Galatiya2

Pawulo yaremewe n’intumwa

1Hanyuma, haciye imyaka cumi n’ine, naciye nsubira ndaduga i Yerusalemu, ariko ico gihe twari kumwe na Baranaba, kandi na Tito twarajanye.2Nagiyeyo kubera ko Imana yari yampishuriye ko nkwiye kujayo. Nshitseyo, nabonanye mu mwiherero na bamwe mu barongozi b’ishengero b’imbere, ndabamenyesha Ubutumwa nigisha mu Banyamahanga. Nashaka kumenya neza ko ivyo nakoze mbere hamwe n’ivyo nariko ndakora ico gihe, ntariko nirukira ubusa.3Ariko, baranshigikiye, mbere na Tito twari kumwe, ntibigeze bamugobera ngo akebwe kandi ari Umugiriki.4Ivyerekeye ugukebwa vyazanywe n’abiyita abizera kandi atari bo, banyegeteye muri twebwe mu mpisho, bazanywe no kuraba umwidegemvyo dufise muri Kristo Yesu kugira ngo bishobotse bongere kuduhindura abaja b’imigenzo y’idini ry’Abayuda.5Ntitwigeze tubibemerera n’akanya isase, kugira ngo ukuri kw’Ubutumwa Bwiza kuzigamwe ku bwanyu.
6Abarongozi b’imbere mw’ishengero nta co bari bafise bongera ku butumwa navuga. Kandi icubahiro cabo nta co cari kimbariye, kuko nzi ko Imana itarobanura abantu ku butoni.7Ahubwo, batahuye ko nahawe igikorwa co kuvuga Ubutumwa Bwiza mu batakebwe, nk’uko Petero na we yahawe ico gikorwa mu bakebwe.8Kuko uko Imana yariko ikorera muri Petero nk’intumwa mu Bayuda ni ko yariko ikorera muri jewe nk’intumwa mu Banyamahanga.9Yakobo, Kefa na Yohana, abari bazwi nk’inkingi z’ishengero, bamaze kubona ubuntu bw’Imana buri kuri jewe, baciye baduha ukuboko twe na Baranaba nk’ikimenyetso c’uko dufatanije ibikorwa. Baremeye ko twebwe dukwiye kuja mu Banyamahanga, na bo bakaja mu bakebwe.10Ico batwihanikirije kwari uko twokwibuka kwitwararika abakene, kandi ico nanje nkaba namye ndagifitiye ishaka kuva kera.

Pawulo ahaririza Petero

11Ariko, igihe Kefa yaza muri Antiyokiya, namuharirije turi imbere y’abandi bose kuko vyaboneka ko ariko akora ibimutsindisha.12Agishika, yasangira n’Abanyamahanga, batari barakebwe. Ariko abantu barungitswe na Yakobo bashitse, aca atangura kwigira kure kubera gutinya abo bo mu mugwi w’abakebwe.13Abandi Bayuda baciye bifatanya na we muri ubwo buryarya, ndetse na Baranaba ubwiwe atwarwa na bwo.
14Maze kubona ko batariko bakorera mu kuri kw’Ubutumwa Bwiza, nabwiye Kefa imbere y’abari aho bose nti: “Nimba wewe Umuyuda, wahevye imigenzo y’Abayuda ukabaho nk’Umunyamahanga, ni kuki ugoberera Abanyamahanga gukurikiza imigenzo y’Abayuda?
15Twebwe twavutse turi Abayuda, ntituri Abanyamahanga b’abanyavyaha.16Ariko ico tuzi ni uko umuntu atemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera ibikorwa vy’ivyagezwe, ahubwo abihabwa no kwizera Kristo Yesu. Natwe nyene twizeye Kristo gutyo turonka kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi kubera kumwizera, atari kubera gukurikiza ivyagezwe, kuko ata muntu n’umwe azokwemerwa n’Imana nk’umugororotsi kubera gukurikiza ivyagezwe.
17Ariko nimba turondera kwemerwa n’Imana nk’abagororotsi biciye mu kwizera Kristo, maze tukagaragara nk’abanyavyaha kuko twahevye ivyagezwe; mbega bisigura ko Kristo abaye umukozi w’icaha? Haba na mba!18Ahubwo noba mbaye umunyavyaha, hamwe nosubira kwubaka ivyo nasambuye.
19Kuko ngerageje gukurikiza ivyagezwe, birantsindisha. None rero, ku bijanye n’ivyagezwe, narapfuye, kugira ngo mbeho nkorera Imana. Nabambanywe na Kristo,20si jewe nkiriho; ariko ni Kristo ariho muri jewe. Nkiri muri uwu mubiri, mbayeho mu kwizera Umwana w’Imana yankunze akitanga ku bwanje.21Simfata minenegwe ubuntu bw’Imana, kuko hamwe iyaba ukugororoka kwoshobora kuronkerwa mu vyagezwe, Kristo yoba yapfiriye ubusa.”

Biblica, Inc.

https://app.library.bible/content/916af8770096015e