumye abo bantu bigarurira ubwami bwinshi, bagategeka mu butungane, kandi bakaronka ivyo Imana yari yarasezeranye. Bugaye iminwa y’intambwe,34bazimya imbeya z’umuriro, kandi bakira kwicishwa inkota. Intege nke zabo zahindutse inkomezi; babaye abahizi ku rugamba bashwiragiza ingabo z’abanyamahanga.35Hari abagore bazuriwe ababo. Ariko hari n’abishwe bakubaguwe kuko banse kwihakana Imana ngo barekurwe. Bashaka kuzukira ubuzima burusha ubu kuba bwiza.36Abandi barashinyaguriwe barakubitwa. Abandi baboshwe iminyororo batabwa mu mabohero.37Hari abishwe batewe amabuye, abandi bahimburwamwo kubiri n’imisumeno, abandi bicishwa inkota. Hari abayerera bambaye insato z’intama n’iz’impene, ata co bafise, bahahazwa kandi bafatwa nabi.38Ntibari bakwiye kuba kuri iyi si! Bayerera mu bugaragwa no mu misozi, binyegeza mu masenga no mu binogo.39Abo bantu bose bashingiwe intahe ku bw’ukwizera kwabo, ariko nta n’umwe muri bo yaronse ivyo Imana yasezeranye vyose.40Kuko Imana yari idufitiye iciyumviro kiruta ibindi kuba ciza. Intumbero yayo n’uko badashikira ugutunganywa rwose batari kumwe natwe.Biblica, Inc.