Abaheburayo10
Kristo yitanze rimwe gusa
1Ivyagezwe vya Mose ni ikigereranyo c’ivyiza bigiye kuza; si ukuri kw’ivyo vyiza. Mu gihe c’Ivyagezwe, baguma batanga ibimazi uko umwaka utashe, yamara ivyo bimazi ntivyigeze bishobora gutunganya rwose abegera Imana bayisenga.2Iyo biba vyarashoboye gutunganya rwose abegera Imana bayisenga, vyari kuba vyarahagaritswe gutangwa kuko batari kuba bacumva ijwi ribagiriza icaha.3Ahubwo ivyo bimazi vyama bibibutsa ivyaha vyabo uko umwaka utashe.4Amaraso y’impfizi z’inka n’impene ntashobora gukuraho ivyaha.5Ni co gituma igihe Kristo yaza mw’isi yavuze ati:“Ibimazi n’amashikanwa si vyo washatse,ariko wanteguriye umubiri;6amashikanwa aturiwe n’amashikanwa y’ivyahantivyaguhimbaye.7Nanje ndavuga nti: ‘Ndi hano,nje gukora ivyo ugomba, Mana,nk’uko umuzingo w’igitabu umvugako.’ ”8Ubwa mbere Kristo yavuze ati: “Ntiwashatse kandi ntiwashimye ibimazi n’amashikanwa canke ibimazi bituririwe ku gicaniro n’ibimazi vy’ivyaha, kandi vyategekanywa n’ivyagezwe vya Mose.”9Ni ho yavuga ati: “Ehe, nje gukora ivyo ugomba.” Vyumvikana ko yakuyeho isezerano rya mbere, akarisubiriza irya kabiri.10Kuko ico Imana yashaka kwari uko twezwa biciye mu kimazi c’umubiri wa Yesu Kristo, rimwe rizima.11Mu gihe c’isezerano rya mbere, umuherezi wese yakora igikorwa ciwe ku gicaniro imisi yose agatanga kenshi ibimazi amenyereye gutanga, yamara ntivyashobora gukuraho ivyaha.12Ariko Umuherezi Mukuru wacu yitanze rimwe rizima, nk’ikimazi kimwe gusa gikuraho ivyaha, hanyuma yicara mu kibanza c’icubahiro i buryo bw’Imana.13Aho ni ho arindiririye ko Imana icisha bugufi abansi biwe ikabashira musi y’ibirenge vyiwe.14Biciye kuri ico kimazi kimwe, yashikanye ku gutungana, rwose kandi ibihe vyose, abejejwe ivyaha vyabo.15Kandi na Mpwemu Yera na we arabitwemeza. Kuko avuga ngo:16“Iri ni ryo sezerano nzogirana n’abantu banjeinyuma y’aho, ni ko Uhoraho avuze.Nzoshira ivyagezwe vyanje mu mitima yabo,ndavyandike mu bwenge bwabo.” 17Yongerako ati:“Sinzosubira kwibukaivyaha n’ibikorwa bibi vyabo.” 18Kandi iyo ivyaha bimaze guharirwa, ntihaba hagikenewe ibimazi vyo kubikuraho.Kwihangana
19Ni co gituma, bene Data, dushobora kwinjira ata bwoba Ahera Cane ho mw’ijuru ku bw’amaraso ya Yesu.20Yatwugururiye inzira nshasha itanga ubugingo biciye muri ca gitambara gikinze Ahera Cane, ari wo mubiri wiwe.21Kandi ko dufise Umuherezi Mukuru aganza inzu y’Imana,22muze twegere aho Imana iri dufise imitima irimwo ukuri kandi tuyizeye ata gukekeranya, imitima yacu yogejwe igakurwamwo ibiyagiriza, n’imibiri yacu yogeshejwe amazi meza.23Muze twumire ku vyizigiro twatura tutanyiganyiga, kuko Imana yasezeranye ni iyo kwizigirwa.24Kandi turondere ingene twoterana intege zo gukundana no gukora ibikorwa vyiza.25Kandi ntiduhebe gukoranira hamwe, nk’uko bamwe babigira, ahubwo duterane intege, na canecane ubu mubona ko umusi wo kugaruka kwiwe wegereje.26Kuko nitwabandanya dukora ivyaha ibigirankana kandi tumaze kumenya ukuri, nta kimazi co gukura ivyaha kizoba kigisigaye.27Hazoba hasigaye gusa kwitegana ubwoba urubanza rw’Imana n’umuriro uteye ubwoba uzoturira abansi bayo.28Abatumviye ivyagezwe vya Mose bose baricwa ata kigongwe, bagirijwe n’ivyabona bibiri canke bitatu.29Namwe mwibaze ingene igihano kizohabwa abagaye Umwana w’Imana, bagatitura amaraso y’isezerano yabogeje ivyaha, kandi bagatuka Mpwemu w’ubuntu, kizoba gikomeye.30Kuko turazi uwavuze ngo: “Uguhora ni ukwanje; ni jewe nzokwishura umuntu ibikwiranye n’ivyo yakoze.” Yongerako avuga ati: “Uhoraho azocira urubanza abantu biwe.” 31Ni ikintu giteye ubwoba gukorokera mu maboko y’Imana nzima.32Mwibuke uko vyari vyifashe mu misi ya mbere, mumaze kwakirwa n’umuco w’Imana. Mwaciye mu mibabaro myinshi, ariko mugumana ubwizigirwa.33Rimwe na rimwe mwamaramarizwa ku mugaragaro mugakubitwa, ahandi naho mugafasha abariko baragirirwa ivyo.34Mwagirira impuhwe abapfunzwe, kandi iyo babanyaze ivyanyu mwavyemerana umunezero, kuko mwari muzi ko mufise ubutunzi burengeye ubwo kandi buzokwamaho.35Ntimugatakaze ivyizigiro mufise mu Mwami, kuko bifise impera ikomeye.36Mukwiye kwihangana kugira ngo nimwamara gukora ivyo Imana ishaka muze muhabwe ivyasezeranywe.37Kuko,“Hasigaye igihe gito,uwugira aze azoza,kandi ntazoteba.”38Kandi,“Umugororotsi wanje azobeshwaho n’ukwizera.Ariko niyasubira inyuma,ntazohimbara umutima wanje.” 39Ariko twebwe ntituri mu basubira inyuma bagahona, ahubwo turi mu bizera bagakiza imitima yabo.Biblica, Inc.